OMS ivuga ko ikiza ruhonyanganda ca Ebola atari akaga gahanze isi yose

OMS ivuga ko Ebola atari ikibazo gihanze isi yose, gihanze igihugu ca Kongo, kandi ko ari ikibazo gikomeye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, OMS ivuga ko Ebola atari ikibazo gihanze isi yose, gihanze igihugu ca Kongo, kandi ko ari ikibazo gikomeye

Ishami rya ONU ryitaho amagara y'abantu kw'isi , OMS, ryafashe ingingo yo kudafata ikiza ca Ebola kiri mu gihugu ca Repubulika y'Intwaro Rusangi nk'ikibazo gihanze isi yose.

OMS ivuga ko Ebola "ari ikiza gihanze cane" akarere, ariko ko atari ingorane y'isi yose.

Hagati aho, rirababazwa n'uko ibihugu bitanga amahera make cane, angana n'igice gusa, c'amahera akenewe kugira ngo bashobore guhangana n'iyo ndwara.

Ico kiza kimaze guhitana abantu barenga 1400 muri ico gihugu, kikaba kigize kabiri muri kahise.

Muri iyi ndwi, hari abarwaye babonetse mu gihugu ca Uganda, mbere batatu muri bo barahasiga ubuzima, n'aho uwo mugera utarakwiragira hose.

Ingingo y'ugutangaza ko indwara kanaka ko ari ingorane iahnze isi yose, iri mu ngingo zikomeye cane zishobora gufatwa n'ishirahamwe OMS.

Rimaze kubikora incuro zine gusa, harimwo iyafashwe ku kiza ca Ebola cari ciziziye akarere ka Afrika y'Uburengero, kigahitana abantu barenga ibihumbi 11.

Mu bisanzwe ingingo nk'iyo isigura ko haca haboneka ayandi mahera n'abandi bakozi kugira ngo bashobore kurwanya ikiza kanaka - canke ingingo za politike zishobora guhagarika intambara kugira ngo abavuzi bashobore guhangana naco.

None ni kubera iki Ebola idateye ikibazo isi yose

Ntiyabaye ingingo yoroshe gufata.

Dr Preben Aavitsland arongoye vy'imfatakibanza umurwi wa OMS ujejwe ibibazo bidasanzwe, avuga ko habaye impari ndende n'ukutumvikana mu nama yihutirwa yabereye i Geneve ejo ku munsi wa gatanu kuri ico kiza.

Ico kiza kirakwije ibikenewe kugira ngo citwe ko ari ikiza c'isi yose kuko ari ikibazo kidasanzwe kandi ko gishobora gukwiragira no mu bindi bice vy'isi.

Ariko, utwigoro turiko dukorwa n'abari ku rubuga "ntidushobora gutsimbatazwa" mu kuvuga ko ari ikiza kidasanzwe.

Dr Aavitsland avuga ati: "Iki si ikibazo gihanze isi yose, gihanze igihugu ca Kongo, kandi kirakomeye".

Ariko, amenyesha ko ugutangaza ko ari ingorane ihanze isi yose bishobora gutuma n'imbibe zugarwa, eka n'indege zigahagarika ingendo zazo muri Kongo, ivyo navyo bikaba vyokwica gusumba gukiza.

Avuga ati: "Nta nyungu yoboneka, ahubwo uruhombo rwoba runini".

Guhamba abishwe na Ebola bisaba ubuhinga kuko ibiziga vyabo vyanduza cane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Guhamba abishwe na Ebola bisaba ubuhinga kuko ibiziga vyabo vyanduza cane

OMS yari imaze kugira inama zibiri zose yiga nimba ikiza ca Ebola muri Kongo gishobora gutangazwa nk'ingorane ihanze isi yose.

Kuri izo ncuro zompi, iyo ngingo ntiyashoboye gufatwa kubera cari ikiza kiri mu karere gusa, kitari mu bindi bihugu.

Ico kiza catanguye muri ico gihugu mu kwezi kw'umunani umwaka uheze wa 2018 kikaba ciganje mu ntara zibiri, Kivu y'Uburaruko na Ituri.

Abarenga 2100 baramaze kuyandura, abarenga nabo 1400 ikaba yarabahitanye.

Muri iyi ndwi, hari abarwaye babonetse mu gihugu ca Uganda, mbere babiri muri bo barahasiga ubuzima, n'aho uwo mugera utarakwiragira hose.

N'aho OMS ivuga ko ivyo "biteye ubwoba", ivuga ko ata cemezo na kimwe cerekana ko umugera uriko urakwiragira muri Uganda .

Abantu 27 nibo bikekwa ko boba barashikiranye n'umuryango wabonetsemwo iyo ndwara, bakaba bugananiwe ku mihana yabo aho bazoronkera urucanco rwa Ebola.

OMS ivuga ko impinga ikiri ndende, ikamenyesha ko igikeneye imiliyoni 54 z'amadolari mu miliyoni 98 ivuga ko yari ikeneye hagati y'ukwezi kwa kabiri n'ukw'indwi kugira ihangane n'ico kiza.