CAN/AFCON: Havutse ikibazo ca poritike hagati ya Afrika y’Epfo na Nigeria imbere y'urukino rwa demi-finale

Hadutse icuka catosekaje imigenderanire hagati ya Nigeria na Afrika y’Epfo imbere y’uko ibi bihugu bitana mu mitwe mu rukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma kuri uno wa gatatu mw’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika.

Ibiro vy’ubuserukizi bwa Nigeria muri Afrika y’Epfo vyagabishije abafana b’umupira w’amaguru ba Nigeria bibasaba kwinengesera mu kwigina intsinzi ari nka hamwe igihugu cabo cotsinda.

Iri gabisha rifise intumbero yo kuzibira agasomborotso k’ibitero ku banyamahanga vyokorwa n’abanya-Afrika y’Epfo boba bashavuye.

Ariko Afrika y’Epfo ivuga ko ibi ata kindi atari “igabisha rishingiye ku bubeshi”.

Kuva kera iyi mirwi y’ibihangange - Super Eagles na Bafana Bafana – yamye ihanganye.

Ariko mw’itangazo ryabwo ejo ku wa kabiri, ubushikiranganji bwa Afrika y’Epfo bujejwe imigenderanire n’ugufashanya n’ayandi makungu (Dirco) buvuga ko abanya-Afrika y’Epfo ata kahise k’ubugumutsi bafise mu nkino zibahuza na Nigeria.

Dirco yongerako iti: "Turizigiye ko igihugu ca Afrika y’Epfo gisanzwe gikunda inkino kitabangamiye na gato abanyagihugu ba Nigeria, kandi ntitwemeranya n’Ibiro vy’Ubuserukizi bw’iki gihugu ku bwoba yerekanye.

"Iri gabisha rirababaje kuko risa n’iriteje ubwoba n’icuka kibi, ibintu bidakenewe hagati y’abanyagihugu ba Afrika y’Epfo n’Abanya-Nigeria baba canke bari mu rugendo muri Afrika y’Epfo".

Nigeria ntaco iravuga ku bishikirizwa n’abategetsi ba Afrika y’Epfo.

Mu myaka iheze, Afrika y’Epfo yaranzwemwo ibitero vy’urwanko ku banyamahanga vyakozwe ku Banyafrika bimukiye muri ico gihugu bavuye mu bindi bihugu vy’uno mugabane, akenshi bajanyweyo no kurondera ubuzima.

Mw’itangazo ryaco ejo ku wa kabiri, igisata ca Nigeria kijejwe imigenderanire cavuze ko casohoye ubu butumwa bwo kugabisha kubera cabonye ivyemezo ry’iterabwoba ryeruye rikorwa n’abanya-Afrika y’Epfo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Gihanura abanya-Nigeria baba muri Afrika y’Epfo “kuba maso mu majambo bavuga, kuraba neza ibibanza baza guhitamwo kurorereramwo uru rukino cane cane mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, kandi birinde kwigina batera urwamo n’agasomborotso ari nka hamwe Super Eagles yostinda".

Urukino rutegekanijwe gutangura isaha cumi n’imwe mu masaha mpuzamakungu (17h00), ni ukuvuga isaha imwe (19h00) mu masaha ya Giteka na Kigali kuri uno wa gatatu mu gisagara ca Bouaké muri Côte d'Ivoire.

Urundi rukino ruza guhuza Côte d'Ivoire yakiriye iri higanwa na Repubulika ya Demokarasi ya Congo.