Igisagara cabohowe kirerekana ingene Abarusiya bahaguye
Orla Guerin
BBC News, Lyman

Intsinzi irashobora gutera kubabara.
Niko bimeze imbere mu gisagara ca Lyman co mu buseruko bwa Ukraine giherutse kubohozwa kikavanwa mu minwe z’abarusiya mu mpera z’indwi iheze.
Amabarabara y’ico gisagara gisigaye kigaragara yuzuye ibibomoke vy’amazu, akaba atonzeko umurongo w’amazu yashenywe canke yaturiwe.
Ni abanyaguhugu basanzwe bake bubahuka kuja ahabona.
Twaharuye igitgitigiri c’imbwa kingana hafi ic’abantu – n’ubwo imbere y’intambara ico gisagara cabamwo abantu 20.000.
Abo banyagihugu imparurwa twahuye barashegeshwe n’amezi bamaze mu rwamo rw’amabombe, no kuba batazi neza niba amahano bahoramwo yarangiye.
Ikintu conyene cerekanye ubuzima yari urukurikirane rw’ingabo za Ukraine zahaciye ziri mu biduga ntamenwa, baduza ibiganza, bariko barasohoka igisagara mw’ibarabara rica mw’ishamba ry’ibiti vy’amapinusi.
Vyerekana ingene abantu bishuye uko gutsindwa kw’Uburusiya.
Ibiziga (imirambo) vy’abasirikare batanu b’abarusiya birambaraye hamwe, inda zabo zavyimvye, bakonganijwe n’urupfu, abo bakaba bahora ari umugabo canke umuhungu w’umuntu runaka.
Bari mu mwambaro w’igisirikare, bacambaye n’ibirato, nk’uko womenga bahava basubira ku rugamba.
Boboneka ko baguye hamwe bariko baragerageza guhunga.
Hafi aho twabonye ikirundo c’imyambaro yahebwe y’igisirikare c’Uburusiya, imifuko yo kuryamamwo hamwe n’intekera z’ivyo kurya. Hari isakoshi ya gisirikare yanditeseko n’izina.
Ntituzi ico nyenevyo yabaye.
Abakorerabushake babiri bakiri bato b’abanya-Ukraine bo mu mugwi w’abafasha abari mu kaga bariko barakora, bitonze ata rwamo, baharura ivyo biziga, banaraba ico cose cofasha kumenya umwidondoro wavyo.
Aho bapfukama ku metero nkeya gusa y’ibisasu vya mine bisanzaye irya n’ino ku nkengera y’ibarabara, bidashoka biboneka kubera ibaraya ryavyo rw’urwatsi rutoto mu vyatsi n’amababi.
N’imitego umwansi yasize ishobora guhitana abantu umwanya uwariwo wose, ariko ubu uwo mwansi akaba yaromowe, ariko nk’uko abarusiya bo bashima kubivuga, “bavanyweyo kugira baje ku birindiro bifise akamaro gusumba”.
Ayo majambo si ubwa mbere akoreshejwe kuva aho Abarusiya birukaniwe muri Kharkiv mu kwezi guheze.
Mu nyuma abo bakorerabushake bashize ivyo biziga mu mifuko yirabura hanyuma barabijana -bamwe mu basirikare b’abarusiya baguye ku rugamba amaherezo bararuvuyeko.

