Menya inkingi zitatu Ubuhindi buhagazeko mu kurondera kuba rutura kw’isi mu kinjana ca 21

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuhindi buri mu matora ya mbere maremare atari bwigere abaho kw’isi.
Ano matora yatanguye ku wa 19 Ndamukiza (4) akazobandanya gushika ku wa 1 Ruheshi (6), aho abashika hafi umuriyaridi ari bo bayitabira, ni ngirakamaro cane kugira ngo iki gihugu gishike ku ntego yaco.
Nk’uko ibiharuro ngereranyo bivyerekana, vyitezwe ko umushikiranganji wa mbere Narendra Modi atsinda ano matora.
Modi afise akarusho k’uko mu gihe c’ubutegetsi bwiwe ikibanza c’Ubuhindi mu mahanga cateye imbere kandi n’imigenderanire na Amerika igakomera.
Ni kimwe mu bihugu bike kw’isi bitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, kikaba n’igihugu giherutse guca ku Bushinwa nk’igihugu ca mbere gifise abantu benshi kw’isi, kikongera kandi kikaba igihugu ca mbere cashoboye gushika ku ruhande rw’ubumanuko rw’impera y’ukwezi.
Bivanye n’ukwiyongera kw’abantu bifashe neza (mu kubaho), ubukomezi bw’ubucuruzi bwabwo, bufashijwe kandi n’imiriyaridi 1,4 z’abantu babwo, Ubuhindi bufise icizere co kuba igihugu gishasha c’igihangange kw’isi mu vyo ubutunzi muri iki kinjana ca 21.
"Ubuhindi buzoba igihangane kw’isi: gifise igitigiri kinini c’abaguzi kandi gifise abanyagihugu bakiri bato”, nk’uko bivugwa na Pushpin Singh, umuhinga mu vyo ubutunzi ku kigo c’ubushakashatsi mu vyo ubutunzi, Center for Economic and Business Research (CEBR), gifise icicaro i Londres mu Bwongereza.
Nk’uko biri mu cegeranyo c’iki kigo, CEBR, casohoye muri Kigarama (12), ubutunzi bw’Ubuhindi bwitezwe kubandanya buduga gushika ku rugero rwa 6.5% hagati ya 2024 na 2028, kandi kuva mu 2032 kizofata ikibanza ca gatatu mu butunzi, gisumbe Ubuyapani n’Ubudagi.
Ibiharuro vyerekana ko mu mpera z’iki kinjana Ubuhindi buzoba ari co gihugu ca mbere rutura kw’isi mu vyo ubutunzi, aho mu 2080 umwimbu rusangi wo hagati mu gihugu uzoba usumba uwa Amerika ku rugero rwa 30%.
Abategetsi b’iki gihugu ca Aziya bashingira ku gitigiri kinini c’abanyagihugu hamwe n’ijunja gifise mu bijanye n’imigenderanire mu rugamba rwaco rwo kurondera kuba igihugu rutura.
1. Kwifata nk’ijwi rivugira igice c’ubumanuko bw’isi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imbere yo kwiyumvira guhiga na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugira igihagararo kiruta ibindi kw'isi, Ubuhindi bumaze kwiha intego ya hafi: kuba indongozi y’ikizwi nk’igice c’ubumanuko bw’isi, ijambo rikoreshwa ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere vya Aziya, Afrika na Amerika y’ubumanuko, bikirondera kugira ijambo mu buzima bw’isi.
Mw’ijambo yashikirije mw’ikoraniro rigira kabiri ryiswe Voice of the Global South (twogereranya mu Kirundi na Ijwi ry’igice c’ubumanuko bw’isi) muri Munyonyo (11) 2023, Modi yarumvishije ko umurwi w’ibi bihugu ushaka ubwigenge kandi ko witeguriye inshingano zikomeye mu biraba isi.
Yavuze kandi ko Ubuhindi bwishimiye kuba buhagarariye ijwi ry’ubumanuko mu makoraniro mpuzamakungu, nk’irya G20.
