Trump yashimye umubonano'mwiza' yagiranye na Xi w'Ubushinwa, ariko nta masezerano y'ubudandaji yashizweko umukono.

Trump yavuze ko ibiganiro vyabereye muri Koreya y'Epfo "biryoshe cane", mu gihe ubushinwa bwavuze ko bashitse ku mwumvikano ku bijanye no gukemura "ibibazo bikomeye vy'ubudandaji

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, hamwe na mugenzi wiwe w'Ubushinwa, Xi Jinping, bahuye ubwa mbere mu myaka itandatu

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, hamwe na mugenzi wiwe w'Ubushinwa, Xi Jinping, bahuye ubwa mbere mu myaka itandatu, ibi vyatumye benshi bizigira ko hashobora kuba ugutekana mu migenderanire y'ubutunzi hagati y'ivyo bihugu bibiri bitunze kw'isi.

Trump yavuze ko ibiganiro vyabereye muri Koreya y'Epfo "biryoshe cane", mu gihe ubushinwa bwavuze ko bashitse ku mwumvikano ku bijanye no gukemura "ibibazo bikomeye vy'ubudandaji".

Imigenderanire y'ivyo bihugu yari yasubiye inyuma kuva aho Trump adugirije ama tagisi ku bidandazwa vy'Ubushinwa, nayo Ubushinwa bwishura mu gushirako amatagisi ku bidandazwa vya Amerika. Mu kwezi kwa gatanu bari bumvikanye guhagarika uwo mugambi, ariko amakenga yagumye ari menshi.

Ibiganiro vyo ku wa kane ntivyashitse ku masezerano yanditse, ariko ivyatangajwe vyerekana ko bashobora kuba begereje gushika ku mwumvikano.

Amasezerano y'ubudandaji akenshi atwara imyaka kugira ashirwe mu ngiro, kandi ibihugu bitandukanye vyagiye vyihutira kurondera umuti ku nyungu zavyo mu mezi make gusa kubera politike ya Trump.

Agahengwe ku mahoro y'ubudandaji n'intambwe nshasha ku mabuye y'agaciro adasanzwe

Ikintu gikomeye Trump yaronse n'uko Ubushinwa bwemeye guhagarika amategeko yabuza kurungika amabuye y'agaciro adasanzwe (rare earths), afasha cane mu gukorwa kw'ibintu nka telefone zigezweho n'indege z'intambara.

Trump anezerewe cane , yabwiye abamenyeshamakuru ari mu ndege ya Air Force One ko Ubushinwa bwemeye gutangura kugura "ibifungurwa vyinshi cane vya soya hamwe n'ibindi bifungurwa birimwa." Ubushinwa bwari bwashizeho amatagisi kw'isoya ya Amerika, bikabangamira abarimyi b'Abanyamerika ari na bo batora Trump cane.

Umukuru w'inama y'ubudandaji hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubushinwa yakiranye umunezero ayo makuru yerekeye amahoro (tarifs) n'amabuye y'agaciro adasanzwe (rare earths), avuga ko ari vyo vy'ingenzi kurusha ibindi vyavuye muri ivyo biganiro.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Sean Stein yabwiye BBC ati: "ubu Urashobora kuvuga ko ari nk'agahengwe twashitseko. ubu turi mu gihe co guhagarara aho turi ku bijanye n'amahoro, kandi ntidukeneye gukomeza kwiganyira uko iminsi 90 iheze ko ibintu bizosubira gutera imbere canke gusubira inyuma."

Mu kiganiro yahaye Business Today avuye i Beijing, Stein yavuze ko ibi "biha amahirwe menshi abadandaza n'abanyamitahe kugira bakorane n'ubuyobozi bw'Ubushinwa hamwe n'ubwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kugira barabe neza ko bashira inguvu ku bibazo bimaze igihe kirekire vyagiye bituma haba amatati mu migenderanire y'ubudandaji hagati y'ivyo bihugu bibiri."

Ariko, nta jambo ryavuzwe ku bijanye na TikTok. Leta Zunze Ubumwe za Amerika zagumye zishaka gufata ibikorwa vya TikTok muri Amerika ngo bivanwe kwishirahamwe ry'abashinwa ByteDance bavuze ko ari kubera imvo z'umutekano. Ubushinwa bwavuze ko bwo buzobandanya igikorwa co kurondera umuti.

Na yo Leta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko zigiye gukuraho igice c'amatagisi yari yashize ku bidandazwa biva mu Bushinwa bijanye n'ibikoresho bikorwamwo ikiyovyabwenge fentanyl. Ariko ayandi amatagisi ku bidandazwa vyinjira, azohaguma, bisigura ko ibiva mu Bushinwa bizoguma biriha tagisi ku rugero rwa 40% ku badandaza babikuye mu bushinwa