Igihuhusi Freddy: Vyitezwe ko ico gihuhusi ruhonyanganda gitera Mozambike ubwa kabiri

Mananjary

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Igihuhusi Freddy carasambuye amazu i Mananjary muri Madagascar mu kwezi kwa kabiri
    • Umwanditsi, Anne Soy
    • Igikorwa, Senior Africa correspondent

Igihuhusi Freddy citezwe ko gishika ku butaka bwa Mozambike mu mpera z'iyi ndwi inyuma yo gutera iguhugu ca Madagascar incuro igira kabiri kuri uyu wa mbere.

Reta ya Madagascar ivuga ko abantu umunani bapfuye, inzu na zo zirenga 1000 zirasamburwa.

Ico gihuhusi ubwa mbere caratemye kiratongora mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika mu mpera z'ukwezi kwa kabiri, gihitana abantu 21 gituma abandi ibihumbi n'ibihumbi bata izabo muri ivyo bihugu bibiri.

Abahinga muvyo ikirere bavuga ko ari gake igihuhusi gifata inzira nk'iyo.

Ico gihuhusi gisa n'igishaka kuba ica mbere kirekire kitari bwigere kiboneka kandi kibandanya kugira inguvu.

Ico gihuhusi kiza camaze guca umuhigo ku nguvu kimaze kugira n'ibirometero 8000 kimaze kugira mw'ibahari ya Indiana.

Uko kumara igihe kinini n'inguvu vyatumye gishingwa ijisho cane n'abahinga muvyo ikirere hirya no hino kw'isi.

Ico gihuhusi catanguriye ku nkengera y'uburaruko bwa Australia mu ntango z'ukwezi kwa kabiri, hanyuma kigenda ibirometero ibihumbi n'ibihumbi kigana ubumanuko bw'ibahari Indiana, conona ibintu mu mazinga ya Maurice na Reunion, imbere yo gushika muri Madagascar mu ndwi zibiri zikurikira, hanyuma muri Mozambike.

Abahinga bavuga ko ari inzira idakunze gucamwo igihuhusi nk'ico.

Gisanganywe umuhigo w'inguvu z'umurengera mu gice c'epfo c'isi (hémisphère sud). N'urugero rw'inguvu z'igihuhusi uko umwanya ugenda.

Mozambike ubu yiteguriye ko gishikayo ubugira kabiri, mu gihe batari bwibagire imvura n'umwuzure ico gihuhusi cateye.

Madagascar yaronse imvura ingana n'incuro zitatu n'iyo yahora ironka buri kwezi mu ndwi iheze gusa.

Komite ijejwe ikirere n'ihindagurika ry'ibihe muri Onu ivuga ko ishobora gutanguza amatohoza kuri ivyo vyabaye "bidasanzwe" kandi "bishika gake" ico gihuhusi kirangiye.