'Namenye ntevye ko umucance wanje Ndadaye bamugandaguye ... nabikiwe na musenyeri Bududira' - Laurence Ndadaye

Laurence Ndadaye
Insiguro y'isanamu, Muri Camp Muha Laurence Ndadaye avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga " Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!".
    • Umwanditsi, Na Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuza

Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe itariki 21 z'ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n'abana biwe batatu.

Prezida Melchior Ndadaye yari yatahutse mu Burundi ava mu buhungiro mu gihugu c'Urwanda mu 1983, aca yubakana na Laurence Ndadaye mu 1984.

Bubaye ubwa mbere umupfasoni wa Melchior Ndadaye avuga ku vyabaye ku mugabo wiwe.

Laurence Ndadaye namusanze muri quartier ya Mutanga Nord muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.

Hari n'umwana wiwe w'umuhererezi Libertas Ezako ubu afise imyaka 32. We aba mu gihugu c'Ububiligi.

Igihe se wiwe yicwa yari afise imyaka ibiri gusa.

Ikirundi kiramugora ariko uhashitse, aratwengatwenga ariko arakwakira avuga ikirundi "karibu... murakomeye? Egooo" ... Ivyo akabivuga ari na ko amwenyura.

Iruhande yiwe, nyina aba ariko arumviriza anamutera n'intege " bandanya uzokimenya".

Uwo mupfasoni w'imyaka 63 agira ati: "Umwana yavuye ngaha afise imyaka ibiri, n'ubundi aragerageza."

Inyuma y'igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye, baciye bahungira mu gihugu c'Ububiligi. Gushika n'ubu ni yo baba.

Laurence Ndadaye, ariko arerekana amafoto y'abana biwe, aracishamwo ati "uwo rero ni we basa na se". Avuga Libertas.

Umubajije ivyerekeye umucance wiwe urabona ko bimugora gusohora. Hari n'aho ashika agaca avuga ati "reka tureke kuzura akaboze".

Libertas Ezako
Insiguro y'isanamu, Libertas Ezako, se yishwe afise imyaka 2, asaba ko haba ubutungane kw'iyicwa rya prezida Ndadaye Melchior

Ndadaye na politike yo mu kinyegero

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva bakimenyana na Ndadaye, Laurence avuga ko yumva ko ari umuntu akurikirana ivya politike cane.

Mu makete bandikiranira akiri mu gihugu c'Urwanda, Melchior Ndadaye yamusaba ibintu bibiri: guhanahana amakuru no kubandanya yiga.

Laurence Ndadaye agira ati: "Aramutse anyandikiye yarungika impapuro nka zitanu.

"Nanje n'aho nishura ku rupapuro rumwe, naragerageza kumubwira inkuru zo mu Burundi".

Mu 1976, akiri impunzi mu gihugu c'Urwanda yarashinze umuhari witwa Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE).

Mu 1979 na ho yarashinze umugambwe witwa UBU (Umugambwe w'abakozi b'i Burundi).

Laurence Ndadaye avuga ko umugabo wiwe yaguma arondera ihuriro abantu bashobora kuyagiramwo ivy'igihugu, gushika aho ashinga umugambwe Sahwanya-Frodebu.

Agira ati: "Ari mu bashinze ishirahamwe rya mbere riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Ligue Iteka."

Prezida Ndadaye kandi ngo ntiyarya umunwa.

Ivyo vyamuviriyemwo gupfungwa azize ivyiyumviro yari yashikirije mu nama yari yatumweko n'uburongozi bw'intara ya Gitega aho yari asanzwe akorera, mu kwezi kwa cumi mu 1988, yiga ku kibazo ca Ntega-Marangara (Reta y'ico gihe yamenyesheje ko ubwicanyi bushimikiye ku bwoko bwahitanye abashika 5000).

Laurence Ndadaye agira ati: "Kubera ivyiyumviro yashikirije mu nama ku ku ngene ikibazo ca Ntega-Maranga cotorerwa inyishu bitanezereye abategetsi, yaciye afatwa arapfungwa amezi abiri.

