Bagirizwa uburozi, hanyuma bakicwa bazira amatongo

Umugabo ahagaze mu murima wiwe
Insiguro y'isanamu, Umurimyi Tambala Jefwa yaratewe basiga bamukuye ijisho
    • Umwanditsi, Njeri Mwangi ari Kilifi county & Tamasin Ford ari London
    • Igikorwa, BBC Africa Eye

Amatohoza yakozwe na BBC yerekana urukurikirane rw’abantu bashaje bagirizwa uburozi hanyuma bakicwa, mu gace ka Kilifi ku nkengera z’ibahari muri Kenya, ayo matohoza yerekana kandi ivyinyegeje inyuma z’ubwo bwicanyi.

Tambala Jefwa w’imyaka 74 ariko yitegereza n’ijisho rimwe risigaye, umugore wiwe Sidi amwambura ishati.

“Bamuteye inkota batya, hanyuma barasokora inkota”, uko niko umugore wiwe avuga yerekana inkovu imanuka iva mw’igufa ryo mw’izosi.

Yamufashe ku mutwe yerekana ivyamushikiye mu kindi gitero. “Vyabaye ngombwa ko bakwega ikibiribiri ku mutwe bagateranya bagashona”.

Jefwa yagirijwe kuba umurozi agabwako ibitero incuro kabiri mu rugo iwe ku bilometero 80 uva mu gisagara ca Malindi kiri ku nkengera z’ibahari. Igitero cambere camusize adafise ijisho. Icakabiri cahatswe kumuhitana burundu.

Uyo muryango ufise itongo ry’ama ares 30 urimamwo ibigori ukorora n’inkoko nkeya. Baragiranye amatati n’abandi mu muryango yerekeye akarimbi. Baremeza ko ariyo mvo y’ukuri yatumye Jefwa agomba kwicwa, ko vy’ukuri atari kubera abantu bamera ko yari umurozi.

Jefwa yavuze ko yasigaye asa n’uwapfuye kandi yatakaje amaraso menshi. Yagize ati: “Sinzi igituma natewe ariko rishobora kuba ari itongo”.

Umugore ariko yerekana inkozi z'umugabo wiwe
Insiguro y'isanamu, Sidi Jefwa yerekana inkovu umugabo wiwe yasigaranye inyuma yo guterwa.

Kwemera uburozi n’ibintazi bikunze kuboneka mu bihugu vyinshi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko mu bice vy’ibihugu nka Kenya, Malawi, Tanzania na Africa y’epfo bushobora gukoreshwa nk’urwitwazo kugira bice abantu bashaje babone gufata amatongo yabo.

Icegeranyo ciswe ‘The aged on the Edge’ (umuntu yovuga ko ari -Abashaje bari ku mushiro), c’umugwi ‘Haki Yetu’, uharanira agateka ka zina muntu muri Kenya, cerekana ko uko indwi itashe hicwa umusaza muri ako karere ko ku nkengera z’amazi.

Uwujejwe imigambi muri iryo shirahamwe, Julius Wanyama, yavuze ko ari abo mu miryango y’abo basaza usanga bagerera ababica.

Bakoresha ijambo umurozi nk’inyendamuvano kubera bazi ko bazoshigikirwa n’abanyagihugu. Abantu babonye uwishwe baca bagira bati: ‘’Ko yari umurozi ni vyiza ko mwamwishe”.

Ni abantu bake muri aka karere bafise impapuro z’amatongo yabo. Iyo ata rwandiko rw'umurage ruhari, abantu bakurikiza imigenzo igenga gutorana mu muryango. Bwana Wanyama avuga ko abantu 7 kuri 10 bicwa baba basanzwe ari abagabo bakuze kubera uburenganzira kw’itongo no gutorana ari bo biraba.

Wanyama yagize ati: "Turavye muri kahise ka Kilifi, abantu baho ntibafise impapuro ndangatongo. Urupapuro bafise n’ijambo ry’abo bantu bakuze gusa. Iki nico gituma kenshi abagabo b’inararibonye usanga aribo bicwa, kubera iyo ubishe, uba ukuyeho icagiriji.’’

Umugore yicurikiriye
Insiguro y'isanamu, Jefwa n'umugore bakeka ko umuryango woba uri inyuma y'ibi bitero

Kuva aho ku muryango wa Jefwa ukagenda n’imodoka igihe c’isaha, hari ikigo gicumbikiye abasaza bahunze gitwagwa n’ishirahamwe ‘Malindi District Association’.

Ico kigo gituyemwo abantu bashaje 30 bigeze guterwa ubu batagishobora gusubira mu matongo yabo.

Katana Chara w’imyaka 63 ashaje cane ugeranije n’imyaka afise amaze ngaha hafi amezi 12.

