Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump avuga kw'ikumira rya Qatar ari inzira yo kurangiza iterabwoba
Prezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagize ico avuga ku ruhagarara ruri mu bihugu vy'abarabu kubera ivyo Qatar iregwa, avuga kw'ikumira ry'ico gihugu bishobora kuba inzira yo kurangiza ibikogwa vy'iterabwoba kw'isi.
Bwana Trump yashigikiye Arabie Séoudite na Misiri mu ngingo ivyo bihugu vyafashe yo gukumira igihugu ca Qatar, mu butumwa bwinshi yacishije ku mbuga hwaniro ya Twitter.
Ivyo bihugu ukwo ari bibiri vyafashe ingingo yo kubuza indege z'igihugu ca Qatar guca mu kirere bigenzura.
Umushikiranganji w'imigenderanire ya Qatar n'amakungu yabwiye BBC ko ubutegetsi bwa Qatar bwabwiye Bwana Trump ubwiwe mu rugendo yarimwo mu karere k'ubuseruko bwa hagati, ko bwiteguye kuja mu biganiro ngo buvugane kuri ico kibazo kugira hatogwe umuti.
Emir wa Koweit agiye gufata urugendo rumushikana muri Arabie Séoudite, ngo bavugane n'ubutegetsi bw'ico gihugu ku vy'ico kibazo.