Intwazangabo za DR Congo n’Urwanda zishobora gufatirwa ibihano ku ntambara zo mu buseruko

M23

Ahavuye isanamu, Getty Images

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubumwe bwa Bulaya vyitezwe gutangaza ibihano bishasha bigiye gufatirwa intwazangabo za gisirikare n’abarongoye inyeshamba, mu ntambara zibandanya mu buseruko bwa Repubulika ya Demokrasi ya Congo.

BBC yabwiwe ko bamwe mu bagiye gufatirwa ivyo bihano harimwo bamwe mu barongoye igisirikare ca Congo n’ic’Urwanda.

Ibi bihugu bibandanya vyagirizanya ku ntambara ibera mu karere k’ubuseruko bwa DR Congo karangwamwo ubutare.

Haraciye imisi aka karere karimwo intambara zikomeye hagati y’ingabo za Congo n’imirwi y’inyeshamba, intambara zimaze guhitana ibihumbi n’ibihumbi, abaharurwa mu mamiriyoni nabo bagata izabo.

Aba-diplomates babwiye BBC ko abandi bari ku rutonde rw’abagiye gufatirwa ibihano harimwo abarongoye umuhari w’inyeshamba M23 uzwi ko ushigikiwe n’Urwanda, ibi bikaba bihakanwa na reta y’iki gihugu hamwe na M23, hamwe n’umuhari ADF wegamiye umuhari wiyitirira reta ya Islam (Etat Islamique).

Indwi nkeya ziheze zaranzwe n’intambara y’urutavanako mu buseruko bwa Congo aho impande zitana mu mitwe zagirizanya guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara.

Ibiganiro bihagarikiwe n’akarere vyarahagaze, mu gihe bisa n’uko ataco biriko birahindura ku rubuga rw’intambara, hagati ya FARDC na M23.

Ni mu gihe havugwa intambara mu micungararo y’igisagara ca Sake kiri muri teritrware ya Masisi hagati y’ingabo z’igisirikare ca reta (FARDC) n’umuhari w’inyeshamba M23.

Nk’uko ababa muri aka karere babiwiye BBC, izi ntambara zatanguye mu gaturuturu ko kuri uno wa gatatu, nk’isaha cumi n’imwe z’igice, mu bigwati bimwe bimwe nka Malehe, Kingi na Neenero.

Mu gihe mu tundi turere twa Masisi twari tugize imisi mu ntambara, aba bavuganye na BBC bavuga ko Sake yoyo yari imaze imisi iri mu gahengwe, ubu abanyagihugu bakaba bariko barahunga batera baja mu gisagara ca Sake.

BBC iracarondera abarongoye umuhari M23 n’abategetsi b’igisirikare ca Congo kugira ngo batange umuco ku biriko birabera mu micungararo ya Sake.