Netanyahu ariyamiriza umutahe wa CPI/ICC wo kumuhagarika

Kuva i Bubamfu uja i Buryo: Benjamin Netanyahu, Yoav Gallant na Mohammed Deif

Ahavuye isanamu, EPA / REUTERS / SUPPLIED

Insiguro y'isanamu, Kuva i Bubamfu uja i Buryo: Benjamin Netanyahu, Yoav Gallant na Mohammed Deif
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yiyamirije ingingo yafashwe na Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha yo gusohora umutahe wo kumufata ku vyaha vyo mu ntambara we n'uwahoze ari umushikiranganji wiwe wo kwivuna abansi, Yoav Gallant.

Yavuze ko ICC/CPI ibabeshera ko "dutera twabigambiriye abasivire, mu gihe dukora ivyo dushoboye vyose mu kwirinda ko haba abasivire bahasiga ubuzima."

CPI yarasohoye kandi umutahe wo guhagarika umukomanda wa Hamas Mohammed Deif. Israel ivuga ko yiciwe muri Gaza mu kwezi kw'indwi.

Abacamanza ba CPI bavuga ko hari "ibituma bifadika" vyerekana ko abo bagabo batatu "bafise uruhara mu vyaha" vy'ubwicanyi mu ntambara iriko iraba hagati ya Israel na Hamas.

Prezida wa Amerika Joe Biden yise ingingo CPI yafatiye abategetsi ba Israel "iteye isoni".

Mw'itangazo, Biden yagize ati:"Ivyo CPI ishobora gusigura vyose, nta ho bisa bisana -nta na hamwe - hagati ya Israel na Hamas.

"Tuzoguma dushigikiye Israel kuri co cose coza gihungabanya umutekano wayo."

Israel na Hamas bose biyamirije ivyavuzwe na CPI.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mw'itangazo ryo ku musi wa kane, Netanyahu yagize ati:"Ingingo ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha y'i La Haye ni nk'urubanza rwa Dreyfus rwa none, kandi izohera co kimwe."

Yariko arashaka kuvuga urubanza rwavuzwe cane rw'abagwanya abayahudi mu Bufaransa mu myaka ikinjana iheze.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yagize ati:"Sentare y'i La Haye itwagiriza politike yo kwicisha abantu inzara n'ibigirankana.

"Ibi mu gihe tumaze gutanga imfashanyo zigera ku matoni 700.000 y'ibifungurwa vyo kugaburira abantu baba i Gaza. Twararungitse amamiriyoni y'ubutumwa kuri terefone, turahamagara kuri terefone dutanga n'ubutumwa bwanditse ku mpapuro, tubahamagarira gukinjura mu bibanza bashobora kugiriramwo ingorane - mu gihe intagondwa za Hamas zikoresha ububasha bwose zifise mu kubagumiza muri ivyo bibanza, harimwo no kubarasa, babakoresha nk'inkinzo."

Netanyahu yavuze ko Israel idashobora "itazokwemera ukuri" kw'ingingo ya CPI.

Muri iyi ndwi, Onu yaragabishije ko abanye Palestine bariko "barahangana n'ikibazo c'uburyo bwo kubaho" mu turere two mu buraruko bwa Gaza twugarijwe n'igisirikare ca Israel kubera haheze imisi 40 bataronswa imfungurwa.

Gallant yavuze ko CPI yashize "ku rugero rumwe igihugu ca Israel hamwe n'abakuru ba Hamas b'abicanyi, gutyo ikaba yemeje ko kwica abana, gufata ku nguvu abagore no kunyuruza abageze mu za bukuru babakuye aho baryamye ari ibisanzwe."

Ehud Olmert, yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel, yabwiye BBC ko n'aho anebagura uko Netanyahu ariko aragwana intambara na Hamas, ntiyemeranya n'ingingo ya CPI.

Hamas ntiyigeze icisha mu kanwa umutahe wa Deif, ariko yavuze ko umutahe wa Netanyahu na Gallant ari "ikimenyetso gihambaye mu mateka, kandi ko ari ugukosora inzira ndende y'akarenganyo kakorewe abantu bacu".

Abanye Palestine i Gaza berekanye icizere ko abategetsi ba Israel na bo bashobora gushikanwa imbere y'ubutungane.

Israel irahakana ko ingabo zayo ziriko zirakora jenoside i Gaza, ivyo bikaba biri mu rubanza rutandukanye imbere ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha.

Umwana w'umukobwa ahagaze mu bisigarira vy'igorofa yasambuwe n'ibitero vyo mu kirere vya Israel i Khan Yunis, mu karere ka Gaza muri uku kwezi. Ifoto: 17 November 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umwana w'umukobwa ahagaze mu bisigarira vy'igorofa yasambuwe n'ibitero vyo mu kirere vya Israel i Khan Yunis, mu karere ka Gaza muri uku kwezi.

Akamaro k'iyo mitahe yasohowe na CPI kazovana n'ingene ibihugu 124 biyigize -hatarimwo Israel n'incuti yayo magara Amerika - bifashe ingingo yo kuyishira mu bikorwa canke bivyanke.

Ibihugu vyinshi vya Buraya vyavuze ko bizokwubahiriza ingingo za CPI. Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza bivuga ko reta yubaha ubwigenge bwa CPI.

Iyo mitahe y'umushikirizamanza kuri abo bagabo batatu yanduruka kw'itariki 7 z'ukwezi kwa Gitugutu(10) 2023, aho abagwanyi ba Hamas batera Israel, bica abantu 1.200 bongera banyuruza 251 babagira ingwati muri Gaza.

Israel yishuye mu kugira ibitero vya gisirikare vyo kurandurana n'imizi Hamas, aho abantu n'imiburiburi 44.000 bamaze kwicirwa i Gaza, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu bujejwe ako karere.

Kuri Deif, CPI yasanze hari ibifadika vyo gufatirako ko "afise uruhara mu bwicanyi butumbereye zina kiremwa muntu; kurandurana n'imizi abantu, iyicarubozo, gufata ku nguvu hamwe n'amabi afatiye ku gitsina; co kimwe n'ivyaha vyo mu ntambara, kunyuruza, gukoresha ibiterasoni."

Ivuga kandi ko hari imvo yumvikana yo kwizera ko ivyo vyaha bikorerwa kiremwa muntu ari “igice c’igitero gikomeye kandi gitunganijwe neza cakozwe na Hamas n’iyindi migwi yitwaje ibigwanisho ku basivile bo muri Isirayeli”.

Kuri Netanyahu na Gallant, aheruka gusubirizwa mu mabanga y'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, iyo sentare yasanze hari ibituma bifadika vyemeza ko " umwe wese muri bo afise uruhara rw’ubugizi bwa nabi ku vyaha bikurikira nk’abakoze ivyo bikorwa bari kumwe n’abandi: icaha c’intambara co kwica inzara nk’uburyo bwo kurwana; n’ivyaha bikorerwa ikiremwa muntu vy’ubwicanyi, ugutoteza n’ibindi bikorwa vy'ububisha".

Yasanze kandi hari ivyemeza bifadika vyo kwemeza ko "umwe wese afise uruhara rw'ubugizi bwa nabi nk'umukuru w'abasivile ku caha c'intambara co gutera abasivire n'ibigirankana".

Israel ivuga ko abantu 97 banyurujwe na Hamas mu gitero co kw'itariki 7 Gitugutu(10) 2023 bakigizwe ingwati n'uwo muhari.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Israel ivuga ko abantu 97 banyurujwe na Hamas mu gitero co kw'itariki 7 Gitugutu(10) 2023 bakigizwe ingwati n'uwo muhari.