Ebola yongeye kwaduka muri DR Congo

Ahavuye isanamu, @WHOAFRO
Indwara ya Ebola yasubiye kwaduka mu ntara ya Kivu muri Repuburilka ya Demokrasi ya Congo (RDC/DRC) nk’uko vyaraye bitangajwe na reta y’ico gihugu.
Vyemejwe kandi n’ishami rya ONU riraba amagara kw’isi OMS/WHO.
Mw’itangazo, OMS ivuga ko ugutangaza ko iyo ndwara yasubiye kwaduka vyabaye inyuma yo kwemeza ko hari umuntu yishwe n’iyo ndwara muri Nord Kivu, intara yo mu buseruko bwa Congo ihana urubibe n’Urwanda na Uganda.
OMS ivuga ko umugore w’imyaka 46 yapfuye itariki 15 ukwezi kw’umunani i Beni, igisagara co muri Nord Kivu.
Yabanje kuvurirwa ku bitaro vya Beni, mu ntango ku zindi ndwara, ariko mu nyuma aza kugaragaza ibimenyetso biranga umugera w’indwara ya Ebola.
Amashami y’ikigo c’igihugu c’ubushakashatsi ku buvuzi (INRB) i Beni na Goma, yompi yaremeje ko hatowe ibimenyetso vya Ebola mu bipimo vyafashwe kuri uwo murwayi.
OMS ivuga ko ivyigwa vyerekanye ko uwo murwayi yafashwe na Ebola ifitaniye isano n’iyari yaradutse mu 2018-2020 mu ntara za Nord Kivu na Ituri - gushika ubu ariyo yamaze umwanya munini ikanafata ahantu hanini kurusha izindi.
Ariko OMS yizeye ko vuba iyo ndwara izohagarikwa itararandagata cane.
Umukuru wa OMS ku mugabane wa Afrika, Dr Matshidiso Moeti, avuga ati: “Ebola yaduka isigaye yaduka yisubiriza kenshi muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo, ivyo bikaba biteye impungenge.
"Ariko, abajejwe amagara y’abantu muri Nord Kivu baramaze guhagarika akatari gake kandi vuba ivyaduka vya Ebola, bafatiye aho rero nta nkeka ko n’iki c'ubu bazogihagarika”.
OMS ivuga ko abakozi bayo bakoranye n’abategetsi ba Congo bariko barakurikirana amagara y’abantu 160 bafise aho bahuriye n’uwo yapfuye mu ntumbero yo kubuza ko iyo ndwara irandagata.
Iryo shami rya ONU rijejwe amagara y’abantu rimenyesha ko mu gihugu hasanzwe hari incanco za Ebola 1.000, amajana abiri muri izo zikaba zigiye kurungikwa muri Beni muri iyi ndwi kugira zihabwe abahuye n’uwo yapfuye canke abahuye na bo.
Indwara ya Ebola yaheruka kwaduka aho i Beni muri Nord Kivu mu 2021 aho yamaze emezi abiri ikarangira itariki 16 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.
Ico gihe hafashwe abantu 11 (harimwo munani bemejwe na 3 biketswe), batandatu muri bo bakaba barapfuye.

Ahavuye isanamu, Science Photo Library
Ebola ni iki?
- Ebola ni virus ibanza gutera umuntu kururumba umuriro vuba
- Gucika intege bikomeye, kuribwa ingingo no kubabara mu muhogo
- Hakurikira kudahwa, gucibwamwo no kuva amaraso imbere n'inyuma
- Abantu bayanduzwa n'amatembabuzi ayo ari yo yose y'umuntu yayanduye
- Abayirwaye kenshi bicwa n'umwumira, n'ingingo z'imbere mu mubiri zikononekara ari nyinshi