Vyabaye ngombwa ko ahungira muri iki kigo, inyuma yo gutegrwa n’uwitwaje umupanga yamusanze mu gitanda mu kwezi kwa kane 2023. Ukuboko kumwe kwaciriwe mu bikonjo ukundi nakwo hejuru y’inkokora. Nti agishobora gukora kandi akeneye ubufasha guhera mu vy’ibanze, gufungura, kwoga no kwambara impuzu.

“Ndazi umuntu yanciye amaboko ariko kuva ico gihe ntitwasubiye kubonana amaso mu yandi”- niko Chara avuga.

Bwana Chara yagirijwe kuba umurozi inyuma y’urupfu rw’umwana w’uwundi mugabo, ariko aremeza ko imvo nyamukuru yatumye aterwa ari itongo ryiwe ry’uburinganire bwa ares 6.

”Nta na hamwe mpuriye n’uburozi. Ikintu nfise ni itongo rimwe riri imbere y’ikiyaga. Ni itongo rimwe rinini.

Ifoto y'umugabo yaciwe amaboko yompi
Insiguro y'isanamu, Katana Chara ubu aba mu kibanza gicumbikiye abasaza, ntagishobora kwibana.

Katana Chara ubu aracumbikiwe kuko ataco yoshobora kwifasha. Benshi mu bagize umuryango wa Katana barumvirijwe na Sentare ariko nta n'umwe yahanywe nayo.

Impirimbanyi Wanyama yagumye agerageza kumufasha gutunganirizwa.

Avuga ati: “Ni abantu bake bakatiwe ku vyagiriji bijanye no kwica abantu bageze mu zabukuru. Nico gituma nibaza ko abantu ba kizigenza mu kugira uruhara muri izi mpfu, bumva ko bidegemvya”.

Inyuma y’amezi y’amatohoza, igisata ca BBC gikora amakuru acukumbuye, BBC Africa Eye, yarashoboye gukurikirana umwicanyi ruhebwa avuga ko yishe abantu hafi 20. Avuga ko ku muntu umwe umwe yishe yarihwa amashiringi ya Kenya 50,000, n’ukuvuga $400. Yabariye BBC ati: “Iyo umuntu yishe umusaza, menya ko umuryango wiwe uriha amafranga. Ategerezwa kuba ava mu muryango wabo’’.

Abajijwe igituma n’ukungene yiyumva kubona yiha uburengenzira bwo kwaka umuntu ubuzima, yishuye ati: “Nshobora kuba naragize ikintu kibi kubera nahawe akazi kandi n’uko namwishe, ariko nkurikije amategeko, ngakurikiza n’amabwirizwa y’Imana, n’umuntu yantumye afise icaha”.

Umugwi wa Kenya ijejwe agateka ka zina muntu werekanye icegeranyo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu kwezi kwa kabiri mu 2023 kivuga ko ibitero vyo guturira, kwica no gukomeretsa bigwiriye mu turere twa Kisii mu burengero bwa Kenya na Kilifi ku nkengera z’ibahari.

Cerekanye ko abakiri bato mu miryango, bagikeneye gushikira itongo ry’umuryango, ariyo mvo nyamukuru iri inyuma y’ubwo bwicanyi. Cavuze ko ivyo bitero n’ubwicanyi vyagwiriye mugihe c’uruzuba n’inzara igihe atahantu bava amahera yo kwikorako.

Wanyama yavuze ati: "ubwicanyi buba bushingiye ku kwagirizanya uburozi bikaba icitwazo co kunyaga abasaza amatongo bwabaye ‘akaga mu gihugu’.

Vyatanguye nk’ikibazo c’akarere ariko ubu carakwiye mu gihugu cose… niyo kitatorerwa umuti, ubumenyi bw’abasokuru buzoherengetera. Abo basokuru nibwo bubiko bw’ubumenyi bw’ivyakera dufise kandi twemera."

Mu mico n’imigenzo y’abanya Africa, abari mu zabukuru barubahirwa ubumenyi n’ubwitonzi bwabo.

Muri Kilifi, ahubwo ni igihushane. Abatama bafise ubwoba bwo kwibasigwa, benshi barahindura imishatsi mu ntumbero yo kugerageza kuboneka nk’abakiri bato.

Muri iki gihe bwana Chara aratekanye kuko ubu atuye ahantu mu kigo cakira abasaza. Ariko ku bandi bagabo nka Jefwa hari ubwoba bukomeye ko umuntu yigeze kugereza kumwica ashobora kugaruka.

Ushaka kuraba ikiganiro cose: Cry Witch: Take My Land, Take My Life kiri hano ku rubuga rwa BBC Africa YouTube.