Ronak Gopaldas, umuhinga mu bijanye n’ubutunzi na poritike mu kigo c’abahinga Signal Risk gifise icicaro muri Afrika, avuga ko Ubuhindi buriko bukoresha ubutunzi bwabwo bugenda bwisununura mu kurondera ijambo mu turere dutandukanye tw’isi, cane cane muri Afrika, umugabane Ubuhindi burondera cane.
Gopaldas abwira BBC ati: "Kuva mu 2050, umwe ku bantu bose bazoba baba kw’isi azoba ari Umunyafrika. Ni umugabane wa mbere kw’isi ufise abantu bakiri bato bafise imyaka yo gukora, kandi ufise amabuye y’agaciro isi ikeneye mu twigoro two guhindura amasoko ntanganguvu. Afrika ni nini kandi ni ngirakamaro ku buryo atawoyirengagiza.
"Ibihugu vyinshi vya Afrika bibona Ubuhindi nk’igihugu cahoze gikenye ariko ubu kiriko kiratera imbere, mu gihe na bwo bwifata nk’ijwi ry’Ubumanko bw’isi".
Umushikiranganji wa mbere Narendra Modi yarakoresheje ububasha nk’umukuru wa G20 w’igihe gito hamwe n’ikoraniro ryayo ryabereye i New Delhi mu mwaka uheze mu kwerekana Ubuhindi nk’“ikimenyetso co kutikumira” mu bihugu vyo mu bumanuko bw’isi.
Kumbure intambwe ya mbere ikomeye mu bijanye n’imigenderanire mu mwaka uheze yabaye ukwemerwa kw’iciyumviro ciwe c’uko Ubumwe bwa Afrika bwohabwa ikibanza ntayegayezwa muri iri huriro.
Umuhinga mu vyo ubutunzi Pushpin Singh aremera ko Ubuhindi bwashimitse mu kwubaka ijunja ku rwego mpuzamakungu.
Asigura ati: "Burashaka gukwegakwegera mu gihugu abanyamitahe mvamakungu no kwunga ubucuti n’ibindi bihugu kw’isi, mu ntego yo kugira ijambo rikomeye kw’isi be no guhiganwa n’ibindi bihugu rutura”.
Singh ntiyemera ko igihugu ciwe kinyotewe no kwitwa igihugu rutura kw’isi.
Ati: "Ubuhindi burazi ko hakiri vyinshi vyo gukora, ariko nibaza ko buzi ko bitebe bitebuke iki ari ikintu kizoruhira kuba".
2. Kwubaka ubucuti n’impande zitandukanye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu gihe ya ntambara yo kurerekana ku jisho (Guerre froide/Cold War) yari yiganje kandi iranga poritike mpuzamakungu y’ibihugu bitari bike, Ubuhindi bwahisemwo kutagira uruhande bwegamiye gushika n’aho mu 1961 uru ruhande ruba ihuriro: umuhari w’ibihugu ataho vyegamiye (Mouvement des non-alignés/Non-Aligned Movement).
Ariko mu myaka mike iheze, Ubuhindi bwarahevye iyi poritike yo kutagira uruhande bwegamiye kugira ngo butangure poritike yo kuja hamwe n’impande nyinshi zitandukanye.
Muri Rusama (5) 2022, Ubuhindi bwaritavye ibiganiro vy’inyabune (Quadrilateral Security Dialogue, Quad) vyabereye ku mugwa mukuru w’Ubuyapani Tokyo, aho Modi yatangaje ko Ubuhindi busangiye intego rusangi n’ibindi bihugu bigize iyi nyabune (Australia, Ubuyapani, Reta Zunze Ubumwe za Amerika) mu karere ka Indus.
Muri Ruheshi uwo mwaka nyene, yabonetse ari kumwe n’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jinping, hamwe na mugenziwe w’Uburusiya, Vladimir Putin, mw’ikoraniro rigira 14 ry’ihuriro BRICS ( Brezil, Uburusiya, Ubuhindi, Ubushinwa na Afrika y’Epfo) ryabaye hifashishijwe ubuhinga bwa video kandi asaba gukomeza iri huriro.
