Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burna Boy na Rema batsindiye udushimwe dutanzwe na Billboard ku nshuro ya mbere ku mudiho wa Afrobeat
Rurangiranwa wo muri Nigeria, Burna Boy, yatsindiye agashimwe ka Billboard Music Award kiyongereye ku tundi dukomeye amaze gutahukana.
Uwo muririmvyi, yatsindiye agashimwe ka Grammy kiwe kambere mu ntango z’uno mwaka, yatangajwe n’urwego Billboard rwo muri Amerika nk’uwenuriye abandi mu mudiho wa Afrobeat.
Ashikira ako gashimwe ejo ku wa Mungu Burna Boy yagize ati “[aka gashimwe] ndagatuye Afrika hamwe na buri muhanzi wo muri Afrika muri iki gihe”.
Billboard nirwo rwego ruheruka kwongera umudiho wa Afrobeat mu midiho rutangamwo udushimwe, bikerekana ingene uwo mudiho umaze guhurumbirwa na benshi hirya no hino kw’isi.
Aho yashikiriza ubutumwa muri video yari yafashwe mbere, Burna Boy yagize ati “kazoza gasa neza… iyi ni ‘imponjo’ gusa ntaco murabona kuko vuba cane muzobona indoto yose uko yari imeze”.
Uwundi muhanzi nawe nyene wo muri Nigeria, Rema, nawe yatewe iteka muri ivyo birori kubera indirimbo yiwe ikunzwe cane, Calm Down, imaze kwesa imihigo myinshi yo kwumvirizwa cane.
Ashikira agashimwe k’indirimbo ya Afrobeat yakunzwe kurusha izindi ejo kuwa Mungu, Rema yashimiye abakunzi biwe anavuga yuko ako gashimwe ari “ikimenyetso c’ubumwe hamwe n’ukwiganza kwa Afrobeat kw’isi”.