Ndadaye Melchior: Inyuma y'imyaka 30 yishwe bamwe bati yaturaze demokrasi, abandi bati amacakubiri

Prezida Melchior Ndadaye

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Melchior Ndadaye yagandaguwe mu 1993

Prezida Melchior Ndadaye yagandaguwe n'akagwi k'abasirikare kari gahejeje gutembagaza intwaro yiwe itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993. Yari amaze imisi 102 gusa ku butegetsi.

Ijoro rya 20-21 Gitugutu mu 1993, ''la nuit fatidique'', ijoro ryabaye intango ya zimwe mu ndyane kandi zamaze igihe kirekire Uburundi bwaciyemwo muri iyi myaka 30 iheze, umusi ku wundi.

Umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye ntiyishwe muri iryo joro, ariko ni ho ku kirimba yabamwo - Palais du 1er Novembre hagati mu gisagara ca Bujumbura - hatangura kwasirana ibisasu vya muzinga vy'akagwi k'abasirikare kari kaje kumutera.

Ubu Melchior Ndadaye yibukwa nk'incungu ya demokrasi mu Burundi buri itariki 21 z'ukwezi kwa cumi kandi uba ari umusi w'akaruhuko.

Yari yabisikanije ku butegetsi Prezida Maj Pierre Buyoya itariki 10 z'ukwezi kw'indwi mu 1993.

Umugambwe Sahwanya-Frodebu wari wamushize imbere wari watsinze ku majwi 65,68%.

Uprona yari imaze imyaka irenga mirongo itatu ku butegetsi, waronse amajwi 32,86%.

Imyiyamamazo yari yaranzwe n'imishamirano aho impande zose (Uprona na Frodebu) zashikiriza amajambo zagirizanya ko adahumuriza.

Kuri Frodebu amajambo nka "susuruka", "Kanura burakeye", "Hagarara bwuma", "Inivo n'ugutwi" yafatwa n'abo batavuga rumwe, cane cane bo mu mugambwe Uprona, ko ari imvugo yeruye yo guhamagarira abahutu kwica abatutsi.

Sahwanya-Frodebu yari yiganjemwo abahutu, mu gihe Uprona watsindiye intahe yo kwikukira mu 1962, na wo wari wiganjemwo abatutsi.

Incungu itavugwako rumwe

Léonce Ngendakumana
Insiguro y'isanamu, Léonce Ngendakumana, yagendanye n'umuhisi Melchior Ndadaye, avuga ko aterekwa abashaka gushikira ubutegetsi bakoresheje igikenye
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Léonce Ngendakumana yahoze arongoye Frodebu akaba yaranabaye umukuru w'inama nshingamateka, arahakana ko Prezida Melchior Ndadaye atigeze yigisha amacakubiri.

Agira ati: "Ndadaye ndamuzi kuva mu myaka ya 70. Yari umuntu yigisha politike mu banyeshure bari bahungiye mu Rwanda, ariko yaranka amacakubiri no gukoresha inguvu.

"Ni yo mpamvu atigeze yifatanya na Palipehutu kuko bobo bashira imbere gukoresha inguvu."

Kuri Léonce Ngendakumana rero, ngo Prezida Ndadaye azokwama yibukwa nk'uwazanye demokrasi n'agateka kuri bose.

Ivyo ariko umwigisha wa kaminuza akaba n'umunywanyi w'umugambwe Uprona, Evariste Ngayimpenda, avyamirira kure.

Agira ati: "Prezida Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Biragoye kuvuga iragi ryiwe ariko ibikorwa vy'abo yasize ari vyo na we yari gukora, biragaragara ko ata ragi ryiza yadusigiye.

"Ahejejwe kwicwa, abanywanyi biwe baciye barengera mu batutsi barasasika, aha na jewe ndi umucika cumu ntugire iyo bamfata mba ndiko ndavugira ngaha."

Prof Evariste Ngayimpenda
Insiguro y'isanamu, Ngayimpenda abandanya avuga ko ata ragi ryiza abona Melchior Ndadaye yasize

Ngayimpenda abandanya avuga ko ata kwaha n'izosi, Frodebu na Palipehutu bigisha bimwe.

Agira ati: "Kuba Ndadaye atatinyuka kwigisha amacakubiri ku mugaragaro mu Rwanda, n'uko yari azi neza ko vyomugirako ingaruka.

"Amareta yari ahurikiye mw'ishirahamwe CEPGL (Communauté Economique des Pays des Grands Lacs, ari vyo Uburundi, u Rwanda na DRC), bari barumvikanye ko ata mpunzi yova muri kimwe muri ivyo bihugu ngo ije guhungabanya umutekano w'igihugu yahunze ivamwo.

"Gahutu Rémy yabirenzeko yaciye yirukanwa mu Rwanda."

Jean de Dieu Mutabazi arongoye umugambwe RADEBU ariko akaba yari umunywanyi wa Frodebu kuva igikorera mu kinyegero, avuga ko Melchior Ndadaye yamye yigisha demokrasi, agateka ka zina muntu kuri bose, ukwishira n'ukwizana no kudahirahira ngo hagire uwukoresha inguvu.

Agira ati: "Jewe nari mu bantu bumva ko hakwiye gukoreshwa inguvu, ariko Melchior Ndadaye mu nyigisho ziwe yarabidukuyemwo."

Yongerako ati: "Ndadaye yarabona ko habaye amatora gihutihuti, abantu badateguwe neza kubana, vyagaragara ko hashobora kuba ikibazo.

"Yarasavye abatwara ico gihe [Uprona], ngo babangire kugira amatora, ahubwo babanze bashireho reta mfatakibanza ariko baranana."