Ata gihe kihaciye, umukuru wa reta y’Ubudagi Olaf Scholz yatumiye Ubuhindi mw’ikoraniro ry’ibihugu indwi bikize gusumba ibindi kw’isi (G7) ryabereye i Bavière/Bavaria nk’igihugu kigenzi.
Mu kwitabira ano makoraniro afise imbono zitandukanye z’isi, Ubuhindi bwiyaguriye ubucuti mu rwego rw’imigenderanire bushingiye ku bintu bifadika, atari mu marangamutima gusa.
Muri ubu bucuti, imigambi nyamukuru y’igihe kirekire y’igihugu niyo iza imbere, ariko ubucuti bushingiye kuri poritike mpuzamakungu busa n’ubugenda mu bwitonzi: incuti ku kibazo kimwe ishobora kuba umukeba ku kindi.
Ronak Gopaldas, umuhinga mu vyo ubutunzi ati: "Ubuhindi ni incuti ngirakamaro mu vyo ubutunzi n’umutekano ku bihugu vy’Uburengero kandi burazi ko ari uko nyene. Aho nyene, bwifata nk’indongozi y’igice c’Ubumanuko bw’isi kandi bufitaniye ubucuti bwo kuva kera n’Uburusiya.
"Kuri ivyo vyose, bugerageza gushira inguvu mu bijanye no kurondera ikibanza mu vyo ubutunzi kugira ngo igihugu gishobore gushika ku masezerano y’ubutunzi yobuzanira akarusho".
Golpaldas avuga ko kwubaka ubucuti n’impande zitandukanye bisaba kwubaka imigenderanire myiza kandi ko gushika ubu Ubuhindi bwavyitwayemwo neza mu gushira mu ngiro ino poritike nk’igihugu gikomeye gifise "ukuguru kumwe muri Quad ikagira ukundi muri BRICS.
"Ariko kumbure bishobora gushika aho utegerezwa guhitamwo uruhande wegamira, vyose bikazoterwa n’uburyo imigenderanire yawe ibandanya ivyifatamwo".
3. Abanyagihugu baba mu mahanga bafise inguvu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubuhindi ni kimwe mu bihugu bifise abanyagihugu benshi baba mu mahanga kandi bateye imbere kw’isi.
Ishirahamwe ONU rizi ko Abahindi baba hanze bangana n’imiriyoni 18, ariko Ubuhindi buvuga ko bashika imiriyoni 30 (mu gihe abataye ubwenegihugu bwabo na bo nyene baharuwemwo, ni mu gihe iki gihugu kitemera ubwenegihugu bubiri).
Benshi baba mu bihugu vyo mu Kigobe c’Abarabu, muri Amerika, mu Bwongereza na Canada.
Aba bimukira bafise uruhara mu vyo ubutunzi. Mu 2023 barungitse mu gihugu cabo amafaranga yababa imiriyaridi 125 z’amadorari y’Abanyamerika, hafi 3,4% vy’umutungo rusangi w’igihugu, ivyatumye Ubuhindi buba igihugu ca mbere kw’isi cinjiza amafaranga yo hanze.
Abahindi baba hanze mu bisanzwe barize kandi baratunze. Uburorero bubiri bwa mbere bukomeye bw’abamuka muri iki gihugu ni Kamala Harris, icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hamwe na Rishi Sunak, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.
Hanyuma kandi, hagati y’umwaka uheze, Ajay Banga yavukiye hafi y’igisagara ca Bombay, yagenywe nk’umukuru w’Ibanki y’isi yose, kimwe mu bigo nyamukuru bijejwe amafaranga kw’isi yose.
Abahindi canke abo bose bafise amamuko mu Buhindi barongoye amakompanyi makuru makuru nka Google, IBM na Microsoft.
