Ukraine: Biden avuga ko ivyago vya nikleyeri ari vyinshi gusumba igihe ca misire za Cuba mu 1962

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock
Ivyago vyo kubona isi iguye mu kaga ka nikleyeri katari bwigere kabaho biri ku rugero runini kuva kuri ca gihe ca misire za Cuba (Crise des missiles de Cuba/ Cuban Missile Crisis) mu 1962, nk’uko Perezida Joe Biden wa Amerika abivuga.
Biden avuga ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atariko “arayayata” igihe avuga ko ashobora gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri (vy’ubumara) inyuma y’aho atakarije bikomeye ku rubuga rw’intambara muri Ukraine.
Yongerako y’uko Amerika “iriko irihweza” inzira Putin ashobora gufata mu kwikura mu ntambara.
Amerika n’Ubumwe bwa Bulaya biherutse kuvuga ko iterabwoba rya Putin kw’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara atari iryo gufata minenerwe.
Hagati aho, umuhanuzi wa Amerika mu vyo umutekano Jake Sullivan yavuze mu ndwi iheze ko, n’aho Moscou yacishije mu kanwa ivy’ibirwanisho vy’ubumara, Amerika ata bimenyetso ibona ko Uburusiya bushobora kuba buriko bwitegurira gukoresha ikirwanisho c’ubumara.
Ukraine imaze imisi ibohoza ubutaka bwari bwigaruriwe n’Uburusiya kuva butanguye igitero cabwo ku wa 24 z’ukwa kabiri, harimwo n’intara zine Uburusiya buherutse kwihagira mu buryo buteye kubiri n’amategeko.
Haraciye amezi atari make abategetsi ba Amerika bagabisha ko Uburusiya bushobora kwikora ku birwanisho ruhonyanganda mu gihe bwobona ko buriko buratakaza ku rugamba.
Mw’ijambo yashikirije ku wa gatanu w’indwi iheze, Putin yavuze ko Amerika ari yo “ntandaro ya vyose” mu gukoresha ibirwanisho vy’ubumara ku Buyapani mu mpera z’intambara ya kabiri y’isi yose – amajambo atari kugenda gutyo nyene mu bihugu vy’Uburengero, nk’uko bivugwa n’umwanditsi mukuru wa BBC mu rurimi rw’ikirusiya, Steve Rosenberg.
Putin kandi yagabishije ko azokoresha uburyo bwose afise kugira ngo akingire ubutaka bw’Uburusiya.
Perezida Biden avuga ko igituma umukuru w’igihugu c’Uburusiya “atariko arafyinata” igihe avuga ivyo gukoresha ibirwanisho vy’ubumara, ari uko “igisirikare ciwe, nk’uko twobivuga, kiriko kiraneshwa”.
Biden yabwiye bagenziwe bo mu mugambwe w’aba Democrats ati: "Ubwa mbere kuva ku kibazo ca misire za Cuba, turi imbere y’ivyago vy’ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara, mu gihe ibintu vyobandanya uko biri”.
“Ntitwari bwigere twibaza ko dushobora guhangana n’icago kiruta ibindi vyose kuva kuri Kennedy n’ikibazo ca misire za Cuba”.
Mu 1962, Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubumwe bw’Abasoviyeti - ico gihe hari ku ba perezida John F Kennedy na Nikita Khrushchev – vyahatswe guterana ibirwanisho vya nikleyeri (vy’ubumara) biturutse ku ngingo y’Ubumwe bw’abasoviyeti yo kurungika ibirwanisho vy’ubumara muri Cuba.
Abahinga batari bake babona ko iri hangana ari ryo ryonyene rikomeye ryahatswe guta isi mu ntambara ya nikleyeri.
Biden yabwiye bagenziwe b’aba Democrats ko ikoreshwa ry’ibirwanisho vy’ubumara bishobora gutuma ibintu biyangara mu kanya isase.
Yavuze ibi ari ku muhana wa James Murdoch i New York, umuhungu w’umutunzi karuhariwe Rupert Murdoch azwi ko yashoye imitahe myinshi mu gisata co kumenyesha amakuru, hari mu birori vyo kwegeranya uburyo bw’umugambwe w’aba-Democrats.
Putin ahanganye n’ishusho igoye cane ku rugamba. N’aho yateye igikumu kw’itegeko ryihagira burundu intara zine za Ukraine - Luhansk, Donetsk, Zaporizhzhia na Kherson – ingabo za Kyiv ziriko zirasatira zinjira muri utwo turere avuga ko twamwegukiye.
Ibihumbi amajana vy’abagabo bariko barahunga Uburusiya hako barindira ngo bandikwe kugira bajanwe kurwana muri Ukraine.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yahoze afata minenerwe iterabwoba rya nikleyeri rya Moscou, akavuga ko ari "amajambo yo kwiyamamaza yama avugwa n’abategetsi b’Uburusiya”.
Paul Stronski, wo mw’ishirahamwe Carnegie Endowment for International Peace, yabwiye BBC ko “amajambo y’iterabwoba” y’Uburusiya afise intumbero yo gukanga Uburengero, n’aho Uburengero busa n’ubwiyemeje guhangana naryo.
Eka mbere no mu Burusiya nyene ubwabwo hari abarwanya iri terabwoba rya Moscou rishingiye ku birwanisho vy’ubumara. Inkuru yo mu kinyamakuru Nezavisimaya Gazeta co muri ico gihugu iranegura cane “abategetsi bakuru b’Uburusiya” kubera “ bakinisha ivya nikleyeri”.
"Kwemera, haba mu vyiyumviro canke mu majambo, y’uko hashobora kuba intambara ya nikleyeri ni intambwe ikomeye yo kuyitanguza mu vy’ukuri”.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire yabwiye abanyamakuru ejo ku wa kane ko Moscou itari bwahindure aho ihagaze, ko intambara ya nikleyeri ari “ikizira kikaziririzwa”.










