Ukraine-Russia: ‘Intumbero yanje ntiyari iyo gusambura Ukraine’- Putin

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya avuga ko ata bindi bitero bikomeye bikenewe muri Ukraine, imisi mike inyuma y’ibibombe bikomeye bitari bike vyatewe kuri iki gihugu kuva intambara itangura.
Avuga ko ibibanza hafi vyose vyari vyateguwe guterwa vyarashwe, kandi ko intumbero yiwe itari ugusambura Ukraine.
Avuga kandi ko intumbero ya Moscou yo kwinjiza abantu 300.000 mu gisirikare izoba yashitsweko mu ndwi zibiri.
Avuze ibi mu gihe ingabo z’Uburusiya ahenshi ziriko zisubira inyuma, Ukraine nayo igenda itera intambwe, inyuma y’amezi amezi hafi umunani kuva iyi ntambara itanguye.
Avugana n’abanyamakuru inyuma y’ikoraniro ryahuje abategetsi b’akarere ku mugwa mukuru wa Kazakhstan, Astana, umukuru w’igihugu c’Uburusiya yavuze ko ibibanza 22 kuri 29 vyari vyateguwe guterwa muri Ukraine vyarashwe kandi ko igisirikare “kiriko kirashikira indwi bindi bisigaye”.
Ati: "Nta bitero bikomeye bigikenewe. Ubu dufise ibindi bikorwa”.
Kuva ku wa mbere, Uburusiya bwatanguje igihuhusi c’ibitero vya misire ku bisagara bitari bike vya Ukraine, mu co Putin avuga ko kwari ukwihora igitero cakozwe ku kiraro gikomeye gifatanya Uburusiya n’akarere ka Crimée/Crimea bwigaruriye.
Abantu batari bake barasize ubuzima muri ibi bitero abandi barakomereka, inyubakwa nazo zirononekara. Uturere two hagati tw’umugwa mukuru Kyiv natwo nyene twarashikiriwe ku ncuro ya mbere kuva intambara yaduka.
Ariko Putin avuga ko intumbero y’Uburusiya itari gusambura Ukraine, ariko ntiyicuza kuri iki gitero.
Ati: "Muri make ibiriko biraba ntibiryoshe. Ariko aho nyene, [n’iyo Uburusiya budatera], ibintu biba bimeze uko bimeze, ariko gusa ibintu biba ari bibi cane kuri twebwe. Rero turiko dukora ibintu vyose neza kandi mu gihe nyaco”.
Perezida Putin avuga ko abantu 200.000 bamaze kwinjizwa mu gisirikare, kandi ko muri bo 16.000 bamaze gushika ku rugamba. Yongerako y’uko abona ko bidakenewe ko abandanya atera akamo ngo abantu biyandikishe.
Hagati aho, akamo yateye kateje uburakari burenze urugero mu Burusiya, bituma abagabo ibihumbi n’ibihumbi bahungira mu bihugu bibanyi. BBC kandi yabonye ko abaherutse kwinjizwa ata nyigisho zikwiye bahawe imbere y’uko barungikwa ku rugamba.
Ni mu gihe igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya kivuga ko camenye abasirikare b’Uburusiya barenga 7500 bamaze gupfira mu ntambara ya Ukraine. Igitigiri c’abamaze kuhapfira kizwi ko ari kinini cane, mbere hari n’amakuru avuga ko bamwe mu baherutse kwinjizwa bishwe.
Avuga ku migenderanire n’ivyahoze bigize Ubumwe bw’Abasoviyeti, Perezida Putin ashimangira ko ata ngorane intambara yateye kuri vyo.
Avuga ko ari ibisanzwe ko ibihugu bimwe bimwe bigira impungenge ariko ko abandanya abibwira uko ibintu bimeze igihe cose.
Hagati aho, abihweza ibintu n’ibindi bavuga ko ikibanza Uburusiya bufise mu karere kiriko kiragabanuka, mu gihe abakuru b’ibihugu nka Kassym-Jomart wa Kazakhstan bariko bitandukanya na Putin kuri ino ntambara.










