Reta y'Ubwongereza ishobora guhagarika Netanyahu ari nka hamwe yokwinjira muri iki gihugu

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Becky Morton
- Igikorwa, Umunyamakuru mu vya poritike
- Umwanditsi, Dominic Casciani
- Igikorwa, Home and legal correspondent
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ashobora guhagarikwa ari nka hamwe yokwinjira mu Bwongereza, ni inyuma y'aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha isohoreye umutahe wo kumuhagarika, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza.
Umuvugizi w'ibi biro yanse kugira ico ashikiriza kuri ibi ariko avuga ko reta "izokora ivyo amategeko ayisaba".
Ku wa kane, Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI/ICC yasohoye umutahe wo guhagarika Netanyahu, co kimwe n'uwari umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel, Yoav Gallant, ku vyaba habigirzwa muri Gaza.
Ibihugu bihurikiye muri iyi sentare, harimwo n'Ubwongereza, vyarateye igikumu ku masezerano abitegeka gushira mu ngiro imitahe yo guhararika abo ikeneye.
Abajijwe nimba Netanyahu ashobora guhagarikwa ari nka hamwe yokwinjira mu Bwongereza, umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere nta vyinshi yashatse kubivugako.
Hagati aho, yongeyeko ati: "Reta yotegerezwa gukora ivyo isabwa muri ano masezerano, ivyo isabwa n'amategeko".
Ibi bijanye n'itegeko ryo mu 2001 kuri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha, rivuga ko iyi sentare iramutse isohoye umutahe wo guhagarika umuntu, umushikiranganji yagenywe ngo awukurikirane "aca shikiriza uru rwandiko ... umutegetsi abijejwe mu rwego rw'ubutungane", ari na we, aramutse abonye ko koko wasohoye na CPI, "aca yemeza ko uno mutahe ushobora gukurikizwa mu Bwongereza".
Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere yemeza ko reta ishigikiye inzira zitegekanijwe muri aya masezerano kandi ko "izokwama yubahiriza inshingano zayo nk'uko zitegekanijwe n'amategeko yo mu gihugu na mpuzamakungu".
Ntiyashoboye kuvuga umushikiranganji wa reta azogira uruhara muri igo gikorwa co gushira mu ngiro uno mutahe kandi yanse kwishura ibibazo vyerekeye nimba reta yoba yituye umushikirizamanza mukuru w'igihugu Lord Hermer - ari na we munyamategeko mukuru w'Ubwongereza - ku bijanye n'iki kibazo.
Mu bisanzwe, ibijanye n'imihahe yo guhagarika umuntu canke kurungika umuntu mu gihugu kimukeneye hirya no hino kw’isi bitegerezwa gucishwa mu mugwi udasanzwe wo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati kugira ngo basuzumwe nimba bikwije ibisabwa imbere yo kubikorerako.
Amategeko y'Ubwongereza ku bijanye na CPI avuga ko amasentare ari yo afise irya nyuma ku bijanye no kumenya nimba uwuronderwa n'ubutungane yohagarikwa canke akarungikwa mu gihugu kimukeneye.
Abajijwe nimba umushikiranganji wa mbere yoba acipfuza kuvugana na Netanyahu, uno muvugizi w'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere avuga ko ari "ngombwa ko tuvugana na Israel ku nzego zose", avuga ko iki gihugu ari "incuti ikomeye mu bisata vyinshi bitandukanye".
Mu kwezi guheze, Lord Hermer yabwiye BBC ko atoreka ngo poritike imwinjirire mu ngingo y0tegerezwa gufata ari nka hamwe CPI yoramuka isohoye umutahe.
Ati: "Impanuro yanje [ku mutahe wo guhagarika Netanyahu] yoba ishingiye mu mpanuro mu yo amategeko, ishingiye ku mwihwezo ku mategeko.
"Si umushikirizamanza yotegeka reta guhitamwo ico ikora. Igikorwa c'umushikirizamanza ni ugutanga impanuro mu bijanye n'amategeko ata gutinya, nk'uko amategeko abisaba, ico amategeko avuga, n'iyo amategeko yogushikana. Ivyo ni vyo nzokora".
Inyuma y'imitahe yasohowe ku wa kane, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza bivuga ko reta y'iki gihugu yubaha ubwigenge bwa CPI kandi ko irajwe ishinga n'uko intambara zihagarara vuba bwango muri Gaza.
Iyi sentare kandi yasohoye umutahe wo gufata umukuru wa gisirikare wa Hamas Mohammed Deif, nubwo Israel ivuga ko yamwishe mu kw'indwi, ku vyaha yagirijzwa vyo mu ntambara bifitaniye isano na ca gitero co ku wa 3 Gitugutu (10) 2023 kuri Israel.
Priti Patel yahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati w'Ubwongereza aranegura CPI kubona ihuza ibikorwa vya Israel muri Gaza n'ibitero vyo ku wa 7 Gitugutu.
Asaba reta "kwiyamiriza no kwanka" ingingo y'ino sentare, avuga ko "iteye akaga ikaba n'agasotoro".
Imaze gushika ku butegetsi, reta nshasha y'umugambwe w'Abakozi yaciye ifuta umugambi wa reta yahahora wo guhakana uburenganzira bwa CPI bwo gusohora imitahe, ikavuga ko ari abacamanza bafata ingingo.
Ingaruka z’iyi mitahe zizovana n’uko ibihugu 124 bihurikiye muri iyi sentare - Israel n'incuti yayo ya Amerika bikaba bitarimwo - bizofata ingingo yo kuyishira mu ngiro canke kutayishira mu ngiro.
Perezida Joe Biden wa Amerika yavuze ko umutahe wo guhagarika umushikiranganji wa mbere wa Israel ari "ibiterasoni", akavuga ko Israel na Hamas "ataho bihuriye".
Hagati aho, abategetsi batari bake bo ku mugabane wa Bulaya basohoye amatangazo bashigikira iyi sentare, bongera bavuga ko bazoshira mu ngiro ino ngingo yayo.
Yaba Israel canke Hamas, impande zompi ziriyamiriza ivyo zagirizwa na CPI, Netanyahu wewe akavuga ko uno mutahe ari "umugambi wo kurwanya Abayahudi".
Hamas ntaco yavuze kuri uno mutahe wo guhagarika Deif ariko yakirije yompi imitahe yo guhagarika Netanyahu na Gallant.
Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Noel Barrot, yabwiye BBC ko ingingo ya CPI ari “ugushira ibirego mu mategeko, si uguca urubanza".
Yabwiye ikiganiro the Sunday kiremeshwa na Laura Kuenssberg ati: “Turavuga kandi ko twiyamirije twivuye inyuma ingendo yo kutareka ngo imfashanyo y'ubutabazi ishikire abasivire bo muri Gaza mu gihe ibintu bimeze nabi cane.
“Ariko ntidushobora na gato kugereranya abategetsi ba Hamas baronderwa na CPI na reta ya Israel”.













