Intambara y'ubudandaji hagati ya Amerika n'Ubushinwa irageza isi ahatemba

Trump na Xi

Ahavuye isanamu, Reuters

Ibihugu bibiri bitunze kurusha ibindi kw'isi, Amerika n'Ubushinwa ubu birabana ay'ingwe, aho ata ruhande na rumwe ruboneka ko rushobora gutezura.

Ubushinwa bwafashe ingingo ruhasha zo kwihora Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku misoro iherutse gutangazwa na Perezida Donald Trump, ibi bikaba vyasubiye kubangamira amasoko y'imitahe kw'isi yose.

Ejo ku wa gatanu, Pékin/Beijing (ubutegetsi bw'Ubushinwa) bwatangaje amakori agera kuri 34% ku bidandazwa vyose vyinjira mu gihugu bivuye muri Amerika.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubushinwa bujejwe ubudandaji yavuze kandi ko yitwariye Amerika mw'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe ubudandaji (OMC/WTO).

Aya makori yashinzwe na Amerika "ahonyanga bikomeye amategeko agenga OMC, ahonyanga uburenganzira n'inyungu ibihugu bihurikiye muri OMC bironka, kandi agahungabanya amategeko agenga ubudandaji mpuzamakungu", niko uno muvugizi avuga.

Reta y'Ubushinwa ivuga kandi ko izohagarika ubutare bwa terre rares ishorera muri Amerika, ingingo yindi nayo ije kandi kwunyura iyi ntambara y'ubudandaji.

Ubushikiranganji bw'ikigega butangaza ko aya makori mashasha azotangura gushirwa mu ngiro ku wa 10 Ndamukiza.

Mu nyishu ya mbere yatanze kuri izi ngingo zo kwihora, Trump yifatiye mu gahanga reta yUbushinwa:

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Ubushinwa bwihenze: bagize ubwoba" niko Trump yanditse ku mbuga hwaniro. Yongerako ati: "Ni ikintu kimwe badashobora kwibahuka gukora!"

Ku wa gatatu, Perezida Trump wa Amerika yatangaje amakori 34% ku bidandazwa biva mu Bushinwa, yiyongera kuri 20% yari asanzwe atozwa kuva mu ntango z'uno mwaka, yose hamwe rero akaba agiye kuba 54%. Ibi bituma Ubushinwa buba kimwe mu bihugu bikozweko cane n'ano makori kw'isi yose.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'ubudandaji yongerako ati: "Iyi ni ingendo isanzwe y'uruhande rumwe rutoteza abandi igashira mu ngorane intunganyo y'ubutunzi n'ubudandaji kw'isi. Ubushinwa burayiyamirije bwivuye inyuma".

Inyuma y'umusi umwe aya makori mashasha ya Trump atangajwe, ingaruka ntizatevye kwibonekeza kw'isi: amasoko y'imitahe i Bulaya no muri Amerika yaciye akoroka. Amasoko atatu nyamukuru y'imitahe muri Amerika yarakorotse ku rugero rurenga 5%, ibihumbi n'ibihumbi vy'amamiriyaridi y'amadorari aratakara mu misi ibiri.

Ku wa kane n'ejo ku wa gatanu, yabaye imisi ibiri ya mbere mibi ku masoko y'imitahe kuva mu 2020 igihe hatera ca kiza ca Covid.

"Abagoyagoya bonyene ni bo bazosenyuka," niko Trump yanditse hasigaye akanya gato ngo isoko rya Wall Street yugare.

Ingingo z'ibihano

Mu ngingo izobangamira bikomeye igisata c'uburimyi ca Amerika, Ubushinwa ubwo nyene bwaciye buhagarika kugura amasaka yahora yinjizwa n'ikompanyi C&D (USA) Inc, hamwe n'ibikomoka ku bworozi bw'inkoko be n'ifu ihingurwa mu magufa vyahora bishorwa mu Bushinwa n'amakompanyi atatu ya Amerika.

Hejuru y'ibi, Pékin igihe kugenzura ubutare bwa terres rares bushorwa muri Amerika, harimwo samarium, gadolinium, terbium, dysprosium, lutetium, scandium, na yttrium, ubutare bukoreshwa mu buhinga bwa none.

Kuri ibi kandi rutonde hiyongerako kandi n'amakompanyi 16 asanzwe ashorera mu Bushinwa agiye gucungerwa, aho atemerewe kuzorungika ibidandazwa bishobora gukoreshwa mu buryo bubiri: ibidandazwa, ibikoresho vyo mu mamashini nyabwonko hamwe n'ibikoresho vy'ubuhinga bwa none, bishobora gukoreshwa mu gisivire no mu gisirikare.

Ayandi makompani 11 nayo yongewe ku rutonde "rw'amakompanyi atizewe", rwashinzwe n'Ubushinwa, rukaba rubuha uburenganzira bwo gufatira ibihano amakompanyi mvamahanga.

Ubushikiranganji bw'Ubudandaji buvuga ko aya makompanyi "akorana na Taiwan mu vya gisirikare n'ubuhinga", ibi bikaba bibangamiye umutekano n'ubwigenge vy'igihugu. Izi ngingo zifashwe mu gihe Ubushinwa bubandanya buvuga ko Taiwan ari intara yabwo.

Hanyuma kandi, bwatanguje amatohoza yo kwihweza nimba ibikoresho bimwe bimwe biva muri Amerika bikoreshwa mu buvuzi bikoreshwa mu buhinga bwo gufotora imbere mu mubiri bitagurishwa ku giciro co hasi mu ntumbero yo kwononera amakompanyi y'Ubushinwa.

Igihombo ku masoko y'imitahe

Izi ngingo z'ukwihora zatangajwe n'Ubushinwa ejo ku wa gatanu zateje urundi ruhombo ku masoko y'imitahe ya Bulaya na Amerika, mu gihe yari asanzwe acumbagira kubera ano makori ya Trump.

Amasoko y'amafaranga mu Bwongereza, mu Budagi no mu Bufaransa yarakorotse ku rugero ruri hejuru ya 3%. Eka no muri Aziya na ho nyene yarakorotse.

Ano makori mashasha ruhasha yatangajwe na Trump ku wa gatatu yatumye amasoko y'imitahe kw'isi akoroka. Ku wa kane, wabaye umusi wa mbere mubi ku masoko ya Amerika kuva igihe haduka ca kiza karanda ca Covid mu 2020.

Amanyamitahe bafise ubwoba ko aya makori azotuma ibiciro vy'ibintu biduga ubutunzi muri Amerika no kw'isi yose nabwo bugacumbagira.