Kuva ashitse ku butegetsi mu 2014, umushikiranganji wa mbere Narenda Modi yarondeye kwubaka ubucuti bwa hafi na bagenziwe baba mu mahanga, ari nabo yita "ishusho y’igihugu mu makungu".
Arazi neza ko kugira abanyagihugu baba hanze bateye imbere kenshi biha ishusho nziza igihugu bavamwo kandi ko ashobora kubihekako mu guteza imbere inyungu z’igihugu mu makungu.
Pushpin Singh ati: “Nta nkeka ko Abahindi benshi baba hanze ubu bariko barakwiragira kw’isi, na jewe nkaba ndimwo, bariko bafasha mu kwubaka ijunja n’ijambo vy’igihugu”.
Uruhara rw’Abahindi baba hanze si ikintu gishasha, ariko ruriko rwiyongera biboneka.
Chietigj Bajpaee, umushakashatsi akongera akaba n’umuhinga mu bijanye n’ivya nikleyeri, ku kigo c’ubushakashatsi, Chatham House co muri Aziya y’ubumanuko gifise icicaro i Londres, abwira BBC ati: "Abahindi baba hanze bagize uruhara rukomeye mu gukomeza ubucuti hagati ya Amerika n’Ubuhindi mu myaka 20 iheze kandi ibi vyatumye ibi bihugu vyompi bishika ku masezerano ya nikleyeri”.
Abona ko igitigiri kinini c’Abahindi baba mu mahanga, urugero rw’amashure yabo bize, amatungo yabo hamwe n’ikibanza bafise mu bigo bikomakomeye, “vyose ni umutahe” kuri iki gihugu co muri Aziya.
Inzitizi zo hagati mu gihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Chietigj Bajpaee avuga ko Ubuhindi butariko buritwa igihugu rutura ubu bwa vuba kubera inzitizi zitari nke buhura nazo, mu vyo ubutunzi no mu vyo imibano.
Abwira BBC ati: "Ubutunzi burafise ingorane z’uburongozi. Iyi reta yo nyene iherutse kwemera ko bibiri vya bitatu vy’abanyagihugu b’Ubuhindi baronswa imfashanyo kanaka y’imfungurwa: aba ni abashika imiriyoni 800”.
Abandanya agira ati: "Hari kandi n’ingorane zishingiye ku bikorwa remezo n’ukwunguruza ibintu, kandi Ubuhindi buracagendera kuri poritike yo kuzibira ibidandazwa mvamakungu kwinjira mu gihugu”.
Bajpaee abona ko ikintu nyamukuru cokwerekana nimba Ubuhindi bushobora kuba igihugu rutura ni igihe buzoshobora gufata ikibanza c’Ubushinwa nk’umushinge w’ubutunzi kw’isi, bukanaba ayandi mahitamwo kw’isoko mpuzamakungu, ibi bikaba vyogabanya kugendera ku Bushinwa.
Modi abona ko uko ari ko bizogenda. Mu rugendo rwiwe muri Afrika y’Epfo muri Myandagaro (8) mu mwaka uheze, yavuze ati: "Ubuhindi buzoba imoteri y'izamuka ry'ubutunzi kw'isi".
Mu mpera za 2023, igihugu cashoboye gufata ikibanza ca mbere kw’isi gifise ubutunzi buduka ku muvuduko munini, aho bwaduze ku rugero rwa 8.4% mu mezi atatu ya nyuma.
Ikibazo c’ubusumbane bugenda bwiyongera hagati y’uburaruko n’ubumanuko bw’igihugu naco kiraraje ishinga Abahindi benshi.
Nubwo ari vyo ko ubutunzi bw’igihugu bwaduze cane mu myaka 20 iheze, itunga ry’igihugu ntiryashitse mu gihugu cose.
Muri rusangi, ubumanuko n’uburengero (havuyemwo Rajasthan na Kerala) ni uturere dutunze kandi duteye imbere cane gusumba uburaruko bw’abirimizi kandi bufise abantu benshi.
