'Nakuze mfitiye ishavu abishe data Ndadaye, ariko ubu ndabumvira ikigongwe' - Libertas Ezako

Libertas Ezako

Ahavuye isanamu, LIBERTAS EZAKO

Insiguro y'isanamu, Igihe se wiwe yagandagurwa Libertas Ezako yari afise imyaka ibiri

Igihe prezida Melchior Ndadaye yagandagurwa n'akagwi k'abasirikare itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, umwigeme Libertas Ezako, umwana wiwe w'umuhererezi, yari afise imyaka ibiri.

Uwo mwigeme, afise agashusho ka se wiwe kurusha abandi bavukana, umubajije ico basangiye mu nyifato, avuga atwenga ati "Ndiyemera, kandi ndakunda abantu."

Avuga kandi ko "ndi umuntu adatinyitse kwegera, umuntu ashobora kumvugisha ata bwoba, nibaza ko na data ari ko yari ameze.

"N'umuntu kandi abantu bakunda kwumviriza. Nibaza ko nanje abantu bakunda kunyumviriza''.

Si ivyo gusa avuga ko bahuriyeko. Prezida Melchior Ndadaye yari afise 'Ceinture noire' muri Karate, umukobwa wiwe Libertas Ezako na we akina ingumu (kickboxing).

Libertas Ezako mu myimenyerezo ya kickboxing mu Bubiligi

Ahavuye isanamu, LIBERTAS EZAKO

Insiguro y'isanamu, Libertas Ezako mu myimenyerezo ya kickboxing mu Bubiligi

'Gukura utagira so ni igihombo gikomeye'

Libertas avuga ko ubu ari ho abona ko kuba yakuze atagira se vyamuteye igihombo gikomeye.

Agira ati: "Ntivyari vyoroshe, ubu nkuze ni ho mbona ko nari nkeneye data kugira anyereke inzira, ampanure yongere antere intege. Cane cane data nka Melchior Ndadaye."

Igihe se wiwe yagandagurwa Libertas na basazawe babiri, Uwihuse Moya Gueva, w'imyaka 39, na Ryinkanga Davy, w'imyaka 37, be na nyina wabo Laurence Ndadaye bahungiye mu buserukizi bw'Ubufaransa mu Burundi.

Aho bahavuye bahungira mu gihugu c'Ububiligi, ni naho n'ubu bakiba.

Ariko Libertas na nyina wiwe, mu gihe co kwibuka imyaka 30 iheze perezida Ndadaye agandaguwe, bo bari mu Burundi.

Uwo mwigeme w'imyaka 32 n'aho yari muto ngo yarabona ko hari ibintu biriko biraba bidasanzwe igihe urugo rwabo rwaterwa mu nyuma se wiwe akicwa.

Agira ati: "Ndibuka ko naguma mbaza mama aho data ari. Ivyo ndavyibuka.

"Ntivyari vyoroshe gusigurira umwana w’imyaka ibiri ko se wiwe yishwe n’abasirikare bafise akazi ko kumucungerera umutekano no gucungera umutekano w'igihugu."

Libertas Ezako ari kumwe na nyina wiwe Laurence Ndadaye i Bujumbura mu Burundi

Ahavuye isanamu, LIBERTAS EZAKO

Insiguro y'isanamu, Libertas Ezako ari kumwe na nyina wiwe Laurence Ndadaye i Bujumbura mu Burundi

Yiyumvira iki ku bishe se n'ubutungane?

Ubajije Libertas Ezako ico yiyumvira ku bagandaguye se wiwe, akwishura ati: "Nakuze ndabafitiye ishavu, ariko ubu ndabumvira ikigongwe."

Ku kibazo co kubagirira imbabazi, avuga ko bikigoye.

Ati: "Nibaza ko muri jewe ata shavu n’urwanko nkifise. Ikigongwe kiragoye gutanga kuko nta butungane buraba."

Abandanya avuga ati: "Nibaza ko igihe cose hataraba ubutungane ku vyabaye mu 1993, no ku ntambara yakurikiye, bizogorana kwitura uwo mutwaro no kwiteza imbere nk’igihugu."

"Ndakunda Uburundi", niko Libertas avuga kandi ngo iyo ari mu gihugu yiyumva neza cane.

Kuva i bubamfu uja i buryo: Uwihuse Moya Gueva, Libertas Ezako na Ryinkanga Davy mu 2017

Ahavuye isanamu, LIBERTAS EZAKO

Insiguro y'isanamu, Libertas na basazawe babiri, Uwihuse Moya Gueva (i bubamfu) na Ryinkanga Davy (i buryo) mu 2017

Iragi rya se ku Burundi

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muhererezi mu muryango wa Ndadaye ubu akora akazi ko kwishingira imigambi, avuga ko se wiwe yasigiye Uburundi iragi ryiza.

Agira ati: "Ubwa mbere nk’ikimenyetso. Kuba dufise demokrasi n’imigambwe myinshi tubikesha we.

"Ikibazo ni uko ubu iragi ryiwe - ico n’iciyumviro canje - mbona ko rizozimangana mu gihe tutorikoresha, tutorivuga ngo turibwire abakiri bato.

"Ubu imyaka 30 iraheze, sinzi ko abakiri bato bavutse mu myaka ya 2000, bategera ivyabaye mu 1993 nk’uko twebwe twabibayemwo. Ntitureke urwo rubeya ngo ruzime."

Inyuma y'imyaka 30 prezida Melchior Ndadaye yishwe, ntiharamenyekana ukuri kuvyabaye kw'itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993 n'inyuma y'aho, n'aho umuryango washingishije urubanza.

Umusigwa wiwe Laurence Ndadaye avuga ati: "Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?

"Ukibaza uti 'none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?'

"Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii".

N'umukobwa wiwe avuga ko Uburundi ari ''igihugu ciza gifise vyinshi vyoshobora kugiteza imbere, gifise ubushobozi bwinshi bwo kuba igihugu gikomeye.

''Ariko ni ukubanza gutorera inyishu ibibazo tumaranye igihe kirekire."