Niger: General Abdourahmane Tchiani niwe murongozi mushasha

General Abdourahmane Tchiani yatangaje we ubwiwe yuko ari we agiye kuramutswa igihugu ca Niger nyuma y’itembagazwa ry’ubutegetsi.

Azwi kandi nka Omar Tchiani, akaba ari we yatunganije ifatwa ry’ubutegetsi ryatanguye kuwa gatatu, igihe abasirikare barinda umukuru w’igihugu yari arongoye, bafata Prezida Bazoum.

Ibi bihinduye ubusa ivyashitsweko igihe haba uguhanahana ubutegetsi mu mahoro, kwa mbere mu mateka ya Niger kuva yaronka intahe yo kwikukira mu 1960.

Prezida Mohamed Bazoum vyibazwa yuko amagara yiwe yifashe neza, akaba agipfungiwe muhira n’abari bajejwe kumurinda.

Iri tembagazwa ry’ubutegetsi ryariyamirijwe n’inzego mpuzamakungu zitandukanye, zirimwo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ishirahamwe ry’Uburengero bwa Afrika (ECOWAS), Ishirahamwe rya Buraya (EU) n’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU).

Gen Tchiani w’imyaka 62, yari arongoye inteko zirinda umukuru w’igihugu kuva mu 2011 akaba kandi yaradugijwe kw’ipete rya Generale mu 2018, bigirwa n’uwahoze ari umukuru w’igihugu, Mahamadou Issoufou.

Aho yashikiriza ijambo kuri televiziyo, Gen Tchiani yavuze ko hafashwe ubutegetsi bitewe n’uko hari ibibazo vyinshi muri Niger, birimwo ivy’umutekano, ivy’ubutunzi hamwe na ruswa.