Putin asaba 'ibiganiro bitaziguye' na Ukraine ku wa 15 Rusama

    • Umwanditsi, Jamie Whitehead
    • Igikorwa, BBC News

Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya atera akamo Ukraine ayisaba kuja mu "biganiro bitaziguye" ku wa 15 Rusama (5), ni inyuma y'amasaha makeya abategetsi ba Bulaya basavye Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) kwemera agahengwe k'imisi 30.

Mw'ijambo yaraye ashikirije mu masaha yitereye , ikintu kitamenyerewe, ejo ku wa gatandatu muri Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya), Putin yavuze ko Uburusiya buriko burarondera "ibiganiro nyavyo" bigamije "gushika ku mahoro akomeye kandi arama".

Imbere y'aha ejo ku wa gatandatu nyene, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yarashitse ku mugwa mukuru wa Ukraine, Kyiv, aho yahahuriye na bagenzibe b'Ubufaransa, Ubudagi na Pologne mu ntumbero yo gushira igitsure ku Burusiya kugira ngo buhagarike intambara ataco busavye, guhera ku wa mbere.

Mu nyuma, umuvugizi wa Kremlin Dmitry Peskov yavuze ko Moscou "izobwirizwa kuvyiyumvira neza", ariko aca agabisha ngo "kugerageza kudutera igitsure ntaco bimaze".

Mu majambo yiwe bwite, Putin yavuze ko adashobora "kwirengagiza" ko ivyo biganiro bishobora gutuma Uburusiya na Ukraine vyumvikana ku "gahengwe gashasha". Ariko ntaco yavuze ku bijanye n'ivyo asabzwa vyo guhagarika intambara mu kiringo c'imiso 30.

Uno mukuru w'igihugu c'Uburusiya avuga ko ibiganiro bisabwa bishobora kubera mu gisagara ca Istanbul muri Turukiya, nk'uko vyigeze kuba imbere y'aha, kandi ko avugana na Perezida Recep Tayyip Erdogan kuri uno wa Mungu kugira ngo babivuganeko.

Ataco yishuye ata guca ku ruhande ku kamo ka Putin ko kuganira i Istanbul, Perezida Volodymyr Zelensky avuga ati: "Ni ikimenyetso ciza c'uko Abarusiya batanguye kwiyumvira guhagarika intambara".

Yongerako ati: "Isi yose imaze igihe kirekire irindiriye iki kimenyetso. Kandi intambwe ya mbere yo guhagarika vy'ukuri intambara iyo ari yo yose ni agahengwe".

"Nta co bimaze kubandanya ubwicanyi umusi umwe wonyene. Twiteze ko Uburusiya buzokwemeza ihagarikwa ry'intambara – ryuzuye, riramba, kandi ryizigiwe – guhera ejo, ku wa 12 Rusama, kandi Ukraine yiteguriye kuvyubahiriza".

Ejo ku wa gatandatu, Kyiv yarakiriye Sir Keir, Emmanuel Macron w'Ubufaransa, Friedrich Merz w'Ubudagi hamwe na Donald Tusk wa Pologne basanzwe bagize "urunani rw'abashaka" – umurwi w'igihugu vyiyemeje gushigikira Ukraine.

Bari kumwe na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, baremeshereje hamwe ikiganiro n'abanyamakuru.

Aba bategetsi bagabishije ko Uburusiya bushobora gufatirwa ibihano "bishasha kandi bikomeye" ku bisata vy'amasoko ntanganguvu n'amabanki ari nka hamwe Putin atokwemera guhagarika intambara "mu kirere, mu maze no ku butaka" atakirinze gusabwa mu kiringo c'imisi.

Bavuga kandi ko baganiriye ku nteguro y'umugambi w'amahoro yatanzwe na Trump. Sir Keir yabwiye BBC ko uyu mukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika " asobanura neza" ko icipfuzo cabo c'uko intambara ihagarara vuba bwango ari "ikintu gitegerezwa gushikwako".

