Intambara ya Ukraine: umukuru wa Tchétchénie yiyemeje kurungika imiyabaga yiwe ku rugamba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Tchétchénie/Chechnya Ramzan Kadyrov avuga ko abahungu biwe batatu b’imyaka 14, 15 na 16, bagiye vuba kurungikwa ku rugamba muri Ukraine gufasha ingabo z’Uburusiya.
Kadyrov ni incuti pfa mpfe ya Vladimir Putin, n’aho aherutse kunegura abarongoye igisirikare c’Uburusiya.
Aciye ku mbuga hwaniro, yanditse ko umugabo ategerezwa kwigisha abahungu biwe gukingira umuryango, abanyagihugu n’igihugu cabavyaye.
Uburusiya bwarateye igikumu ku masezerano ya ONU afise intumbero yo gukingira abana bari musi y’imyaka 18 kugira ntibakoreshee mu ntambara.
Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifata ko gukoresha mu ntambara abana bari musi y’imyaka 18 ari icaha co mu ntambara. Ariko Uburusiya ntibwemera iyi sentare.
Mu butumwa burebure yacishije ku rubuga rwa Telegram, Kadyrov yavuze ko abahungu biwe batanguye guhabwa inyigisho za gisirikare bakiri bato cane, ko rero igihe kigeze ko barungikwa mu ntambara nyezina.
Yifatiye kandi mu gahanga abantu b’“ibijambojambo” bavuga ko incuti z’uyu mukuru wa Tchétchénie zitarungitswe mu gikorwa ca gisirikare muri Ukraine.
Ubu butumwa bwaherekejwe na videwo yahinguwe neza yerekana abahungu biwe bariko bararasa inkoho zitandukanye mu myimenyerezo.
Hari bamwe bashinyaguriza ingabo za Tchétchénie muri Ukraine kubera ko baboneka bitayeho cane gukwiragiza ku mbuga hwaniro amavidewo ataco amaze aho gufata inkoho bakarwana.
Kadyrov arongoye iyi Repubulika yegukira Uburusiya kuva mu 2007, igihe Vladimir Putin amugena kurongora aka karere ko mu bumanuko.
Kuva ico gihe muri Tchétchénie ni agahengwe, inyuma y’imyaka ishika cumi yamaze mu ntambara irondera kwikukira, ariko ikananirwa.
Ariko Kadyrov aranegurwa ko atwaza umukazo, kandi ko yigira sindabibazwa mu gihe agateka ka zina muntu kariko karahonyangwa.

Ahavuye isanamu, Kadyrov_95/Telegram
Kadyrov arashigikiye cane Vladimir Putin, kandi ingabo za Tchétchénie ziri ku rugamba muri Ukraine kuva intambara itangura.
Hagati aho, inyuma y’aho igisirikare c’Uburusiya gitakarije uturere mu ntara za Kharkiv na Donetsk, yaraneguye abarongoye igisirikare c’Uburusiya, aho yifatiye mu gahanga intwazangabo imwe ko “ataco imaze” anavuga kandi ko n’uburyo shingiro bukenye.
Yateye akamo kandi Uburusiya gufatira Ukraine izindi ngingo zikaze, harimwo gukoresha ibirwanisho vy’ubumara bito bito. Kremlin yishuye ko ingingo nk’izi zidashobora gufatwa ku bishobisho.
Kadyrov yashikirije aya majambo yo kunegura inyuma y’aho ingabo z’Uburusiya zivaniwe mu gisagara ca Lyman mu ntara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine – urwabaye uruhombo rukomeye kuri Moscou.
Ifatwa ry’iki gisagara ryabaye intambwe ikomeye ku ngabo za Ukraine kubera gishobora gukoreshwa nk’inzira yo gushika mu tundi turere twa Ukraine twigaruriwe n’Uburusiya. Cakoreshwa n’Uburusiya nk’ikirindiro co gushikizamwo uburyo mu rugamba rwabwo.
Ugutsindwa muri Lyman cabaye ikintu gikomeye, kuko vyabaye umusi umwe gusa habaye ibirori i Moscou vyo gutera igikumu ku masezerano yo kwihagira izi ntara zine za Ukraine – harimwo na Donetsk, aho Lyman isanzwe iri.
Intara za Donetsk, Luhansk, Zaporizhzhia na Kherson zose zarakoze icitwa amatora ya kamarampaka yo kwegukira Uburusiya mu kwezi guheze, amatora yafashwe na Ukraine n’incuti zayo z’Uburengero nk’ “amanyanga”.
Ku mugoroba wo ku wa Mungu, Perezida Volodymyr Zelensky yavuze ko ingabo za Ukraine zari zigaruriye kandi uturere tumwe tumwe mu ntara ya Kherson.
Umukuru w’iyi ntara yashizweho n’Uburusiya, Vladimir Saldo, yavuze ko ibintu muri ako karere bitari vyoroshe, yongera avuga ko ingabo za Ukraine zateye intambwe.
Muri izi ntara zine ziherutse kwihagirwa n’Uburusiya, nta n’imwe bugenzura yose, ibi bigatuma abantu bibaza ingene bizogenda – cane cane mu bice bigenzurwa na Ukraine.
Kremlin ivuga ko izobaza abanyagihugu b’intara za Zaporizhzhia na Kherson ku bijanye n’aho imbibe zoca, iki kikerekana ko Uburusiya bushobora kwihoza ivyo kuvuga ko bwiyeguriye izi ntara zose uko ziri.
Ibintu biratandukanye muri Luhansk na Donetsk. Imbere gato y’uko intambara itangura, Putin yaremeje ko izo ntara uko zakabaye zibaye Repubulika zigenga, ariko ubu – nk’uko Moscou ibibona – zatoye zikemeza ko zegukiye Uburusiya.










