Ku nteguro y'amahoro ya Ukraine muri Amerika: Bamwe bati ni 'integuro y'Uburusiya' reta nayo iti ni rwacu

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, James Chater
- Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
Umushikiranganji wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio ashimangira ko integuro y'amahoro kuri Ukraine ifatwa n'abatari bake ko yorohereza Uburusiya "yanditswe na Amerika".
Ni inyuma y'aho hari umurwi w'abakenguzamateka bavugiye ko babwiwe na Rubio ko iyi nteguro – umwe muri bo yayise 'urutonde rw'ivyipfuzo vy'Uburusiya' – itajanye n'aho Washington (ubutegetsi bwa Amerika) ihagaze.
Mu nyuma Rubio yahavuye yitandukanya n'aya majambo mu kuvuga ko iyi nteguro ari iya Amerika, kandi ko "ishingiye ku ntererano" zatanzwe n'Uburusiya na Ukraine.
Yavuze ibi mu gihe yagomba yurire indege imujana i Geneva mu Buswisi kuri uno wa Mungu mu biganiro kuri iyi nteguro bimuhuza n'abategetsi bajejwe umutekano ba Ukraine hamwe n'aba Bulaya, integuro Perezida Donald Trump wa Amerika ahamagarira Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) kwemera idatevye.
Incuti za Ukraine ku mugabane wa Bulaya zamirira kure bimwe bimwe muri bikuru bikuru biri muri iyi nteguro nubwo itarashirwa ahabona ku mugaragaro, ariko ikaba yarasohowe mu mpisho.
Bimwe mu biri muri iyi nteguro harimwo ko Ukraine yemera gukura ingabo mu turere two mu buseruko Uburusiya bwananiwe no kwigarurira ku nguvu, hamwe no kugabanya igitigiri c'ingabo zayo.
Ejo ku wa gatandatu, umukenguzamateka wo mu mugambwe w'Abarepubulikani Mike Rounds yaremeje ko Rubio yari yabwiye umurwi w'abakenguzamateka ko iyi nteguro atari poritike ya Amerika.
Avugira mw'ikoraniro Halifax Security Forum, yagize ati: "Ivyo [Rubio] yatubwiye ni uko ibi atari ivyiyumviro vya Amerika".
Rounds avuga ko iyi nteguro yashikirijwe Steve Witkoff, intumwa ya Trump mu biganiro vy'amahoro "n'umuntu ... yaserukiye Uburusiya". Uno mukenguzamateka yabandanije ati: "Si ivyiyumviro vyacu. Si integuro yacu y'amahoro."
Haciye akanya gato, umuvugizi w'ubu bushikiranganji bujejwe imigenderanire Tommy Pigott yavuze ko ibivugwa na Rounds ku kiganiro ciwe na Rubio ari "ikinyoma ceruye".
Aciye ku rubuga rwa X, yagize ati: "Nk'uko umushikiranganji Rubio n'abagize ubutegetsi bose bamwe babivuga, iyi nteguro yateguwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, harimwo intererano yatanzwe n'Abarusiya hamwe n'abanya-Ukraine".
Mu nyuma Rubio we nyene yanditse ku mbuga hwaniro ati: "Iyi nteguro y'amahoro yanditswe na Amerika. Ishingiye ku ntererano yo ku ruhande rw'Uburusiya. Ariko kandi ishingiye ku ntererano yigeze gutangwa kandi ibandanya itangwa na Ukraine."
Ejo ku wa gatandatu, Trump yavuze ko iyi nteguro bidasigura ko ari "ntabanduka" kuri Ukraine, mu gihe yahamagarira Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine ko ategerezwa kuyemeza.
Igihe ibiri muri iyi nteguro biri mu bice 28 vyatangura kuja ahabona, Zelensky yagabishije ko Ukraine iri muri "kimwe mu bihe vya mbere bikomeye kurusha ibindi vyose muri kahise" kayo kubera igitsure iriko iterwa na Amerika co kwemera umugambi, mu gihe Vladimir Putin w'Uburusiya na we avuga ko ishobora kuba "umushinge" wo gushika ku mwumvikano.
Trump yari yahaye Ukraine ikiringo ntarengwa co gushika ku wa kane w'indwi iza kugira ngo ibe yemeje aya masezerano, ariko akaba yavuze ko iki kiringo gishobora kwiyongera mu gihe ibiganiro vyobandanya.
Rubio na Witkoff bompi bitezwe muri iyi nama y'i Geneva kuri uno wa Mungu iza kubahuza n'abategetsi b'Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubudagi, hamwe rero na Ukraine.
Incuti za Ukraine zimaze kwiyamiriza iyi nteguro, aho mw'itangazo rusangi zasohoye inyuma y'inama na G20 muri Afrika y'Epfo zavuze ko iyi nteguro "yotuma Ukraine yama iriko iraterwa".

Ahavuye isanamu, Reuters
Iri tangazo ryateweko igikumu n'indongozi ca Canada, Finland, Ubufaransa, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubuholande, Ubwongereza, Ubudagi na Norvège, hamwe kandi n'abandi bategetsi babiri b'Ubumwe bwa Bulaya.
Mw'ijambo yashikirije muri iyo nama i Johannesburg, Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yavuze ko iyi nteguro idashobora "kuba iya Amerika", aca yongerako ko amasezerano ayo ari yo yose ategerezwa kuba ayakingira umutekano "w'Abanyabulaya bose".
Umukuru wa reta y'Ubudagi nawe Friedrich Merz yavuze ati "turacasigaje urugendo rurerure kugira ngo ibizovamwo bizobe ari ku neza ya bose".
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Sir Keir Starmer yavuganye na Zelensky hamwe na Trump ejo ku wa gatandatu. Yavuze ko yashikirije Trump ibijanye n'ibiganiro hagati y'Abanyabulaya kuri iyi nteguro.
Uburusiya bwatanguje intambara yeruye kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022, Ukraine ikaba igendera, ku rugero rutari ruto, ku mfashanyo y'ibirwanisho ihabwa na Amerika.
Ejo ku wa gatandatu, Zelensky yavuze ko umukuru w'ibiro vyiwe Andriy Yermak ari we agiye kurongora umurwi wa Ukraine ujejwe ibiganiro ku masezerano y'amahoro, harimwo ayo ari yo yose Uburusiya bwogiramwo uruhara.
Mu butumwa bwa video yacishije ku mbuga hwaniro agira ati: "Intumwa zacu zirazi neza ingene zirwanira inyungu za Ukraine n'igikenewe kugira ngo babuze Uburusiya gukora igitero ca gatatu, ikindi gitero kuri Ukraine".













