Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imbibe za Ukraine ntizishobora guhindurwa ku nguvu, abategetsi b'Ishirahamwe rya Buraya niko bavuga
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Igikorwa, BBC News
Abategetsi ba Buraya baragabisha ko imbibe za Ukraine zidashobora gusubirwamo ku nguvu - iminsi ibiri imbere y'inama ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya kuri Ukraine itegekanijwe kubera muri Alaska.
Mw'itangazo, abategetsi ba Buraya bavuze ko ''abanyagihugu ba Ukraine bategerezwa kugira ukwishira no kwizana mu gufata ingingo ya kazoza kabo.''
Ryongeyeko ko ingingo ngenderwako ''z'ubutavogerwa bw'ubutaka [bw'igihugu]'' zitegerezwa kwubahirizwa kandi ko ''imbibe mpuzamakungu zidashobora guhindurwa ku nguvu''.
Iryo tangazo ryemejwe n'abategetsi 26 kuri 27. Uwabura mu basinye n'umukuru wa Hongrie Viktor Orban, yagumanye imigenderanire y'ubugenzi n'Uburusiya kandi amaze kugerageza kenshi kuzibira imfashanyo y'Ishirahamwe rya Buraya kuri Ukraine.
Iryo tangazo ryagaragaje ingene abategetsi ba Buraya bahagaritswe umutima n'ibikorwa vy'Uburusiya muri Ukraine, ivyo ibihugu vyinshi - na cane cane ibihana imbibe n'Uburusiya canke ibicibuka ingene aba-Soviet bigeze kuvyigarurira - bibona ko bibigeramiye muri kazoza ka hafi.
Muri iyi myaka ya vuba, Swede na Finlande vyarinjiye muri Otan, ibihugu vyo mu kigobe ca Balte navyo biragarukana amategeko yo guhamagaza kwitaba igisirikare, Pologne nayo iraziganya amafaranga aharugwa muri za miriyaridi yo kwubaka uruhome ku rubibe ihana n'Uburusiya.
Ibihugu vya Buraya bifise kahise karekare k'imbibe zasubirwamwo biciye mu ntabara zagwamwo abantu benshi none ubu bikaba bitewe umutima uhagaze cane n'uko Amerika ishobora kureka ngo ivyo bishike muri Ukraine. Kwemera mu mategeko ko Uburusiya aribwo bwegukirwa n'intara bwihagiye muri Ukraine ku nguvu ntibishobora kwemerwa mw'ishirahamwe rya Buraya.
Umukuru wa Amerika Donald Trump yarashimitse mu kuvuga ko amasezerano y'amahoro ayo ari yo yose azoba arimwo ''ugukaba ubutaka'' aho Uburusiya bushobora gufata intara ya Donbas yose mu buseruko bwa Ukraine bukongera bukagumana Crimee. Nabwo bwoca burekura intara za Kherson na Zaporizhzhia, ubu bwigaruriye uduceduce.
Ku ndwi iheze, n'ubwo yemeye ko ubutaka bumwe bumwe bwa Ukraine bushobora kugenzurwa n'Uburusiya, umukuru wa Otan, Mark Rutte, yavuze ko ivyo bidakwiye kwemerwa icese.
Kuvyemera icese vyoca bisaba gusubiranwo ibwirizwa nshingoro rya Ukraine, navyo bica mu matora kamarampaka y'abanya-Ukraine, bibanje kwemerwa n'inama nshingamateka ya Ukraine. Iyo yoba ari intambanyi ikomeye kuri perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yonatuma reta yiwe isenyuka.
Ico nico gituma ubu ''ata n'umwe ariko aravuga kuvyemera icese ku rugero mpuzamakungu,'' niko umwigisha Mark Galeotti yabwiye ikiganiro Today ca BBC.
''Twokwemera ko ubu Uburusiya bugenzura hafi ibice 20% vya Ukraine ariko imbibe mpuzamakungu ziguma uko ziri,'' niko umwigisha Galeotti avuga, akongerako ko Zelensky ashobora kwemera ko ibintu ari uko bimeze atabanje guhindura ibwirizwa nshingiro.
Mw'itajngazo ryabo, abategetsi ba Buraya bavuze ko ''Intambara y'agasomborotso y'Uburusiya ifise ingaruka nyinshi kuruta aho ku mutekano wa Buraya n'amakungu'', bashimika ko hakenewe ''amahoro abereye kandi arama''.
Bavuze kandi ko Ukraine itegerezwa kugira ubushobozi ''bwo kwivuna vy'ukuri'' baca biyemeza kubandanya bayishigikira mu vya gisirikare, kuko ico gihugu kiriko ''kirakoresha uburenganzira bwaco bwo kwivuna''.
Agatosekaje ubumwe bw'iryo tangazo n'akarongo mu ndome zitozito hasi ku mpera z'urupapuro kavuga ko ''Hongrie ataho ihuriye n'iryo tangazo''.
Mu butumwa ku mbuga hwaniro, umukuru wayo Viktor Urban yavuze ko yahisemwo kureka gushigikira iryo tangazo kuko rigerageza gushinga ivyo kwisungwa mu nama aho Ishirahamwe rya Buraya ritatumiwe kandi agabisha abategetsi kureka gutangura gutanga ''amategeko bicaye ku ntebe yo kurindirirako''.
Yanabwiye Ishirahamwe rya Buraya gutunganya inama yaryo n'Uburusiya - n'ubwo abategets baryo bagumye bihoza ibiganiro n'Uburusiya kuva bugavye igitero kuri Ukraine mu 2022.
Ku wa mbere, Trump yahishuye ko yagishije inama Orban ku mashirwe ya Ukraine yo gutsinda Uburusiya ku rugamba. ''Yarandavye nk'uko [yovuga ati], 'umva ico kibazo c'ubujuju','' niko Trump yavuze, ashaka gusigura ko Uburusiya buzobandanya intambara gushika butsinze uwo bariko baragwana.
Trump na mugenziwe w'Uburusiya Vladimir Putin bitezwe guhurira muri Alaska ku wa gatanu.
Imbere y'aho abategetsi ba Buraya bimirije kugira ibiganiro na Trump ku wa gatatu. Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Keir Starmer nawe azoba ari muri ivyo biganiro, ku wa mbere akaba yavuze ko ''amahoro ategerezwa kwubakwa Ukraine irimwo, atari ukuyayibohera ku gakanu''.
Bizeye kuzokwumvisha Trump kuzirikana umutekano n'inyungu z'umugabane wa Buraya na Ukraine - mu gihe impungenge ziguma ziyongera ko amahoro azohatirwa kuri Ukraine amaherezo ashobora kutaba ''ayabereye'' canke ''ayarama''.