Ni igiki kiri inyuma y'izina Papa mushasha yahisemwo, Leo/Léon

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Maria Zaccaro
- Igikorwa, BBC News
Umukaridinali Robert Prevost niwe aherutse gutorwa kuba Papa, azokwitwa Papa Leo XIV/Léon XIV.
Uno mugabo w'imyaka 69 niwe Munyamerika wa mbere abaye umupapa, akaba agiye kurongora umuryango wa Ekleziya Katorika ugizwe n'abantu imiriraridi 1,4 kw'isi yose.
Uyu mugabo yavukiye i Chicago muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abonwa nk'umuntu azozana impinduka, akaba yamaze imyaka itari mike ari umumisiyonari muri Peru imbere y'uko agirwa umusenyeri mukuru muri ico gihugu.
Afise kandi ubwenegihugu bwa Peru kandi aribukwa cane nk'umuntu yakoranye n'imiryango yari yarasigaye inyuma, yongera arafasha mu kwubaka Ekleziya muri ako karere.
Ni kuki abapapa bahitamwo amazina adasa?
Ikintu ca mbere umupapa mushasha akora agishingwa amabanga yiwe ni uguhitamwo izina rishasha, agahindura izina ryiwe ry'ibatisimu.
Iyo ngingo iri mu mugenzo umaze igihe kirekire ariko ntivyamye ari uko.
Mu myaka irenga 500, abapapa barakoresha amazina yabo bwite.
Ivyo vyahavuye bihinduka, maze batangura guhitamwo amazina afise insiguro mu ntumbero yo kworosha amazina, canke kugira ngo bisunge abandi ba Papa babatanguriye.
Mu myaka itari mike, abapapa bagiye bahitamwo amazina y'abo baba basubiriye ubwo nyene canke ba kera mu ntumbero yo kwerekana icubahiro canke kubashima, kandi kugira ngo berekane icipfuzo co kubakorera mu ngata no kubandanya iragi ryabo mu bikorwa vyabo vy'ubupapa.
Nk'akarorero, Papa Fransisko yavuze ko izina ryiwe ritera iteka Fransisko mweranda w'i Assisi, kandi ko yafatiye akarorero ku mugenzi wiwe w'Umunyabrezili Kardinali Claudio Hummes.

Ahavuye isanamu, Reuters
Kubera iki Papa mushasha yatoye izina Leo XIV/Léon XIV?
Uyu mu Papa mushasha ntarasobanura neza igituma yahisemwo kwitwa Papa Leo XIV/Léon XIV.
Hashobora kuba hari imvo nyinshi, ariko izina Leo ryakoreshejwe n'abapapa benshi mu myaka iheze.
Papa Léon wa mbere, azwi kandi kw'izina rya Leon Mukuru mweranda (saint Léon le Grand/ St Leo the Great), yabaye umupapa hagati y'umwaka wa 440 n'uwa 461 inyuma y'ivuka rya Yezu.
Yari Papa wa 45 muri kahise kandi yaramenyekanye kubera uruhara rwiwe mu kurondera amahoro.
Nk'uko bivugwa muri kahise, ukwibonekeza mu buryo bw'igitangaza kwa kw'aberanda Petero na Paulo mu gihe Papa Léon wa mbere na Attila umwami w'Abahuni (Huns) bari mu nama mu mwaka wa 452, kwatumye uno mwami ahagarika umugambi wo kwinjira no gutera Ubutaliyano.
Iki kintu cahavuye gishushanywa ku gihome na Rafayeli.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Papa wa nyuma yahisemwo izina Léon ni Papa Léon XIII, yari Umutaliyano yitwa Vincenzo Gioacchino Pecci igihe yabatizwa.
Yatowe mu 1878 nk'uwugira 256 yari afashe iyi ntebe y'ubwami ya Petero mweranda, akaba yabaye umwungere wa Ekleziya Katorika gushika apfuye mu 1903.
Yibukwa nka Papa yitangiye cane politike z'imibano hamwe no kurwanira ubutungane mu kibano.
Azwi cane cane kw'ibaruwa rya papa yarungikiye abepiskopi ba Ekleziya, ryari rizwi nka "Rerum Novarum", ijambo ry'ikilatini risobanura "Ibintu bishasha".
Iri baruwa ryarimwo ibintu nk'uburenganzira bw'abakozi n'ubutungane mu kibano.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ni ayahe mazina y'abapapa azwi cane?
Izina Léon/Leo riri mu mazina azwi cane y'abapapa.
Izina rikunze gukoreshwa ni Yohani, ryatowe ubwa mbere mu 523 n'Umweranda Yohani wa Mbere, yabaye Papa n'umumaratiri.
Umupapa aheruka guhitamwo iri zina yari Umutaliyano Angelo Giuseppe Roncalli, yatowe kuba Papa Yohani wa XXIII mu 1958, yatangajwe ko ari mweranda na Papa Fransisko mu 2014.