"Yabanje gupfungirwa muri SNR (Service National de Renseignement) [iperereza] i Bujumbura, imbere yo kwungururizwa mw'ibohero rya Rumonge.

Umupfasoni w'umuhisi Melchior Ndadaye avuga kandi ko umucance wiwe yanse kuja mu murwi w'igihugu wari ujejwe kwiga ikibazo c'ubumwe bw'Abarundi.

Agira ati: "Kubera intumbero yabona bashaka guha iyo 'commission' ku kibazo c'ubumwe bw'Abarundi yaciye ayivamwo.

"Aravuga ati 'jewe kubera ivyiyumviro vyanje mfise, mbona ntobikora uko muvyipfuza'".

Marie Ndadaye, Melchior Ndadaye na Laurence Ndadaye

Ahavuye isanamu, FAMILLE NDADAYE

Insiguro y'isanamu, Kuva i Bubamfu uja i buryo: Marie Ndadaye (mushiki wa Melchior Ndadaye), Melchior Ndadaye na Laurence Ndadaye mu 1982. Laurence yari yagiye kuramutsa umukunzi wiwe i Butare mu Rwanda

Intsinzi ya Frodebu

Laurence Ndadaye avuga ko yakurikirana ibikorwa vya politike vy'umugabo wiwe, kandi ko yitaba n'imyiyamamazo.

Ariko avuga kandi ko vyashika bakaja mu ma "meeting" batababwiye.

Agira ati: "Umusi umwe bateguye meeting i Ngozi, hanyuma ntibatubwira ngo tujane.

"Twebwe abapfasoni babo, natwe twaciye tuja hamwe turondera umuduga n'umushoferi, babona duhuriyeyo.

"Baratangaye baratubaza ico twaje gukora, natwe tuti twiyiziye muri 'meeting' nta kindi twebwe tubasavye".

Laurence avuga ko ico gihe mu yindi migambwe hari higanjemwo abagabo gusa. Ngo bashaka ko muri Frodebu abapfasoni na bo bagira ijambo.

Asigura ico yibaza coba cari catumye abacance babo batabatwara mu myiyamamazo, avuga ko ahanini hoba hari habaye ikibazo c'uburyo.

Ati: "Sinibaza ko kwari kubera umutekano, ahubwo uburyo kuko nta bwo twari dufise bukwiye.

"Urumva kujana umuryango, haca hajako imfungurwa amahoteli n'ibindi...".

Mu matora yo ku wa 01 Ruheshi (6) 1993, Frodebu yatahukanye intsinzi ku majwi arenga 65%.

Laurence Ndadaye yibuka ko bariko baratangaza amajwi, imitima yari mu kirere.

Ati: "Abasomye ivyavuye mu matora, bahereye ku barushijwe bahereza ku watsinze.

"Imitima yari mu kirere.

"Bavuze ko Frodebu yatsinze, humvikanye akaruru k'abantu banezerewe hirya no hino.

"Ku musi wo gushikiriza ubutegetsi, nanejerejwe no kubona abantu ku mabarabara buzuye akamwemwe."

Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Aho ngo yari amaze guhakwa kugandagurwa mbere bamwe mu bagirizwa ico caha bari mu mvuto.

Prezida Melchior Ndadaye

Ahavuye isanamu, BURUNDI GOV

Insiguro y'isanamu, Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi

Igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye

Itariki 20 z'ukwezi kwa cumi mu 1993 hari ku musi wa gatatu.

Prezida Melchior Ndadaye yari yiriwe mu nama nshikiranganji hanyuma ngo aratahuka nk'uko vyahora, ashika nk'isaha zibiri z'ijoro.

"Hariho ikintu kitagenda neza", uko ni ko yashitse abwira umugore wiwe.

Ariko ngo Ndadaye ntiyaduduriyeko neza.

Ariko, Laurence Ndadaye ngo yari yumvise urukurukuru ruvuga ko hashobora kuba 'coup d'Etat'.

Abandanya avuga ko prezida yahamagaye umuntu (atavuze izina) amubaza "mbe ba bantu bapfunzwe, ahantu bari haracungerewe bikwiye?"

Uwundi yaramwishuye ati: "Ego".

