Idris Elba: Kubera iki ndiko ntegura kwimukira muri Afrika?

    • Umwanditsi, Thomas Naadi
    • Igikorwa, BBC News, Accra

Umukinyi w'amasinema w'Umwongereza Idris Elba yabwiye BBC ko mu myaka cumi iri imbere azokwimukira muri Afrika mu nteguro ziwe zo gushigikira igisata c'amasinema.

Uno mugabo w'imyaka 52 yamamaye cane mu rukurikirane rw'amasinema ruzwi nka The Wire ni we yatanguje imigambi ikiri ku ntango yo kwubaka studio ya sinema mu mazinga ya Zanzibar muri Tanzania hamwe kandi n'iyindi yo ku mugwa mukuru wa Ghana, Accra.

Elba, imvukira y'i Londres kuri nyina yamuka muri Ghana na se yamuka muri Sierra Leone, arakunda Afrika bikomeye.

Yipfuza gukoresha ubwamamare bwiwe mu gushigikira igisata c'amasinema kiriko kirakura, akavuga ko Abanyafrika ari bo ubwabo bategerezwa kuyagira amakungu ivyabo.

Mu kiganiro n'abanyamakuru inyuma y'inama yahuje abo mu gisata c'amasinema i Accra, agira ati: "Nta nkeka ko nzotegerezwa kuraba ingene nza kwicara hano; si no kwiyumvira, ni ikintu kizoba.

"Nibaza [ko nzokwimuka] mu myaka itanu, cumi iri imbere, Imana ibishatse. Ndi ng'aha kugira ngo nshigikire igisata c'amasinema - ni umugambi w'imyaka cumi - rero ibi sinshobora kubikora ndi mu mahanga. Ni ngombwa ko mba ndi mu gihugu, kuri uno mugabane".

Ariko mu rwego rwo guharanira iteka nyafrika (Pan-Africanism), ntazoba mu kibanza kanaka kimwe.

Agira ati: "Nzoba i Accra, nzoba i Freetown [umugwa mukuru wa Sierra Leone], nzoba muri Zanzibar. Nzogerageza gushika aho hantu baca imigani - iki ni ikintu gikomeye cane".

Imwe mu ntego ziwe ni uko umusi umwe azokora sinema muri studio yiwe i Accra.

'Tubigire ivyacu'

Elba, inyuma yo gukina sinema ku buzima bwa Nelson Mandela, intwari ya Afrika y'Epfo yarwanije intwaro y'ivangura ya apartheid, yise Long Walk to Freedom mu 2013, yemeza ko ari nkenerwa ko Abanyafrika bafata mu minwe ibijanye no gukora amasinema.

Haba mu gukina imbere ya kamera (camera), mu nteguro (inyuma ya kamera), hamwe kandi no mu bijanye n'uburyo bw'amafaranga, kuyamamaza kw'isoko no kuyishira ahabona.

Yibwira ko, kurya abakunda kuraba amasinema kw'isi yose bashobora gutandukanya ibisagara vya New York na Los Angeles muri Amerika bataranahonyozayo ikirenge, hazoshika igihe bagatahura neza uno mugabane.

Agira ati: "Iki gisata gifise uruhara rukomeye, atari muri Ghana gusa, ariko muri Afrika yose.

"Iyo uravye sinema canke ikintu ico ari co cose cerekeye Afrika, ico uzobona cose ni ihahamuka, ingene twabaye abacakara, ingene badukoronije, ingene ari intambara gusa, ariko iyo uje muri Afrika ugasanga si vyo.

"Rero ni nkenerwa ko inkuru zerekana akaranga kacu, umuco wacu, indimi zacu, ubudasa buri hagati y'indimi n'izindi, tubigira ivyacu. Isi ntabwo ibizi".

Mu gihe Nollywood ya Nigeria ikora amasinema aharurwa mu majana ku mwaka, nta gukekeranya ko amasinema ari kimwe mu bidandazwa bishorwa hanze. Hariho kandi n'umuco, cane cane mu turere twa Afrika dukoresha ururimi rw'igifaransa, wo gukora amasinema meza cane.

Imbere y'aha Elba yari yaremeye ko igisata c'amasinema kirimwo abantu bafise impano, ariko akavuga ko ibikoresho bigikenye.

Icegeranyo ca UNESCO co mu 2022 carashigikiye uno mukinyi.

Iri shami rya ONU rijejwe akaranga ryavuze ko nubwo "habaye iterambere rikomeye", igikorwa co gukora amasinema ku mugabane kigihanzwe n'ibibazo nkoramutima, nko gukoresha mu buryo butemewe (piratage), kutaronka inyigisho zihagije no kubura ibisata vya reta bihagararira sinema.

Elba aremera ko mu gihe reta yobijamwo kandi ikabishiramwo inguvu, igatunga neza iki gisata, coba igisata kigendera ku mategeko.

"Ni ngombwa ko dushira imitahe mu gisata ncamugani kubera iyo umbonye, umbonamwo agace k'ishusho yawe, ibi navyo bidutera intege".