Uri mu bumanuko ushobora kubona Ubuhindi buteye imbere, bwuzuye amakompanyi n’inganda nshasha nyinshi, ariko amamiriyoni y’abanyagihugu bo mu buraruko ni abakene kandi bahanzwe n’ubushomeri, ikibazo nyamukuru mu gihugu cose.
40% vy’Abahindi bari ku myaka yo gukora ni bo bafise akazi canke bipfuza akazi nk’uko biri mu biharuro vyasohowe n’ikigo Center for Monitoring Indian Economy (CMIE) mu mwaka uheze.
Reta nshasha y’Ubuhindi itegerezwa kuronderera abanyagihugu ubuzi bukwiye kandi igahimiriza ko abagore bahabwa ikibanza mu buzi: 10% gusa vy’abagore bari mu myaka yo gukora ni bo bari bafise ubuzi mu mpera ya 2022, nk’uko vyerekanwa na CMIE.
Ugucanamwo
Ugucanamwo mu vya poritike ni ingorane ikomeye mu gihugu.
Kuva mu kinjana ca 19 hamye ukwijijanya imitima ku ciyumviro c’uko Ubuhindi bwoba igihugu kitagendera kw’idini na rimwe canke nimba gikwiye kugendera kw’idini ry’Abahindu, na rirya 80% vy’abanyagihugu bose ari abanywanyi b’iri dini.
Impari zariyongereye kuva mu 2014, igihe umugambwe wa Modi BJP ugendera ku vyiyumviro vy’aba-Hindu utsindiye amatora.
Hagati aho, ikumirwa ry’Aba-Isilamu ryariyongereye.
Umwanditsi Devika Rege, aherutse gusohora igitabo Quarterlife, kivuga ingene Ubuhindi bwahindutse inyuma y’amatora ya 2014, abona ko igihugu ciwe gihanzwe n'ikibazo c’“umwumvikano muke mu banyagihugu".
Aremeza ko igihugu ciciyemwo kubiri kandi ko ubwigenge bw’abanyagihugu bwahungabanijwe kuva inyuma y’aya matora.
Indyane muri poritike y’akarere

Abatari bake babona kandi ko iterambere ry’Ubuhindi rishobora kubangamirwa bivuye ku karere burimwo.
"Ni akarere karangwamwo imishamirano ya poritike hagati y’ibihugu", nk'uko bisigurwa n’umuhinga mu vyo ubutunzi Pushpin Singh.
Ubuhindi buracahanganye na Pakistan, igihugu kibanyi na co nyene gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara kandi gihanganye na bwo mu karere ka Kashmir kiganjemwo Aba-Isilamu.
Buri gihugu kivuga ko aka karere kacegukira, ariko ugasanga kigenzura igice gito. Biramaze gutana mu mitwe mu ntambara zibiri be no mishamirano ibayabaye kubera aka karere.
Ubuhindi n’Ubushinwa, iki na co nyene kikaba kirwanira igice gitoya ca Kashmir, ntivyumvikana kandi ku bijanye n’urubibe ruca mu karere ka Himalaya mbere muri kahise bikaba vyaratanye mu mitwe.
Kuva mu myaka ya 1950, Ubushinwa bwaranse kwemera imbibe zaciwe n’Ubwongereza mu gihe c’ubukoloni.
Mu 1962, ibi vyatumye haduka intambara ngufi ariko mbi hagati y’ibi bihugu bibiri, yagiye kurangira Ubuhindi butsinzwe mu buryo buteye isoni.
Ubu bwa vuba, mu 2020, ibi bihugu vyarasubiye guhangana.
Mu bindi bihugu bibanyi vy’Ubuhindi harimwo Afghanistan na Myanmar, ibihugu ubu vyugarijwe n’intambara zo hagati muri vyo.
Izi ni indyane ziteza agatosi iterambere ry’Ubuhindi nk’uko bivugwa na Bajpaee.
"Ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba Ubuhindi bushobora gutera imbere butagendeye ku karere kabwo", nk’uko uno mushakashatsi wa Chatham House abivuga.
Abatari bake bizeye ko bishoboka.













