'Abanyamakuru batanu muri 20 bishwe mu gitero ca Israel ku bitaro' -abategetsi bo muri Gaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Yolande Knell
- Igikorwa, BBC News, Jerusalem
- Umwanditsi, Raffi Berg
- Igikorwa, BBC News, London
Abantu nibura 20, barimwo abanyamakuru batanu bakorera ibinyamakuru mpuzamakungu, bivugwa ko bishwe mu gitero ca Israel ku bitaro vyo mu bumanuko bw'intara ya Gaza.
Uwufata amasanamu (cameraman) n'umunyamakuru wa Associated Press ari muri abo bishwe muri ico gitero co ku bitaro vya Nasser. Abandi bamenyeshamakuru babiri bivugwa ko bakorera Al Jazeera na NBC.
Abandi bantu benshi bakomeretse mu gitero catanguye, abandi mu kigira kabiri cabaye igihe abatabara bariko barafasha abakomeretse mu ca mbere, nk'uko bivugwa n'urwego gisivire rwo kwivuna mu muhari Hamas.
Igisirkare ca Israel n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere bavuze ko ataco bashoka babivugako.
Amasanamu y'aho vyabereye yerekana umwotsi uriko urafumba uduga uva mu gice co hejuru c'igorofa aho biboneka ko hononekaye kuri ivyo bitaro vya mbere binini mu bumanuko bwa Gaza.
Hanze abantu biruka bakoma induru mu kajagari, humvikana amahoni ya ambiransi.
Muri video imwe, mu gihe umuganga yari afashe impuzu ziriko amaraso ariko arazereka abamenyeshamakuru haciye haba ikindi gitero.
Ingabo za ISrael IDGF zisanzwe zijanira abanyamakuru gukwirikirana iyo ntambara, ariko ibigo vy' itangazamakuru vyinshi bizera inze ku banyamakuru basanzwe baba muri Gaza kugirango bishobotre kuronka inkuru y'imvaho.

Ahavuye isanamu, EPA, AP, Reuters
Itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryavuze ko uwufata amasanamu yaryo, Husam al-Masri, ari mu bishwe. Associated Press yavuze ko Mariam Dagga, umumenyeshamakuru yigenga yakorera iryo tororokanirizo, nawe yishwe. Ryavuze ko ''ryashegeshwe kandi ritewe agahinda'' n'urupfu rw'uwo munyamakuru w'imyaka 33.
Abandi bivugwa ko bari Mohammed Salameh yakorera Al Jazeera, n'umufotozi Muath Abu Taha yakoreshwa na terevision yo muri Amerika NBC.
Urwero gisivire rwo kwivuna muri Hamas ruvuga ko abantu 15 bishwe, harimwo umwe warwo, nk'uko bitangazwa n'itororokanirizo AFP.
Ico gitero co ku wa mbere kibaye haheze indwi zibiri abanyamakuru batandatu, barimwo bane bo muri Al Jazeera, biciwe hafi y'ibitaro vya a al-Shifa muri Gaza City.
Urwego rwa ONU rujejwe agateka ka zina muntu rwiyamirije ubwi bwicanyi ruvuga ko ari uguhonyanga amategeko mpuzamakungu.
Ingabo za Israel zivuga ko zari zarondeye kwica Anas al-Sharif, umunyamakuru azwi cane wa Al Jazeera, zivuga ko ''yakora nk'umukuru w'akagwi k'iterabwoba muri Hamas.''
Committee to Protect Journalists (CPJ), rimwe mu mashirahamwe azwi cane agwanira uburenganzira bwo kumenyesha amakuru, yavuze ko Israel yananiwe no kwerekana ivyemezo bishigikira ivyo yavuze.













