Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya Ruguru yaragurishije ibirwanisho kuri Wagner y’Uburusiya, bivugwa na Amerika
Na George Wright
BBC News
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Korea ya Ruguru ko yahaye umuhari Wagner w’abacangero b’Abarusiya ibisasu vya misire na vya muzinga ukoresha mu ntambara muri Ukraine.
Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika) ivuga ko irungikwa ry’ivyo birwanisho rihonyanga ivyemezo vy’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, kandi ko igiye gutangaza ibindi bihano kuri Wagner.
Yaba Korea ya Ruguru, yaba umuhari Wagner, bompi barahakana aya makuru.
Abarwanyi b’uyu muhari bariyongereye kuva ku 1000 gushika hafi ku 20.000 muri Ukraine, nk’uko bivugwa na Reta y’Ubwongereza.
Uyu murwi kandi urakorera muri Syria no mu bihugu vya Afrika, ukama wagirizwa ivyaha vyo mu ntambara n’ihohotera rya kiremwa muntu.
Umuvugizi wa Maison Blanche, John Kirby , yabwiye abanyamakuru ati: "Wagner iriko irarondera abayiha ibirwanisho kw’isi yose mu bikorwa vyayo vya gisirikare muri Ukraine".
Ati: "Turashobora kwemeza ko Korea ya Ruguru yamaze guheza kurungikira Wagner ibirwanisho vya mbere, ikaba yaramaze no kubiriha”.
Maison Blanche ivuga ko uyu murwi w’abacangero wakiriye ibisasu vya muzinga na misire wahawe na Korea ya Ruguru.
Kirby avuga ko Wagner ikoresha imiriyoni zirenga 100 z’amadorari y’Abanyamerika buri kwezi muri Ukraine.
Avuga kandi ko uyu murwi ubangabanganywe n’igisirikare c’Uburusiya mu bukomezi.
Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire y’iki gihugu James Cleverly avuga ko Londres yemera uwu mwihwezo wa Washington.
Mw’itangazo, Cleverly avuga ati: "Kubona Perezida [Vladimir] Putin yikora kuri Korea ya Ruguru ngo imufashe, ni ikimenyetso ko Uburusiya butorohewe kandi ko isi yabwagiye”.
Ariko, nyen’umuhari Wagner, Yevgeny Prigozhin, arahakana aya makuru, akavuga ko ari “igihuha”, nayo ubushikiranganji bwa Korea ya Ruguru bujejwe imigenderaire buvuga ko aya makuru ata “shingiro” afise.
Umuvugizi wa Korea ya Ruguru avuga ko iki gihugu kitarahindura aho gihagaze kandi ko ihererekanwa ry’ibirwanisho hagati ya Korea ya Ruguru n’Uburusiya “ritarigera ribaho”.
Umuhari Wagner uzwi ko watanguye kuja mu bikorwa igihe Uburusiya bwigarurira Crimée/Crimea mu 2014.
Nyenewo, Prigozhin, ni umutunzi ruhebwa azwi nk’”umwishikira kwa Putin”.
Uruhara rwa Wagner rwagiye rukomera cane mu gihe Uburusiya bugenda butakaza mu ntambara yabwo muri Ukraine.
Muri Ntwarante (3), 2022, Wagner yavugwa ko yari yarungitse abarwanyi barenga gato 1000. Ariko abategetsi b’Ubwongereza bavuga ko iki gitigiri ciyongereye gushika kuri 20.000, hafi ic’icumi (1/10) c’ingabo z’Uburusiya ziri ku rugamba.
Igituma ibitigiri vya Wagner bigenda vyiyongera ni ukubera igenda irondera abarwanyi mu mpfungwa ziri mu mabohero y’Uburusiya.
Benshi mu bakubiswe intahe mu gahanga bavugwa ko baciye binjira muri Wagner – n’aho ata biharuro nyezina bizwi. Babwirwa ko bazohembwa kandi ko bazohanagurwako ibihano baciriwe inyuma y’amezi atandatu bari ku rugamba.