OMS isaba kwinjira muri Tigray 'vyihuta' gukiza ubuzima

Ahavuye isanamu, AFP
Abategetsi bo mw'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO bavuga ko gushika mu buraruko bwa Ethiopia bikenewe vyihuta kugira bakize ubuzima bw'imiliyoni n'imiliyoni z'abantu batakigira ikintu na kimwe.
Ingwara z'ivyaduka nk'agasama na kolera ziravugwa mu turere twa Amhara na Afar, aho amashirahamwe atabara yabujijwe guhonyozayo ikirenge.
Muri Tigray, aho atawugerayo aciye mu kirere canke mw'ibarabara haraciye indwi umunani, OMS ntishobora kumenya ubwoko bw'ingwara bwadutseyo.
Ariko abategetsi bavuga ko igikorwa co gucandaga ibibondo cahagaze kandi ko imiti imwe imwe nkenerwa yaheze. Amavuriro make adashika no kuri imwe kw'icumi ni yo agikora.
Hari kandi ubu, ubukene bw'ibifungurwa n'igitoro, aho hagereranywa ko ibice 89% vy'abanye Tigray badafise ivyo bafungura. abana na bo 29% bakaba bagwaye ingwara y'imirire mibi.
Muri Tigray, Amhara na Afar, Onu igereranya ko abantu imiliyoni 13 bakeneye imfashanyo.
Mu ntango z'uku kwezi, uwurongoye ishirahamwe OMS, Dr Tedros Adhanom Ghebreyesus. aturuka mu ntara ya Tigray, yavuze ko "hasigaye akantu gato hakaba jenoside".
Ku musi wa gatanu, abategetsi ba OMS n'aho batagarutse kuri ivyo, ariko bavuze ko gushika mu karere ka Tigray ari ikintu cihutirwa cane.
Ibiganiro vy'amahoro hagati ya reta ya Ethioipia n'abategetsi ba Tigray vyaratanguye muri Afrika y'epfo muri iyi ndwi, ariko ntibirashika aho birekurira abatanga imfashanyo kuja muri ako karere.