Jean de Dieu Mutabazi
Insiguro y'isanamu, Jean de Dieu Mutabazi asaba ko abarundi bose borindirira hamwe icibutso rusangi co kwibuka ababo biciwe mu ndyane zitadukanye

Mu kubandanya yerekana ko ivyo Ndadaye yagirizwa vy'amacakubiri atari vyo, Mutabazi atanga akarorero kuri reta yashinze amaze gutsinda.

Avuga ko yagenye ibice 40% vy'abamuka mu mugambwe Uprona kandi ashiramwo abahutu n'abatutsi hamwe n'abagore mbere n'umushikiranganji wa mbere, Sylvie Kinigi, akaba yari umugore yamuka muri Uprona kandi w'umututsikazi.

Ivyo vyose ngo akabigira ata tegeko rihari ryabimutegeka.

Evariste Ngayimpenda wo muri Uprona yibutsa umugani "ivyo unkorera utangishije inama, biba ari ivyo kungwanya." (Ce que tu fais pour moi, sans moi, tu le fais contre moi").

Ati: "Ni vyo yarabagenye mu mabanga ariko ntibatanzwe n'umugambwe wabo Uprona."

Na Uprona iratungwa agatoke ko yagiye mu matora ititeze gutsinda, ko gusa yari yizeye igisirikare.

N'amajambo yakoreshwa ngo yaravyerekana. Nka "Iteka aho ryamye" canke ngo "ushaka kuvyara ugaheka tora Buyoya".

Jean de Dieu Mutabazi yagiriza bamwe mu bategetsi ba Uprona ko bari mu bateguye urupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye ngo "kuko umusi yicwa bari mw'ikambi ya gisirikare yiciwemwo."

Ivyo abategetsi ba Uprona bagumye babihakana.

Gushika ubu ivyerekeye urubanza rw'abishe Prezida Melchior Ndadaye ntibiradadanuka.

Ukwibuka Ndadaye bifatwa kumwe ku Bahutu n'Abatutsi?

Icibutso co kw'i Bubu
Insiguro y'isanamu, Icibutso c'ahatuririwe abanyeshure biga mu Kibimba itariki 22 z'ukwezi kwa cumi 1993

Nta giharuro kanuni kiramenyekana c'abantu bishwe inyuma y'urupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye.

Ikizwi gusa n'uko abantu ibihumbi n'ibihumbi bishwe abandi benshi bahungira mu gihugu hagati no hanze yaco.

Abatutsi bavuga ko abahutu bo muri Frodebu baciye birara mu babanyi babo b'abatutsi barabica bavuga ko bariko barahora prezida.

Aha abahutu na bo bagiriza igisirikare bavuga ko cari kigizwe n'ubwoko bumwe bw'abatutsi, ko caciye kibiraramwo kirabica hirya no hino mu gihugu.

Evariste Ngayimpenda avuga ati: "Prezida yishwe itariki 21 ariko bukeye aba Frodebu baciye batangura kwica abantu ata co bazira.

"Abo bose bakwiye kubazwa Frodebu."

Mutabazi Jean de Dieu we si ko abibona, ahubwo avuga ko abapfuye bose bakwiye kubazwa abatembagaje ubutegetsi bakagirako bakica n'umukuru w'igihugu yitorewe n'abanyagihugu.

Ku kibazo co kwibuka abo bishwe ku mpande zose, Léonce Ngendakumana na Evariste Ngayimpenda barahuriza ko reta yoreka ababo bakaza barabibuka mu gihe hakirindiriwe icibutso rusangi gitegekanywa n'amasezerano ya Arusha co kubibukira hamwe.

Mutabazi we si ko abibona.

Ati: "Nibarindire bose, gushika umugwi CVR (Commission Vérité et Réconciliation) utange intumbero. Na jewe narabuze abanje mu 1972 kandi ndacarindiriye.

Taba
Insiguro y'isanamu, Icibutso c'abanyagihugu 173 biciwe ku misozi ya Kanyonga na Kagoma

Inyuma y'igandagurwa rya Melchior Ndadaye, hakurikiye ibiganiro bitandukanye vyo kugabangana ubutegetsi, bamwe mbere bita "amagaburanyama", uhereye ku vyabereye mu gihugu (Kigobe na Kajaga), ivya Arusha vyarangiye mu 2000, ivyahuje reta n'imigwi igwana, mu 2003 (CNDD-FDD) na 2007 (PALIPEHUTU-FNL).

Muri ico gihe cose harabaye ubwicanyi bwakozwe n'impande zose.

Akarorero ni abanyeshure biga mu Kibimba biciwe kw'i Bubu itariki 22 z'ukwezi kwa cumi 1993, abanyagihugu 173 bo ku mitumba wa Kanyonga na Kagoma muri komine Taba, bishwe n'igisirikare c'Uburundi itariki 9 z'ukwezi kw'icenda mu 2002 hamwe n'abanyeshure b'i Buta bagandaguwe n'umuhari wa CNDD-FDD itariki 30 z'ukwezi kwa kane mu 1997.

Ukuri ku vyabaye kuva Prezida Melchior Ndadaye agandaguwe haraheze imyaka 30, kuri mu biriko birakorwako n’umugwi w’igihugu ujejwe ukuri no kunywanisha, CVR.

Uwo mugwi uramaze gushikiriza ivyegeranyo mu nama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye, ariko uburyo ukoramwo ntibushimwa na bose.

Buta
Insiguro y'isanamu, Icibutso c'abanyeshure 40 biciwe kw'ishure ry'abiga kwihebera Imana i Buta