Ku gitsure kibandanya ciyongera, Putin yafashe ingingo zo gukomeza umutekano

Ahavuye isanamu, Reuters
Na Steve Rosenberg
Umwanditsi mukuru ku Burusiya

Igitsure kuri Vladimir Putin kibandanya ciyongera.
“Igikorwa ca gisirikare kidasanzwe” ciwe ntikiriko kiragenda uko categuwe. Uburusiya buriko buratakaza ubutaka bwari bwariguriye kubera ibitero vyo kwivuna vya Ukraine.
Ni mu gihe uturere tw’Uburusiya duhana urubibe na Ukraine tubandanya ducucagirwa amabombe.
Hejuru y’ibi, akamo ka Kremlin ko mu kwezi guheze ko kwinjiza izindi ngabo kateje impungenge mu Barusiya.
None inyishu ya Putin yoba ari iyahe? Ntabwo ari “Mbabarira, narakoze ikosa rikomeye mu gutera Ukraine”. Ahubwo ni ugukomeza umutekano. Aho si mu turere twigaruriwe n’Uburusiya muri Ukraine, ahubwo ni mu gihugu cose.
Ariko arakaza akagozi.
Mw’itegeko-bwirizwa rya Kremlin, Vladimir Putin yashizeho amategeko ya gisirikare muri za ntara zine za Ukraine avuga ko yihagiye: Luhansk, Donetsk, Zaporizhzhia na Kherson.
Ntibiboneka neza akarusho bizozana, nimba kahari: iri tegeko ntirizotuma ingabo za Ukraine zishira ibirwanisho hasi. Kyiv yariyemeje kubohoza ubutaka yatakaje.
Ariko kandi umukuru w’igihugu c’Uburusiya yakomeje umutekano mu gihugu cose, mu gushiranga ingero zitatu zitandukanye z’umutekano.
Muri izo ntara zihana urubibe na Ukraine, izo ni nka Belgorod, Bryansk, Krasnodar na Rostov, hamwe kandi no mu karere ka Crimea yigaruriye, “ingingo ziciriye hagati na hagati” zatangajwe.
Muri zo harimwo kwongereza umutekano: iri tegeko-bwirizwa ritegekanya kandi kugabanya uruja n’uruza rw’amamodoka, hamwe no kwinjira no gusohoka muri izi ntara.
Urugero rukurikira ni “ukumera magabo gusumba”. Aha ni mu ntara zo hagati no mu bumanuko bw’Uburusiya, harimwo na Moscou.
Iri tegeko rya perezida riravugamwo “ugusaka amamodoka no kugabanya uruja n’uruza rwayo”, hamwe kandi no “gukomeza umutekano w’abanyagihugu”.
Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, umukuru w’igisagara ca Moscou Sergei Sobyanin yagerageje guhumuriza abanyagihugu ba Moscou ko ata “ngingo zizoza zibabuza ubuzima busanzwe”.
Urugero rutoya rw’izi ngingo rwerekeye utundi turere dusigaye tw’igihugu (aha no nko mu buraruko bw’Uburusiya, Siberia hamwe no mu buseruko bw’igihugu).
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro itegeko rya Perezida Putin, ba buramatari bose bategetswe gushinga “ivyicaro bikuru”. Muri ibi harimwo ibiro vya buri ntara, abaserukira igisirikare n’igipolisi.
Ba buramatari bategetswe kandi “kwegeranya uburyo bwose bukenewe bw’igisirikare c’Uburusiya be n’izindi ngabo”. Ibi bisa no guha igisirikare c’Uburusiya ubushobozi bwinshi.
None ibi vyose bizoja mu ngiro gute? Bishobora gufata igihe kugira biboneke.
Ikiboneka ni uko izi ngingo z’umutekano Perezida Putin yafashe zishobora gukoreshwa n’abategetsi mu kugabanya ukwishira n’ukwizana mu Burusiya no mu kwegeranya uburyo “bw’igikorwa ca gisirikare kidasanzwe”.
Mu gihe umutekano mu Burusiya wonanirana, ntacobuza ko intara “zishirwa” ku rugero rwisumbuye rw’umutekano, harimwo no gushiraho itegeko rya gisirikare.
None ibi bitubwira iki kuri perezida w'Uburusiya?
Nta kimenyetso na kimwe cerekana ko Vladimir Putin ariko ararondera inzira yo kurangiza iyi ntambara. Ikiboneka, muri iri tegeko, ni uko uyu mutegetsi wa Kremlin atarota arekura.













