Buffalo cabaye 'nk'ahabereye intanbara' kubera igihuhusi c'ubukonje

Ahavuye isanamu, Reuters
Igihuhusi gikomeye c'urubura cugarije Amerika ya Ruguru catumye igisagara ca Buffalo, mu ntara ya New York, gisa n'ahariko harabera intambara, nk'uko bivugwa n'umukuru w'iyo ntara.
Ku wa mbere, ico gisagara caharuye abantu 25 bahitanywe n'impfu ziturutse kuri ico kirere kibi, mu gihe ku wa Mungu bari 13 gusa.
Ico gihusi kiva muri Canagigashika mu bumanuko nk'i Rio Grande kimaze guhitana abantu 50 mu gihugu cose.
Abakurikirana ingene ikirere gihinduka bavuga ko ico gihuhusi kizoturura mu minsi mike iri imere ariko abantu n’ubu bagirirwa inama yo kwirinda gufata ingendo kiretse ari nkenerwa cane.
Ico gihuhusi cari kimaze iminsi cahungabanije ibintu ariko ubu umuyagankuba uriko uragaruka inyuma y’iminsi abantu bari mu kizime.
Abakiriya hafi 200.000 ntibagira umuyagankuba kuva ku wa Mungu inyuma ya sasita (mu masaha yo mu buseruko bwa Amerika na Canada) bavuye kuri miriyoni 1.7, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo Associated Press.
Ingendo ibihumbi z’indege zarahagaritswe, bituma abantu benshi badashobora gushikira imiryango yabo ngo basangira Noeli.
Abanyamerika miriyoni 55 ku wa mungu bari bagifise imburi z’uko hari igihuhusi c’imbeho.
Umukuru w’intara ya New York Kathy Hochul asanzwe avuka Buffalo – yavuze ati: “Bigiye mu mateka nk’igihuhusi ca mbere gikomeye muri kahise ka Buffao.”
Yabwiye abamenyeshamakuru ku wa Mungu ku mugoroba ati: “Uhashitse umenga ni ahabereye intambara, imiduga kw’ibarabara nayo iteye agahinda.”
Yavuze ko abahaba n’ubu boguma mu mazu kuko uko ibintu bikimeze “umuntu ashobora kuhasiga ubuzima”.
Umuryango umwe ufise abana bakiri bato -b'imyaka iri hagati ya 2 na 6 - barindiriye amasaha 11 imbere y'uko batabarwa mu masaha ya kare yo ku munsi wa Noel.
Se w'abana, Zila Santiago, yabwiye CBS News ati: "Mu vy'ukuri nari nataye icizere''.
Yavuze ko bagumye basusurutse kuko yaretse imoteri ikaguma yaka hanyuma akagwanya kwihebura mu gukina n'abana.
Vyitezwe ko abandi benshi bahuye n'akaga c'ico gihuhusi bazotorwa niyo ibirundo vy'urubura vyamara gushonga gutyo bikagaragaza abagotewe mu miduga no mu ngo ziri kure.

Ahavuye isanamu, Reuters
Impfu ziturutse kuri ico gihuhusi c’urubura zaravuzwe kandi muri Vermont, Ohio, Missouri, Winsconsin, Kansas na Colardo.
Ubushushe muri Florida y’ubumanuko bwarakorotse cane gushika aho imiserabanyi izwi nka iguana icika ibuye igakoroka iva ku biti.
Intara ya Montana mu burengero bwa Amerika niyo ibabajwe cane n’iyo mbeho kurusha ahandi , aho ubushuhe bwagabanutse gushika kuri degre 45 munsi y’ubusa (-45C).
Muri Canada, intara za Ontario na Quebec nizo zibabaye cane.
Muri Quebec abakiriya bashika 120.000 nta muyagankuba bari bafise ku wa Mungu. Abategetsi bavuga ko bishobora gufata iminsi imbere y’uko ingo zimwe zimwe zisubizwa ku mirongo y’umuyagankuba.










