Kigali: ‘Ubutinganyi buteye kubiri n’ugushaka kw’Imana’ - GAFCON

    • Umwanditsi, Jean Claude Mwambutsa
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango

Abanywanyi b’ishengero rya Anglican bagera ku 1300 bari bakoraniye mu Rwanda basubiye kwiyamiriza ishengero rya Anglicane mu Bwongereza ku cemezo caryo mu ntango z’uno mwaka co guha umuhezagiro abipfuza kwubakana basangiye ibitsina.

Iri koraniro ryari rimaze imisi mu Rwanda ryongeye gushira ahabona ubushamirane bukomeye hagati y’ishengero ry’Ubwongereza n’abo mu bindi bice vy’isi, cane cane ku kibazo kijanye n’abashaka kwubakana basangiye ibitsina.

Iyi ni inama ikomeye yiswe GAFCON 4-Global Anglican Future Conference, ikaba yahuje uruhande rw’abatipfuza impinduka muri iri shengero rya Anglican bavuye mu bihugu 52, muri bo hakaba harimwo abasenyeri bashika 300.

Kubw’aba banywanyi b’ishengero rya Anglican bagendera ku vya kera, ingingo y’ishengero ry’Ubwongereza inyuranye n’ukwemera kwabo.

Asoma imyanzuro yafashwe n’iyi nama ya Kigali, Musenyeri Henri Ndukula arongoye Anglican muri Nigeria yavuze ati: “Kuba Imana itemera abubakana basangiye ibitsina vyoba ari ishano kubaha umuhezagiro kw’izina rya Data na Mwana na Mpwemu Yera. Kwanka gukurikiza inyigisho zishingiye kuri Bibiliya zivuga ko ukwubakana kwemewe ari hagati y’umugabo n’umugore ni ukuja kubiri n’uburyo bwashizweho n’Imana.

“Amajambo Musenyeri wa Canterbury n’abandi bayobozi b’ishengero ry’Ubwongereza bashikirije imbere y’ishengero bashigikira ubutinganyi, ni uguhemuka ku muhamagaro ndetse no ku ndahiro bakoze yo gukurikiza no guhagararira ukuri kuboneka mu vyanditswe vyeranda”.

Iri huriro ryiswe GAFCON ryavutse mu mwaka wa 2008 rikunze kutavuga rumwe n’iry’Ubwongereza, cane cane ku bijanye n’impinduka zitegurwa muri iri shengero.

Ishengero ry’Ubwongereza rishaka ko Angican ijana n’ibihe, ikakira impinduka zijanye n’uko isi igenda itera imbere.

Muri izi mpinduka harimwo izijanye n’izo kworohereza ubutinganyi, mu gihe amashengero arwiriyemwo ayo ku mugabane wa Afrika atazerekwa.

Abakunze kwumvikana cane ni nk’abarongoye iri shengero mu bihugu vya Uganda, na Nigeria babona ko kwemera ubutinganyi biteye kubiri n’ugushaka kw’Imana.

Mu myanzuro yafatiwe i Kigali, abari bitabiriye inama bavuga ko abagize ihuriro GAFCON ari ngombwa ko barondera uko bibako mu bijanye n’ubutunzi.

Abatari bake babona ko kwama bateze amaboko Ishengero rya Anglicani mu bihugu bitunze nk’Ubwongereza bituma bama bafatwa bugwati.

Muri iyo myanzuro kandi, harimwo ko Ishengero rya Anglican ari ngombwa ko rigendera ku bitegekanijwe muri Bibiliya hakujana n’impinduka zije zose.