Laurence avuga ko abo bantu yabaza bari abari bahatswe kumutembagaza ku butegetsi ataranabushikirizwa.

Abandanya avuga ko hagati y'isaha zitandatu n'isaha imwe y'ijoro ari ho hatangura ibitero vya muzinga ku kirimba.

Agira ati: "Vya muzinga vyarungikanije ku mpome no ku nzu hejuru gushika mu gitondo.

"Ndadaye we yari yaciye asohoka hanze.

"Mu gitondo ni ho abasirikare badukura mu nzu twambaye impuzu zo kurarana duca dusanga umucance wanje muri blindé aho bamushize".

Laurence Ndadaye avuga ko baciye babazungurukana gushika no mw'ikambi ya Muha.

Aho ngo bararonse akanya ko kuvugana gato, aramubwira abantu yashoboye guhamagara bavuganye, n'abo yabuze, bivugwa ko boba bari bamaze gufatwa, nka Pontien Karibwami yari umukuru w'inama nshingamateka (mu mategeko ni we yari guca amusubirira mu mabanga y'umukuru w'igihugu) na Richard Ndikumwami yatwara iperereza.

Ndadaye ngo yamwishuye "ndi sûr [ndazi ata nkeka] ko bamaze kubica".

Laurence avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga bati "Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!".

Ngo bari bashushe rwose.

Abandanya avuga ko umusoda yitwa Gakoryo yaciye aza muri blindé amubwira ko abasoda bagumutse. Amubaza n'ico bokora.

Ndadaye na we amusaba ko amukura muri blindé, abasoda bamubone, abahumurize ari ico basaba canke bashaka kumubwira bakivugane.

Ndadaye avuye muri blindé yababwiye ati: "Muvuge ico mushaka, tuganire tucumvikaneko, mugabo ndabasavye mwibuke imiryango yanyu, abavyeyi banyu n'igihugu ntimukore amaraso".

Laurence Ndadaye avuga ko abasirikare baciye bakoma induru "genda wewe nta co utubwira na kimwe, genda... n'induru nyinshi".

Prezida Ndadaye ngo yaciye yururuka aragenda.

Mu nyuma Col Bikomagu yatwara ibiro bikuru vya gisirikare ngo yaciye aha itegeko umusirikare gukura Laurence Ndadaye n'abana biwe mw'ikambi ya Muha ariko atamubwiye iyo abajana.

Laurence Ndadaye aca yicagurira guhungira mu nzu y'Ubuserukizi bw'Ubufaransa.

Avuga ko yagiye kumenya ko Ndadaye yishwe ateba, kuko aho yari ari ata makuru yakurikirana.

Uwaje kumubikira akaba ari umuhisi musenyeri Bernard Bududira.

Muri ubwo buserukizi yahavuye ubutegetsi bwari buhari ico gihe bumusavye kuba arakinjura akaja kuruhukira mu Bufaransa canke mu Bubiligi.

Yahisemwo Ububiligi aho gushika n'ubu abana biwe baba.

Laurence Ndadaye n'umukobwa wiwe Libertas Ezako

Ahavuye isanamu, LIBERTAS EZAKO

Insiguro y'isanamu, Laurence Ndadaye n'umukobwa wiwe Libertas Ezako i Bujumbura mu Burundi

Urubanza rw'abishe Ndadaye

"Urubanza rwatevye rukamara imyaka 30 rudaciwe jewe nibaza ko rutaba ruriko ruracibwa", uko ni ko Laurence Ndadaye avuga.

Avuga ko umuryango witwaye, umugambwe yakomokamwo uritwara n'igihugu kiritwara.

Ubu rero ngo ntazi ururiko ruracibwa urwo ari rwo, ngo ariko barindiriye ikizovamwo.

Laurence Ndadaye agira ati: "Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?

"Ukibaza uti 'none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?'

"Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii".

Na yo kuri Libertas Ezako, umwana w'umuhererezi wa prezida Ndadaye avuga ko "igihe cose hataraboneka ubutungane kuri Ndadaye n'abandi bishwe muri kirya gihe, bizogorana kuvyakira kugira tuje mu bikorwa vyo kwiteza imbere".