Umushikiranganji wa Israel yiyemeje gutanga imihoho hatobonetse ikirangamisi c'inyuma y'intambara muri Gaza

Benny Gantz

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umushikiranganji wa Israel Benny Gantz yagabishije ko azotanga imihoho mu gihe umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu atokwerekana ingene Gaza izorongorwa inyuma y'intambara.

Gantz yashinze ikiringo ntarengwa co gushika itariki 8 z'ukwezi kwa Ruheshi (6) kugira habe hashitswe ku "bintu vy'ingenzi" bitandatu., harimwo kurandurana n'imizi ubutegetsi bwa Hamas no gushiraho ubutegetsi bw'abasivire bugizwe n'ibihigi vyinshi.

Yagize ati:"Mu gihe mwoshira imbere ineza yigihugu gusumba ineza yanyu bwite, tuzobashigikira muri urwo rugamba. Ariko muhisemwo gufata inzira y'ababakurikira batiyumviriye, mukajana igihugu cose mu manga, bizoba ngombwa ko tuva muri reta."

Netanyahu yavyamiriye kure, avuga ko ari "amajambo adakwiye gukoreshwa" yosigura "gutsindwa kwa Israel".

Uko kutumvikana kwadutse mu gihe intambara ibica bigacika ku mpera zibiri z'akarere ka Gaza, ingabo za Israel zikaba ziriko ziragira ibitero mu gisagara ca Rafah mu bumanuko, no mu gisagara ca Jabalia mu buraruko, imwe mu makambi y'impunzi azwi cane muri Gaza n'akarere ingazo za Israel zaheruka kuvuga ko zivuyemwo. Bagwanya Hamas.

Gantz yavuze ivyo inyuma y'imisi mike uwundi mushikiranganji wa Israel, Yoav Gallant, atwara ubushikiranganji bwo kwivuna, asavye Netanyahu gufata ingingo ku mugaragaro ko Israel idafise umugambi wo gutwara Gaza haba mu vya gisivire canke gisirikare.

Gallant yavuze ko amaze gushikiriza ico kibazo incuro nyinshi muri aya mezi, ariko ko ata nyishu n'imwe arigera aronka.

We na Gallant bemeza ko kubandanya kugenzura mu buryo bwa gisirikare akarere ka Gaz, vyokongereza ibangamirwa ry'umutekano wa Israel, mu gihe abandi, harimwo abayoboke ba 'Exyreme droite' bari mu runani ruri ku butegetsi rwa Netanyahu, bavuga ko kubandanya kugenzura ako karere bikenewe mu ntumbero yo gutsinda Hamas.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'ijambo ryiwe ku mboneshakure ryo kuri uyu wa gatandatu, Gantz yavuze yabwiye Netanyahu ko "abanyagihugu ba Israel bagucungishije ijisho".

Yagize ati:"Utegerezwa guhitamwo ubumwe canke kwicamwo ibice, kugira ico ubazwa canke akajagari, intsinzi canke akaga."

Mu bintu vy'ingenzi bitandatu yavuze harimwo kandi itahukanwa ry'abanye Israel n'abanyamahanga bagizwe ingwati ubu bakiri mu minwe ya Hamas i Gaza, hamwe n'itahuka ry'abanye Palestine bateshejwe izabo mu buraruko bwa Gaza gushika kw'itariki 1 z'ukwezi kw'icenda.

Yavuze kandi ko Israel itegerezwa kubandanya kurondera kunagura ubucuti na Arabia Saoudite mu ntumbero "y'umugambi waguye utumbereye gushiraho urunani rw'isi yishira ikizana hamwe n'Uburaya mu kugwanya igihugu ca Iran n'abagishigikiye".

Mu kwishura kuri iryo jambo, Netanyahu yavuze ko kwishura kubisabwa na Gantz vyotuma "intambara irangira na Israel igatsindwa, guheba bamwe mu bagizwe ingwati, kureka Hamas ikaguma ikomeye n'ishingwa rya reta ya Palestine".

Reta yo bihe vy'intambara ya Israel yashinzwe inyuma y'aho Hamas itereye abanye Israel hagufi ya Gaza itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu (10), yica abantu bashika 1.200 abandi ibagira ingwati.

Ibitero vy'abasirikare ba Israel kuri Hamas muri Gaza bimaze guhitana abantu 35.386, nk'uko bishikirizwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwa Hamas.