Igiporisi ca Malawi cafashe umunani bagirizwa ubusuma mu matora

    • Umwanditsi, Nomsa Maseko
    • Yakoze inkuru ari, Lilongwe

Igiporisi ca Malawi cafashe abantu umunani bagirizwa ubusuma mu gihe igihugu kirindiriye ivyavuye mu matora rusangi yo ku wa kabiri.

Umugenduzi mukuru Merlyne Yolamu yavuze ko abikekwa, bakora mu kwinjiza mu mashini ivyavuye mu matora, bariko baragerageza guhindura ibiharuro.

Muri Malawi amatora yo mu 2019 yaranzwe n'impari igihe sentare iruta izindi yaca ifuta intsinzi y'uwari umukuru w'igihugu Peter Mutharika, ivuga ko hari habaye utunenge twinshi ahantu henshi mu gihugu.

Ubu rero, umugwi wa Malawi ujejwe amatora wameze magabo kugira uhangane n'ibibazo bishobora kwaduka. Gushika ubu, ibiharuro bimaze kuboneka, vyerekana ko Mutharika ari imbere mw'ihiganwa ry'umukuru w'igihugu, uwuhasanzwe Lazarus Chakwera akaza ubwa kabiri.

Ibindi vyinshi bivuye mu matora mu turere 36 two muri Malawi vyitezwe gusohoka ku musi wa gatandatu - kugira hagire uwutsinda bikaba bisaba kuronka amajwi arenga 50% canke hagaca haba ingunga igira kabiri.

Hagati aho, umugambwe wa Chakwera, Malawi Congress Party, wavuze ko watanze ikirego mu mugwi w'amatora, uvuga ko wabonye utunenge mu guharura amajwi.

Ntibasobanuye neza utwo tunenge utwo ari two.

Uwo mugwi witezwe gutangaza ivyavuye mu matora ari uko umaze kwegeranya no guharura neza amajwi yose kugira wirinde ko hoba igihengeri c'uko ibitangajwe vya nyuma hari abovyanka.

Nk'uko itegeko rivuga, umugwi ujejwe amatora ufise gushika ku wa gatatu mu mpera z'amatora kugira utangaze ibiharuro vya nyuma.

Mu mwaka wa 2019, igihe intsinzi ya Mutharika yafutwa, sentare yavuze ko hari habaye ubusuma bwinshi, harimwo no gukoresha irangi ryo gufuta Tip-EX ku mpapuro z'amatora.

Chakwera, w'imyaka 70, yatsinze iyo ngunga ya kabiri y'amatora aca ayatsinda ku majwi menshi cane aca aba umukuru w'igihugu.

Mutharika, w'imyaka 85, yizigiye gutsinda maze agaruke ku butegetsi mu buryo bwoba butangaje.

Abanya Malawi baratoye kandi abashingamateka n'abakuru b'inzego zo hasi mu myiyamamazo y'amatora yaranzwe n'ingorane z'ubutunzi ziguma zikomera, zatumye haba ubukene bukomeye bw'ibitoro n'amafaranga mvamakungu.

Urugero ruzwi icese rw'iduga ry'ibiciro rungana na 30 kw'ijana, inkoko ikonje mu iduka rinini ryo ku murwa mukuru Lilongwe, ikaba igurwa amadorari nka 20 (hafi 60.000 mu mafaranga y'Uburundi ku rugero rwo muru banki), mu gihugu aho abantu benshi babaho ku madolari 2 canke munsi y'ayo ku musi.