Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI irondera ifatwa ry'abategetsi ba Israel na Hamas

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikirizamanza mukuru wa Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) yasavye kuronswa imitahe yo gufata umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu hamwe n'umukuru wa Hamas muri Gaza Yahya Sinwar ku vyaha vyo mu ntambara.
Karin Khan yavuze ko hari imvo zumvikana zo kwemera ko abo bagabo bompi bafise ico bobazwa mu vyaha vyo mu ntambara n'ivyaha vyakorewe zina muntu kuva ku wa ndwi Gitugutu 2023.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi Yoav Gallant n'umukuru wa poritike muri Hamas Ismail Haniyeh, hamwe n'umukuru wa gisirikare muri uwo muhari Mohammed Deif nabo bari mu bofatwa.
CPI, ifise icicaro i La Haye (Hague) mu Buhorandi, yari imaze igihe itohoza ku bikorwa vya Israel mu ntara yigaruriye muri iyi myaka itatu iheze - hanyuma ubu bwa vuba naho ibikorwa vya Hamas.
Netanyahu ubu vuba yavuze ko kuvuga ko abategetsi bakuru b'ico gihugu boja kuru rutonde rw'abaronderwa na ICC ari ''akumiro k'urugero rw'imbonekarimwe''.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe intambara Benny Gantz - mukeba wa Netanyahu - yiyamirije iyo ngingo y'umushikirizamanza.
“Kugereranya abategetsi b’igihugu kigendera kuri demokarasi bafise ishaka ryo kwivuna iterabwoba ritagira izina n’abategetsi b’ishirahamwe ry’ibinywamararo n’ugucurika ubutungane kandi n’ukunanirwa kweruye kwo gukora ibibereye.” nk’uko yavyanditse kuri X (yahoze ari Twitter).
Ubu rero abacamanza ba CPI bazofata ngingo niba bibaza ko ivyemezo bihagije kugira basohore iyo mitahe (yo kurondera gufata abo bantu).
Igihe bishobora kumara nticama kingana, kuva ku mayinga mbere n’amezi rimwe na rimwe ahaca hagati y’igihe umushikirizamanza asabiye umutahe, n’igihe abacamanza babifatako ingingo.













