Perezida Trump mu rugendo mu burasirazuba bwo hagati.

Muri runo rugendo rwamushikanye muri Arabia Saudite, perezida Trump yari yaherekejwe n'ibihangange mu butunzi no mu buhinga bwa none, ndetse n'abanye politike bakomakomeye, nka Elon Musk, n'abayobozi nshingwabikorwa ba Boeing, Google, Amazon, Coca-Cola n'abandi.

Impamvu bajanye na we, n'uko perezida wabo yiteze gukura amasezerano akomeye mu biganiro yiteze kugirana n'aba bategetsi bo mu burasirazuba bwo hagati.

Ni amafaranga aharurwa muri za miliyaridi z'ama dollars aciye mu mitahe izoshorwa na Arabia Saudite muri Amerika, mu bisata bitandukanye kuva ku ngendo zo mu kirere, ubwenge butari karemano -AI, no gushika mu masoko ntanganguvu.

Nta kiza kingana kuba kumwe amaso mu yandi mu gushira igikumu ku mwumvikano. Abenshi muri aba banyacubahiro b'ibihangange mu butunzi, bari bamaze kubonana n'umutegetsi wa Arabia Saudite, umuganwa wo mu nda y'ingoma Mohammed bin Salman mu zindi ngendo bari bamaze kugira muri Arabia Saudite, canke we nyene ubwiwe yagize muri Amerika.

Ingoma ya Arabia Saudite ikeneye isoko rya Leta zunze Ubumwe za Amerika, n'ubuhinga bwa none buteye imbere bwo muri ico gihugu. Aho ni mu gihe Amerika irajwe ishinga n'uturusho ishobora gukura ku bwami bwa Arabia Saudite.

Uru rugendo rubaye urwa mbere rukomeye perezida wa Leta zunze Ubumwe za Amerika agize kuva asubiye ku ntebe y'ubutegetsi. Ikimugenza cane cane ni ukuhavana amasezerano yo gushora imitahe mu butunzi bwa Amerika- aho binuganurwa ko ashobora kuhavana ayaharurwa muri miriyaridi ijana z'ama dollars avuye gusa mu masezerano yo kugurisha ibirwanisho.

Mu bakoranye mu ntoke harimwo Perezida Trump we nyene ubwiwe, umukuru wa Arabia Saudite Mohammed bin Salman, n'abandi banyacubahiro bakiriwe Riyadh bagahabwa n'inzimano, barimwo abakuru ba OpenAI na Nvidia, hamwe rero n' umuhanuzi wa Trump akaba n'umukuru wa Tesla Elon Musk.

Imbere yo gutangura gushira igikumu ku masezerano atandukanye y'imigenderanire hagati y'ibihugu vyompi, perezida Trump n'umwami wa Arabia Saudite babanje gushira igikumu ku rwandiko rwemeza umugambi w'ayo masezerano, na yo akaba yitezwe gushirwako igikumu mu nyuma.

Perezida Trump yumviswe n'abanyamakuru avuga ko yibaza ko we n'umuganwa Mohammed bin Salman 'babaye abagenzi', yibutsa n'urugendo yagize mu gihe c'ubutegetsi bwiwe ca mbere mu 2017.

Icagaragaye nk'agahaze muri urwo rugendo rwo mu burasirazuba bwo hagati gushika ubu ni ibiganiro n'abategetsi ba Israel ku bijanye n'intambara yo muri Gaza.

Umunyamakuru wa BBC ari muri Amerika aravuga ko Israel yagerageje ibishoboka vyose kugirango yumvishe Trump ko muri urwo rugendo yokwongerako Israel ku rutonde rw'ibihugu azogendera ariko ntivyakunda.