Ukraine: Uburusiya bugabisha Amerika ko hashobora kuba ugutana mu mitwe amaso mu yandi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya bugabisha ko ingingo ya Amerika yo kurungikira Ukraine izindi mfashanyo za gisirikare “bishobora gutuma haba ugutana mu mitwe imbona nkubone” hagati y’Uburusiya n’Uburengero.
Uwuserukira Uburusiya muri Amerika, Anatoly Antonov, avuga ko ari “ikintu kibangamiye cane” Moscou, akavuga ko Amerika “ifise uruhara mu ntambara”.
Imbere y’aha, Amerika yatangaje iyindi mfashanyo ya gisirikare ingana n’imiriyoni 625 z’amadorari y’abanyamerika igenewe Ukraine.
Ibirwanisho rutura vya Amerika bivugwa ko ari vyo vyatumye Ukraine igira inguvu nyinshi gusumba ingabo z’Uburusiya zigaruriye ubutaka bw’ico gihugu.
Muri zino ndwi za vuba, ingabo za Ukraine ziriko zitera intambwe mu buraruko bushira ubuseruko no mu bumanuko bw’igihugu.
Mu bikoresho vyemewe na Amerika ubu harimwo za nkoho ntahusha zine zo mu bwoko bwa Himars zirekura ibisasu vya muzinga vyinshi ica rimwe.
Vyose hamwe, Washington imaze guha Kyiv imfashanyo ya gisirikare ingana n’imiriyaridi 17 z’amadorari y’abanyamerika kuva Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ateye Ukraine ku wa 24 Ruhuhuma.
Mw’itangazo ryo ku wa kane w’indwi iheze, Antonov yagabishije ko ingendo ya Amerika yo “kubandanya isukira ibirwanisho rutura muri Ukraine ata kindi bivamwo atari uko Washington ica iboneka ko iri muri ino ntambara”.
Yavuze ko ibi bishobora gutuma “amaraso abandanya aseseka igihe kirekire abandi bantu bakahasiga ubuzima”.
Uyu muserukizi w’Uburusiya avuga ati: "Dusavye Amerika guhagarika ibikorwa vyayo vy’agasotoro bishobora gutuma haba ingaruka mbi zikomeye”.
Inyuma yo gutakaza bikomeye ku rugamba muri Ukraine, Uburusiya bumenyesha ko buzokwivuna bukoresheje uburyo bwose buhari – n’ibirwansiho vy’ubumara bidashizwe inyuma.
Uburusiya burabandanya kandi n’umugambi wabwo wo kugerageza kwihagira intara zine za Ukraine: Donetsk na Luhansk mu buseruko, hamwe na Kherson na Zaporizhzhia mu bumanuko.
Hagati aho, muri zino ntara zose, Uburusiya nta n’imwe bugenzura yose, mu gihe ingabo za Ukraine zibandanya zisatira ku muvuduko munini muri ino misi.
Aya majambo ya Antonov yo kugabisha aje inyuma y’akanya gato Perezida Joe Biden n’icegera ciwe Kamala Harris bavuganye ibijanye n’iyindi mfashanyo boha Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine.
Mw’intangazo, ibiro vya prezida wa Amerika, Maison Blanche/White House, bishimangira ko "Amerika itazokwigera yemera ingingo y’Uburusiya yo kwihagira ubutaka bwa Ukraine.
"Perezida Biden yariyemeje kubandanya ashigikira Ukraine mu ntambara yayo yo kwivuna igitero c’Uburusiya mu gihe cose izomara”.
Iri tangazo rivuga ko mu mfashanyo nshasha ya gisirikare harimwo za nkoho za rutura "Himars, hamwe n’amamodokari ntamenwa”.
Ibi bikoho rutura vya muzinga vyakorewe muri Amerika birakoreshwa mu gutera ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya, nk’ibigo bitegurirwamwo intambara, hamwe n’ububiko bw’amasasu.
Birakoreshwa kandi mu gutera ibiraro, harimwo n’ivyegereye intara ya Kherson iri mu minwe y’Uburusiya, Ukraine iriko igerageza kwisubiza.










