Perezida Raisi wa Irani yapfiriye mw'isanganya rya kajugujugu

Imboneshakure ya Irani ihejeje kwemeza ko umukuru w’iki gihugu Ebrahim Raisi, be n’umushikiranganji w’imigenderanire Hossein Amir-Abdollahian, bapfiriye mw’isanganya rya kajugujugu yari ibareruye ejo ku wa Mungu.

Imbere y’aha, itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryari ryasubiyemwo umutegetsi wa Irani avuga ko iyi kajugujugu “yahiye iratokombera”.

Uno mutegetsi yavuze ati: "Kajugujugu ya Perezida Raisi yarahiye iratokombera muri iri sanganya…ku gihamana kibi abari muri yo bose bashobora kuba barapfuye.”

Iyi kajugujugu yakorotse mu gatondo k’ejo ku wa Mungu mu buraruko bushira uburengero bwa Irani, biturutse ku gipfungu (igihu mu Kinyarwanda) cinshi catumye hatabona neza, nk’uko bitangazwa n’imboneshakure y’iki gihugu.

Perezida Raisi yariko araja mu gisagara ca Tabriz c’intara ya Azerbaijan y’Ubuseruko (East Azerbaijan) ya Irani, iri mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.

Perezida Raisi yari avuye mu rugendo ku rubibe igihugu ciwe gihana n’igihugu ca Azerbaijan, aho we na mugenziwe w’iki gihugu Ilham Aliyev bari bahejeje kwugururira hamwe ingomero za Qiz Qalasi na Khodaafarin.

Hagati aho izindi kajugujugu zibiri zari kumwe n’iyi yari ireruye umukuru w’igihugu zarashitse amahoro amarembe.

Abajejwe ubutabazi bashitse aho iyi kajugujugu yakorokeye mu gatondo ko kuri uno wa mbere inyuma y'amasaha atari make bari bamaze bayihiga kuva ejo ku wa Mungu, igikorwa kitari coroshe kubera ari akarere kagoye gushikamwo, kagizwe n’imisozi yuzuye ibiti.

Hampande ya Perezida Raisi n’umushikiranganji w’imigenderanire, itororokanirizo ry’amakuru rya Irani IRNA ritangaza ko Ayatollah Mohammad Ali Al-e Hashem, umu-imam w’igisagara ca Tabriz, hamwe na Jenerali Malek Rahmati, buramatari w’intara ya Azerbaijan y’Ubuseruko, na bo nyene bapfiriye muri iri sanganya.

Umukuru w’igisirikare gicungera umukuru w’igihugu, Sardar Seyed Mehdi Mousavi, na we nyene yapfiriye muri iri sanganya, co kimwe n’abasirikare bakeya bacungera umukuru w’igihugu bari kumwe muri iyo ndege, hamwe n'abari bayitwaye.

Imbere y’uko hemezwa urupfu rw’aba bategetsi, abanyagihugu bo ku mugwa mukuru Tehran bakoraniye hamwe mu masengesho.

Ebrahim Raisi yari Perezida wa Irani kuva muri Myandagaro (8) mu 2021.

Si bwo bwa mbere indege yiha inkumbi muri Irani

Bivugwa ko iri sanganya ryatewe n’ikirere kibi, ariko Irani isanzwe ifise kahise atari keza ku mutekano w’ingendo zo mu kirere, imwe mu mvo ikaba ari ibihano vya Amerika iki gihugu kimazemwo imyaka mirongo, vyagize ingaruka mbi cane mu bijanye n’indege zaco.

Perezida Raisi yari muri kajugujugu Bell 212, nk’uko ibinyamakuru vyegamiye reta bibivuga, indege yahinguriwe muri Amerika, ariko hashobora kuba ata yindi yo muri ubu bwoko yashoboye kugurishwa kuri Irani kuva ku mpinduka zo mu 1979.

Abahoze ari abashikiranganji, uwo kwivuna abansi n’uwujejwe gutwara abantu n’ibintu, co kimwe n’abakomanda, uwurongoye igisirikare kirwanira ku butaka hamwe n’uwurongoye igisirikare kirwanira mu kirere, na bo nyene baraguye mu masanganya y’indege canke ya kajugujugu.

Igihe abarondera impinduka bashika ku butegetsi, intego yabo yari iyo kunagura igisata c’igihugu kijejwe indege biciye mu kugiriranira ibiganiro n’Uburengero vyotuma ibihano bivanwaho, hanyuma Irani nayo ikemera kugabanya ibikorwa vyayo vya nikleyeri, ikemerera kandi n’abagenzuzi mpuzamakungu kwinjira mu gihugu.

Hagati aho, utu twigoro twose twarahagaze igihe Perezida Donald Trump yivumbura muri ano masezerano agasubizaho ibihano.

Aba barondera impinduka bararwanijwe bongera barashinyagurizwa n’abagendera ku vyiyumviro bikaze bashimangira ko Irani ishobora kwibako iciye ku nganda zayo n’incuti zayo zo hanze mu kunagura umutekano w’ingendo z’indege zayo.