Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
South Africa: Umunani biciwe i Gqeberha mu birori vy'isabukuru y'amavuka
Abantu umunani bishwe, abandi bane barakomerekera mu kurasana mu musi mukuru w'amavuka mu gisagara ca Gqeberha mu ntara ya Cape iri mu buseruko bwa Afrika y'Epfo.
Abagabo babiri bitwaje inkoho batamenyekanye "barashe ata gutoranya mu bashitsi" bariko baratamba mu kivunga igihe hariko haraba umusi mukuru mu muryango i Kwazakhle, nk'uko bivugwa n'igipolisi.
Nta muntu n'umwe arahagarikwa, ariko bariko bararonderwa.
Abishwe n'abakomeretse ntibaramenyekana abo ari bo, ariko igipolisi kivuga ko nyene inzu yaberamwo uwo muri mukuru ari muri bo.
Avuga kuri ico gitero co ku w'Imana, umukuru w'igipolisi mu karere ko mu buseruko bwa Cape, Nomthetheleli Lillian, yagize ati:"Abahasize ubuzima bishwe n'abicanyi, kandi ntituzohema igihe cose tutazoba turamenya ingene vyagenze n'uwakoze ico gitero ata kinya."
Umushikiranganji ajejwe igipolisi, Bheki Cele, yishikiye ahabereye ico gitero kuri uyu wa mbere, aca asaba ko hoba ukwihangana mu gihe amatohoza akibandanya.
Avugana n'abamenyeshamakuru i Gqeberha, hahoze hitwa i Port Elizabeth, Cele yagize ati:"Turazi ko mwese mushavuye, kandi mwipfuza ko dushira mu bikorwa ivyo mwipfuza n'ingonga, ariko turasavye akanya gato kugira twite kuri ico gikorwa."
Igihugu ca Afrika y'Epfo ni kimwe mu bifise ibiharuro bihanitse vy'abantu bicwa barashwe kw'isi, ariko ni gake barasirwa mu kivunga.
Mu mwaka uheze, ico gihugu carabayemwo kurasirwa mu bubare butandukanye kwinshi kwahitanye abantu 20. N'ubu ubwo bwicanyi bukaba bukiriko buragirwako amatohoza.