Hadutse urubeya ku kiraro kimwe rukumbi gifatanya Crimea na Russia

Umuriro mwinshi ku kiraro conyene kiri hagati y'izinga rya Crimee ryigaruriwe n'Uburusiya hamwe n'ico gihugu watewe n'ikamyo yaturitse nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta.

Yaturikiye ku gace k'ibarabara ica ifatisha ibikono vy'igitoro vyari kw'ibarabara ry'indarayi, ibarabara rikaba ryaciye rikoroka.

Crimee yigaruriwe mu 2014 n'Uburusiya, bwakoresha ikiraro ca Kerch mu kujana ibigwanisho muri Ukraine.

Ibinyamakuru vya reta bivuga ko uruja n'uruza kuri ico kiraro rwahagaritswe.

Hanyuma umuhanuzi wa prezida Zelensky wa Ukraine, Mykhailo Podolyak, yise uko kwononekara kw'iryo barabara "intango" - ariko ntiyemeza nimba Ukraine ibifisemwo uruhara.

Kuri twitter yagize ati:"Ibintu vyose bidaciye mu mategeko bitegerezwa gusamburwa, ibintu vyose vyibwe bitegerezwa gusubizwa Ukraine, ikintu cose cigaruriwe n'Uburusiya butegerezwa kucirukanwamwo."

Akanama kajejwe kugwanya iterabwoba mu Burusiya, NAC kavuze gati:"Uyu musi isaha 06:07 yo mu Burusiya [03:07 GMT], imodoka itwara imizigo yaturikiye ku ruhande rw'ahaca imodoka ku kiraro ca Crimee, ku ruhande rw'izinga rya Taman, yaciye ifatisha ibikono indwi birimwo igitoro kw'igariyamoshi yari mu nzira igana Crimee.

"Inzira zibiri zicamwo imodoka zo kuri ico kiraro zakorotse."

Umukuru w'inama nshingamateka ya Crimee, Vladimir Kontantinov yegetse ivyo vyaturitse "kuri Ukraine ko yatevye igashobora gushikira ico kiraro ca Crimee ikoresheje iminwe yayo yuzuye amaraso".

Yongeyeko ko ivyononekaye kuri ico kiraro bishobora "gusanurwa vyihuta, kuko bidashemeye cane".

Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin bamubwiye "ivyihuta" kuri ico kiraro, aca ategeka ko haba amatohoza ya reta, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'ibiro vyiwe, Dmitri Peskov, vyashikirijwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya Interfax,

Ico kiraro ca kilometero 19 gica i Kerch cuguruwe na prezida Vladimir Putin mu 2018, inyuma y'imyaka ine Uburusiya bwigaruriye Crimee bwirengagije amategeko.

Bivugwa ko caronderwa cane guterwa n'ingabo za Ukraine ziguma zitera ahabitse ibikoresho vya gisirikare vy'Uburusiya.

Ico kiraro kiri nko ku birometero 160 uvuye aho Ukraine igenzura. Umwe mu bahinga mu vyerekeye ibiturika yabwiye BBC ko bishoboka ko uwo muriro utoba wavuye kuri misile.

Yagize ati:" Kuba atavyononywe n'ivyo vyaturitse bigaragara/ ibisigarira vy'ivyaturitse hejuru mw'ibarabara, vyerekana ko ata kigwanisho co mu kirere cakoreshejwe."

Yavuze ko bishoboka ko " igitero giteguwe neza co musi y'ikiraro gishobora kuba ari co cabitumye".

Yagize ati:"Ndakeka ko ibintu biturika vyaterewe rimwe kw'ibarabara ry'imodoka no kw'ibarabara ry'indarayi hakoreshejwe ubuhinga bwo kubituritsa uri kure."