Abamenyeshamakuru batanu bo muri Gaza bishwe n'igitero ca Israel

Abo mu rwego gisivire rwo kwivuna muri Gaza bariko barazimya umuriro mu modoka ariko ikimenyetso ''Press'' (itangazamakuru) mu mwango w'inyuma inyuma y'igitero ca Israel mw'ikambi y'impunzi ya Nuseirat
(26/12/24)

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Iyo modoka ifise ikimenyetso kigaragara ko ari iy'abamenyeshamakuru yari ihagaze imbere y'ibitaro igihe yagemwa
    • Umwanditsi, Raffi Berg
    • Igikorwa, BBC News

Imboneshakure yo muri Palestina ivuga ko abamenyeshamakuru bayo batanu bishwe mi gitero ca Israel hagati mu ntara ya Gaza.

Bari mu modoka ya Quds Today yari ihagaze hanze y'ibitaro Al-Awda, aho bivugwa ko umugore w'umwe muri abo bamenyeshamakuru yari arindiriye kuvyara, mw'ikambi y'impunzi ya Nuseirat.

Iyo mboneshakure yashize ku mbuga hwaniro ico ivuga ko ari imodoka iriko iraka umuriro ifise icapa ''press'' (itangazamakuru) ku myango y'inyuma.

Ingabo za Israel (IDF) zavuze ko zarondera ''abakozi ba Islamic Jihad bigira abamenyeshamakuru'' kandi ko ibikenewe vyakozwe kugira ntihagire umunyagihugu asanzwe ahamerererwa nabi.

Ishirahamwe ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee to Protect Journalists (CPJ) ryavuze ko ryarengewe n'ivyashitse.

''Abamenyeshamakuru n'abanyagihugu basanzwe (abasivire) kandi bategerezwa gukingirwa buri igihe,'' niko ryavuze.

BBC ntiyashoboye guhinyuza ibivugwa n'inpande zompi, mu gihe ibinyamakuru mpuzamakungu bitemerewe gushika no gukorera mu bwigenge muri Gaza.

Quds Today ifitaniye isano n'uwo muhari wa Palestinian Islamic Jihad (PIJ) wagize uruhara mu bitero vyo ku wa ndwi ukwezi kw'icumi mu 2023 vyari birongowe na Hamas kuri Israel.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo bitero ata bindi nk'ivyo vyari bwigere biba ni vyo vyandurukije iyo ntambara yo muri Gaza. Iyo television bivugwa ko ikoresha amafaranga ihabwa n'uwo mugwi.

Israel yavuze ko amazina y'abo bagabo batanu bishwe ari Ibrahim Jamal Ibrahim Al-Sheikh Ali; Faisal Abdallah Muhammad Abu Qamsan; Mohammed Ayad Khamis al-Ladaa; Ayman Nihad Abd Alrahman Jadi; na Fadi Ihab Muhammad Ramadan Hassouna.

Yavuze ko amakuru atandukanye y'igendereza yemeje ko bose bari abakozi ba PIJ, kandi ko urutonde rwatowe mu bikorwa muri Gaza ''rwavuga ata gukeka ko bane'' muri bo bari bo.

Mw'itangazo, Quds yavuze ko abo bagabo ''bishwe mu gihe bariko bararangura imirimo y'abo y'ubumenyeshamakuru n'ugufasha abari mu kaga''.

Kuva mu kwezi kwa 12 mu 2020, nibura abamenyeshamakuru 133 bo muri Palestina baramaze kwicirwa muri iyo ntambara, bituma ari yo ntambara ya mbere imaze kugwamwo abamenyeshamakuru benshi gushika ubu, nk'uko bivugwa na CPJ.

Iryo shirahamwe rigwanira ubwigenge bwo kumnenyesha amakuru risaba ko hoba ababazwa ivy'abamenyeshamakuru batewe bigambiriwe n'igisirikare ca Israel.

Ahandi mw'ijoro riheze, abantu batanu barishwe abandi baharurwa mu mirongo barakomereka inyuma y'aho Israel itereye ikibombe ku nzu yo muti karitiye ya Zeitoun mu gisagara ca Gaza.

Itororokanirizo ry'amakuru Wafa ryo muri Palestina n'ubushikiraganji bw'amagara butwarwa na Hamas bavuze ko abandi bantu 20 bakomeretse muri iyo karitiye ya al-Zeitoun.

Igisirikare ca Israel ntaco kiravuga kuri ico gitero c'ibombe kivugwa.

Hagati aho se w'umwana w'umukobwa w'amayinga abiri yabwiye BBC ko umwana wiwe yakonje gushika aho apfa mw'ihema muri Gaza - umwana wa gatatu apfuye muri ubwo buryo mu ndwi imwe.

Icizere c'uko haboneka amasezerano yo guhagarika intambara catanguye kuyoyoka, Hamas na Israel bompi bagirizanya gutera amananiza.

Hamas yagiriza Israel kuzana ivyo isaba bishasha bituma amasezerano ateba.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko uwo muhari uriko urahakana ivyo bari bamaze kwumvikanako mu nzira y'amasezsrano yo guhagarika intambara.

Ayo majambo agaragaza icahindutse mu mvugo ku mpande zompi.

Igisirikare ca Israel cagavye ibitero vyo mu kirere no ku butaka inyuma y'aho Hamas itereye Israel mu mwaka uheze ikica abantu hafi 1.200 igatwara bunyago abandi 251.

Kuva ico gihe, abanya-Paletina 45.000 baramaze kwicwa muri ivyo bitero vya Israel, ku bw'ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara. Abantu hafi miriyoni zibiri (2.000.000) ni ukuvuga 90% y'ababa muri Gaza barateshejwe ingo zabo, ku bwa ONU.

Jaroslav Lukiv yatereye muri iyi nkuru.