Inyuma y'iyo nama, Zelensky yashimiye aba bategetsi bari bahuriye hamwe ku kungene bafata mu mugongo Ukraine.

Ati: "Uno musi twibanda ku kungene twokwubaka no gushigikira umutekano nyawo kandi urama".

Mu kwishura ku bisabwa n'aba bategetsi, Peskov , umuvugizi wa Kremlin, yagize ati: "Ni ikintu gishasha. Ariko kugerageza kudutera igitsure nta co bimaze".

Ibinyamakuru vya reta y'Uburusiya na vyo nyene vyasubiyemwo amajambo yiwe avuga ko ivyashikirijwe n'aba bategetsi ba Bulaya mu bisanzwe ari "uguhangara aho kuba ivyo kugerageza gusanura imigenderanire yacu".

Imbere y'aha, Moscou yavuga ko imbere yo kwiyumvira ivyo guhagarika intambara, Uburengero butegerezwa ubwa mbere na mbere guhagarika imfashanyo ya gisirikare buha Ukraine.

Mu nyuma Putin yashikirije ijambo ryiwe bwite, aho videwo yerekana abamenyeshamakuru bakoraniye mu cumba kimwe muri Kremlin.

Yagize ati: "Iyi yoba intambwe ya mbere ishikana ku mahoro y'igihe kirekire kandi arama, aho kuba intango y'izindi ntambara mu gihe ingabo za Ukraine zoba zimaze kuronka ibirwanisho bishasha n'ingabo nshasha, zimaze kwimba imigende no gushinga ibigo bishasha vy'intwazangabo zoyobora urugamba".

"Ni nde akeneye amahoro nk'aya?"

Mu butumwa yacishije ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social, Trump avuga ko ivyatangajwe na Putin bishobora kuba "umusi ukomeye ku Burusiya no kuri Ukraine".

"Izoba isi nshasha kandi nziza cane", ni ko yavuze, aca yongerako ko azobandanya "gukorana n'impande zompi kugira ngo ivyo bishoboke".

Hagati aho, Putin yagirije kandi Ukraine ko yamye inanirwa no kwitabira integuro zitari nke zo guhagarika intambara zatangwa na Moscou, harimwo umugambi wo guhagarika ibitero ku bigo ntanganguvu mu kiringo c'imisi 30, be n'agahengwe ka Pasika mu kwezi guheze.

Muri Ndamukiza (4), Putin yatangaje akandi gahengwe kategurwa mu ntumbero yo guhimbaza intsinzi yo mu ntambara ya kabiri y'isi yose. Karangiye isaha zitandatu z'ijoro ku wa gatandatu.

Kyiv yari yanse aka gahengwe k'imisi itatu k'uruhande rumwe, ikavyita "agakino". Zelensky wewe yashimangiye akamo kiwe ko guhagarika intambara mu kiringo c'imisi nibura 30.

Mu gihe muri ico kiringo intambara zagabanutse, buri ruhande rwagiriza urundi guhonyanga aka gahengwe.

Ku wa kane – umusi nyene aka gahengwe kategerezwa gutangurirako - Ukraine yagirije Uburusiya kugahonyanga incuro zirenga 730 ivuga ko yariko yishura uko "bikwiriye".

Ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwashimangiye ko aka gahengwe kari kubahirijwe, imbere y'uko bwagiriza Ukraine ko yagahonyanze incuro 488.

Muri iri jambo ryiwe rya nijoro, Putin yagize ati: "Nubwo bimeze uko, turemereye abategetsi ba Kyiv gusubira mu biganiro…gusubira mu biganiro bitaziguye, kandi ndashimangiye, ata kirinze gusabwa".

Ibiganiro bitaziguye hagati ya Moscou na Kyiv ni ivyaheruka mu 2022, umwaka Uburusiya bwatanguriyeko intambara yabwo kuri Ukraine.