Akavuyo kadutse muri CHAN gateye umwitwarariko muri Kenya

    • Umwanditsi, Kelvin Kimathi
    • Igikorwa, BBC Sport Africa, Nairobi

Amatike amwe y'inkino za CHAN yahagaritse kugurishwa i Nairobi kubera akajagari kadutse inyuma y'urukino hagati ya Kenya na Maroc kuri uyu w'Imana.

Harambe Stars yatangaje abantu mu gutsinda Maroc 1-0 ku kibuga ca Kasarani, ariko iyo ntsinzi yononewe n'agatotsi k'akaguma kaciye kaduka mu kibuga no hanze yaco, imbere no mu gihe c'urukino.

Mu vyononekaye hagiyemwo kubomora urwinjiriro rw'ikibuga, abafana binjira bataguze amatike, kwuzurana kw'abarorerezi barenze 48,063 stade ishobora kwakira no kuvogera ibibanza bigenewe abanyamakuru.

Abafana bamwe bamwe bariko bagerageza kwinjira muri stade baciye mw'irembo ry'inyuma bagirije igipolisi ko cakoresheje imyuka irakira.

Ikigo Mookh Africa kigurisha amatike ya CHAN muri Kenya, cabwiye BBC Sports Africa, ko bahagaritse kugurisha amatike ku nkino zimirije ku kindi kibuga kizwi nka Moi International Sports Centre, kugeza bahawe ayandi mabwiriza n'abajejwe gutunganya izo nkino.

Imigwi ijejwe kwubahiriza inyifato no guhagararira umutekano yo mw'ishirahamwe ry'inkino z'umupira w'amaguru muri Afrika CAF, yatanguye amatohoza ariko umuvugizi w'urwego nshingwantwaro arahakana ko bafashe ingingo yo guhagarika kugurisha amatike.

"CAF ifise umwitwarariko ku mutekano kubera ibimaze kuboneka mu nkino zibera muri Kenya", uko niko umuvugizi wayo yavuze.

CAF iriko iravugana n'umugwi ujejwe gutunganya inkino muri ico gihugu hamwe na leta ya Kenya, mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c'umutekano.

BBC Sports Africa yagerageje kuvugana n'abo mw'ishirahamwe rijejwe umupira w'amaguru muri Kenya FKF hamwe n'abo muri CHAN ku rwego rw'igihugu ariko nta nyishu iraronka.

Ibi bibaye mu gihe ishirahamwe FKF ryaheruka gucibwa amande ya 20,000 na CAF harimwo n'igice kingana na $ 2,500 cayo ariko batashotse bakwa, kubera inyifato nk' iyi yo kunanirwa kwubahiriza umutekano n'ibitigiri vy'abinjira mu bibuga vy' amahiganwa y'umupira.

Kenya ifatanije na Tanzania hamwe na Uganda kwakira amahiganwa ya CHAN yama aba uko imyaka ibiri itashe. Ikibazo c'umutekano ku bibuga vy'umuji wa Nairobi caravuzwe imbere y'uko izi nkino zitangura.

Ibi bihugu uko ari bitatu vyo mu buseruko bwa Afrika vyiteguye kwakira kandi n'inkino zo mu CAN 2027.

Ikibazo c'igurishwa ry'amatike catumye hari abinjira bidaciye mu mategeko

Ikibazo co ku kibuga ca Kasarani cazanywe n'ingorane z'igurishwa ry'amatike, n'agatima k'abafana ba Kenya ko kubona itsinzi y'abakinyi babo bariko batana mu mitwe na Maroc.

BBC Sports Africa yarabonye abantu bagumye inyuma ya stade kandi bafise amatike asa n'ayo ukuri.

Abenshi bavuga ko ayo matike bayaguriye abandi bari bayaranguye, bagasanga amwe muri yo asangiye amanimero, ivyatumye itike rimwe rigurishwa ku bantu benshi.

Hari umwitwarariko ko hari utugwi twinshi tw'abarangura amatike iruhande ya stade bagaca basubira kuyagurisha, aho benshi bagiriza abaranguzi b'ivyaduka gushaka kwungukira mu kwikinga mu kiza bagurisha amatike atari yo ku marembo y'ikibuga.

Iminota nka 30 imbere y'uko urukino rutangura, ikibuga caragaragara, ariko abantu bahavuye bashavura batangura guca hejuru y'uruhome bijinira mu kibuga.

N'ubwo hari abajejwe umutekano, hari vyinshi bitagenze neza, mbere abantu bahastwe gutakangana.

Abantu barabuze aho bakwirwa bamwe batangura kuvogera ikibanza c'abanyamakuru kugirango bashobore kubona igitego co ku ruhande rwa

Benni McCarthy, abafana benshi ba Harambee Stars binjiye muri urwo ruhande vyateye ubwoba abanyamakuru ba Maroc batinyirira umutekno wabo.

Ikibuga ca Kasarani, citeguriye kandi kwakira izindi nkino zitatu, harimwo urwa Kenya na Zambia ku munsi w'Imana, n'urwo muri kimwe ca kane.

Abenshi bafise impungenge kw'igurishwa ry'amatike y'urukino rwa nyuma, aho vyibonekeje ko asa n'ayamaze kugurwa yose kandi igihe co kuyamamaza kitaragera.

Abashigikiye izo nkino za CHAN basaba abategetsi gutorera umuti ivyo bibazo baciye mu kugurisha amatike kuri internet no kwimira abagurisha amatike ya magendu.