Ibendera rya Ukraine ryariko rirahungabana ku kiduga c’intambara T72 cafashwe, aho gihagaze ku nkombe y’ibarabara.
Umusirikare akiri muto w’umunya-Ukraine ati:
“Tuzotsinda. Numva merewe neza cane.”
Ivyabereye ngaha si ugutsindwa gusa kwa prezida Vladimir Putin.
N’akamaramaza keruye. Bitarenze ku wa gatanu uheze, yatangarije isi nzima ko yiyometseko intara zine za Ukraine, zirimwo Donetsk, aho igisagara ca Lyman kiri.
Yavuze ko “zigiye kuba intara z’Uburisiya burundu”.
Haciye umunsi umwe gusa ingabo za Ukraine zari zinjiye Lyman, ingabo ziwe zitungwa n’ayo zameze kugira zikize ubuzima.
Ukraine ivuga ko abasirikare b’Abarusiya bashika 5.000 bagotewe muri Lyman imbere y’uko igisagara gifatwa.
Ntituzi igitigiri c’abishwe canke abafashwe.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi muri Kyiv bwavuze muri tweet ko ingabo zose z’Uburusiya zari Lyman “zarungitswe ahandi mu mifuko y’ibiziga canke aho gupfungirwa.”
Ico gisagara n’inzira ishikana mu ntara bihana urubibe ya Luhansk, isanzwe hafi yose iri mu minwe y’Uburusiya.
Ukraine yizigiye gutera intambwe imbere, mu kwitaza ihereye kuri iyo ntsinzi.
Lena n’umwana wiwe w’imyaka 10 Radion bizigiye ko amahoro agiye kuboneka co kimwe n’amazi yo mw’ibombo.
Twahuye n’uwo muhungu na nyina bagiye ku kinogo kuvoma amazi mu kivomesho c’amaritiro atanu.
Lena yambaye inkofero yirabura n’imipira y’imbeho ati: “Nibaza ko hagiye kuba amahoro. Hategerezwa kuba amahoro.
“Twarababaye bikwiye. Icari kigoye cane kwari ukurusimba muri vya muzinga n’amabombe. Twagumye dusenga turi mu nzu zo mu kuzimu. Ibintu ntibiramera neza. Ariko muri rusangi, ndanezerewe.”

Mu gihe atagishobora kuja kw’ishure, Radion ubu arazi ivyerekeye intambara.
Mu maso yiwe harije, musi y’agakofero kiwe k’ubururu.
Yatubwiye ati: : “Hari hateye ubwoba aha Lyman kubera ibibombe vyinshi.
“Intambara ni mbi kubera abantu barapfa. Ubu mu mutima wanje hari amahoro.”
Abandi ngaha basa n’abakiri mu gihumura co guhahamuka, nka Nadia w’imyaka 66.
Yari wenyene mw’ibarabara, agenda buhoro buhoro, nk’uko umenga ntazi iyo ari.
Ati: “Nibaza ko ibintu bigiye kugenda neza kandi ko [Abarusiya] batazogaruka. Vyari bibi cane.
“Impande zompi zararasa. Ntitwamenya ivyari vyo. Iyo bicureshe, twarasohoka guteka. Hanyuma bigasubira. Ubu twese tumeze nk’abasazi.”
Hanyuma aca atubaza ikibazo.
“Kuki ndiko ndaterwa amabombe? Nta kabi na kamwe nakoze. Nta muntu nishe. Sinumva igituma.
Ngira mwebwe mushobora kunsigurira. Twari tubayeho neza, ibintu vyose vyari vyiza, twarakora. Hanyuma mu kanya gato ibintu vyose bica birayangara.”
Mu mabarabara yo mu gisagara, inyandiko zishigikiye Uburusiya zikwiragiye irya n’ino ku mpome, butike hamwe n’ibituro vy’amabisi.
Ku mwango wa butike imwe yugaye handitswe indome “CCCP”, indome zivuga USSR [URSS, Reta Zunze Ubumwe z’Aba-Soviet] mu rurimi rwa Cyrillic.
Uko kwose prezida Putin yoba yipfuza kugarukana Ubumwe bw’aba-Soviet nk’uko vyari mu buto bwiwe, ibisigarira vya Lyman ni ikimenyetso c’uko yananiwe.
Ubu Ukraine iri ku murindi kandi irazi ko itegerezwa kugenda yihuta, ibigwanisho vy’ibihugu vy’iburengerazuba bibiyifashijemwo.
Urwasiro rw’intambara rugiye kugorana gusumba n’iyo igihe c’ubukonje cashika. Akabero ko kugaruza utundi turere gashobora kuba gasigaje iminsi mike.













