Israel - Gaza: 'Urupfu rwa Sinwar ni icago kuri Hamas, ariko intambara ntiheze' - Bowen

Umukuru w'ishami rya poritike rya Hamas muri Gaza, Yahya Sinwar ari mu myiyerekano yo gushigikira umusigiti wa al-Aqsa w'i Jerusalem muri Gaza City ku wa 1 Gitugutu mu 2022.

Ahavuye isanamu, Getty

Insiguro y'isanamu, Abakuru bose ba Hamas kuva mu myaka ya 1990 bishwe na Israel ariko buri igihe haca haba umusubirizi
    • Umwanditsi, Jeremy Bowen
    • Igikorwa, International editor, BBC News

Kwica Yahya Sinwar niyo ntsinzi ikomeye Israel imaze gushikako kurusha izindi mu ntambara irimwo na Hamas muri Gaza.

Urupfu rwiwe ni icago gikomeye kuri Hamas, umuhari yahinduye akawugira ingabo zo kurwana zagavye igitero kitari bwigere kibaho kuri Israel muri kahise kayo.

Ntiyishwe mu nteguro y'igikorwa c'ingabo zidasanzwe, ariko bahuriranye ku gihamana n'ingabo za Israel muri Rafa mu bumanuko bwa Gaza.

Ifoto yafashwe aho vyabareye, yerekana Sinwar, ari mu mwambaro w'urugamba, arambaraye yapfuye mu bihomoka vy'inyubakwa yagemwe n'igisasu c'ikiduga c'intambara.

Benjamin Netanyahu, umushikiranganji wa mbere wa Israel, yashimagije abasirikare hanyuma ashimika avuga ko, n'aho ari intsinzi ikomeye, atari amaherezo y'intambara.

''Uyu munsi twongeye kwerekana ibishikira abadukorera ikibi. Uyu munsi twongeye kwereka isi intsinzi y'ineza ku nabi.

''Ariko intambara, bantu banje nkunda, ntirarangira. Iragoye, idutwara vyinshi cane.

''Ibibazo bikomeye cane biracaturindiriye. Dukeneye ukutaruha, ubumwe, ukurinda n'ukudahesha. Turi hamwe tuzorwana, kandi dufashijwe n'Imana - turi hamwe tuzotsinda.''

Netanyahu n'abanya-Israel ku bwinshi bashigikiye intambara muri Gaza bari bekeneye intsinzi.

Uwuri mu myiyerekano afise icapa kijanye n'izina ry'umukuru wa Hamas Yahya Sinwar in Tel Aviv

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Uwuri mu myiyerekano i Tel Aviv afise icapa kijanye n'izina ry'umukuru wa Hamas Yahya Sinwar
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji wa mbere amaze gusubiramwo kenshi intumbero ziwe z'intambara - gusambura Hamas n'inguvu za gisirikare na poritike no kugarukana abatwawe nk'imbohe.

Muri ivyo nta na kimwe kirashikwako, n'ubwo haheze umwaka w'intambara imaze kwica nibura abanya-Palestina 42.000, Gaza nayo ikayigira igitongozi.

Ariko abagizwe imbohe n'ubu ntibararekurwa kandi Hamas iracagwana kandi rimwe rimwe ikica abasirikare ba Israel.

Kwica Sinwar ni intsindi Israel yashaka. Ariko mu gihe Netanyahu ataratangaza ko izindi ntumbero z'intambara zashitsweko, intambara, nk'uko avuga, izobandanya.

Yahya Sinwar yavutse mu 1962 mw'ikambi y'impunzi nkuru i Khan Younis mu ntara ya Gaza. Yari afise imyaka itanu igihe iyo ntara yafatwa na Israel iyatse Misiri(Egypt) mu ntambara yo mu 1967.

Umuryango wiwe wari mu banya-Palestina 700.000 bahunze canke bakirukanwa mu ngo zabo n'ingabo za Israel mu ntambara yo mu 1948, aho Israel yatsindira intahe yayo yo kwikukira.

Umuryango wiwe wari uwo mu gisagara ubu kizwi nka Ashkelon, cegereye urubibe rwo mu buraruko bw'intara ya Gaza.

Afise mu myaka ya 20, yaciriwe urubanza na Israel rwo kwica abanya-Palestina bane b'abareretsi ba Israel. Mu myaka 22 yamaze mu munyororo, yarize Igiheburayo (ururimi rw'Abayahudi), ariga umwansi wiwe, ariga ingene yomurwanya. Uwo mwanya yamaze mu mumyororo watumye kandi Israel ifata ibimenyetso vy'ingene amenyo yiwe ameze, inamufata uduce ndangakamere(ADN/DNA), bisigura ko bashobora kumenya ikiziga ciwe.

Sinwar yarekuwe nk'umwe mu banya-Palestina barenga 1.000 bari bapfungiwe muri Israel bakabwe mu 2011 umusirikare umwe rudende wa Israel, Gilad Shalit.

Ku wa 7 Gitugutu mu mwaka uheze, mu bitero vyateguwe neza cane, Sinwar n'abagwanyi biwe batumye Israel itsindwa mu buryo butari bwigere bubaho - batera kandi ihahamuka n'ubu rikirangwa mu banya-Israel.

Kwica hafi abanya-Israel 1.200, gutwara imbohe n'iminsi mukuru yo gukinda ku muvyimba umwansi wabo, yibukije ku banya-Israel benshi ihonyabwoko bakorewe n'aba-Nazi.

Kuba Sinwar yarekuwe mw'ikabwa rw'abanyororo bitegerezwa kuba vyamutumye yumva cane akamaro ko kugira abantu imbohe.

I Tel Aviv imiryango y'imbohe 101 zisigaye muri Gaza - Israel ivuga ko abashika 50 muri bo bashobora kuba baja barapfuye - bahuriye mu kibanza bamaze umwaka bahuriramwo, basaba reta ya Israel gutanguza ibindi biganiro kugira itahane abayo.

Einav Zangauker, nyina w'uwagizwe imbohe Matan Zangauker yaratakambiye umushikiranganji wa mbere.

"Netanyahu, ntuhambe abatwawe nk'imbohe. Genda urabe abahuza n'abanyagihugu mugire ico Israel itanga nk'integuro y'umwumvikano.''

"Kuri Matan wanje n'abandi bagizwe imbohe bari mu myobo, umwanya waheze. Ufise amafoto y'intsinzi. Ubu rero shika ku masezerano!''

"Hamwe Netanyahu atorokoresha iki gihe ngo ahaguruke azane integuro y'umwumvikano - bibaye ngombwa n'intambara igahagarara - bisigura ko azoba yafashe ingingo yo guheba abagizwe imbohe mu kurondera ko intambara ibandanya no gukomeza ubutegetsi bwiwe.

''Ntituzoruhuka gushika umwe wese agarutse.''

Abantu bazungagiza amabendera ya Israel mu kwigina urupfu rw'umukuru wa Hamas Yahya Sinwar, mu gisagara ca Israel ca Netanya kiri ku nkengera, ku wa 17 Gitugutu 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanya-Israel i Netanya bazungagiza amabendera y'igihugu bigina urupfu rwa Sinwar.

Abanya-Israel benshi bibaza ko Netanyahu ashaka ko intambara iba ndende muri Gaza kugira yibagize uruhara yagize mu tunenge tw'umutekano twatumye Sinwar n'abagwanyi biwe bamenera muri Israel, yongere yigize inyuma kumbure ubutakigaruka urubanza rwiwe ku vyaha bikomeye vy'ibiturire.

Arahakana ivyo yagirizwa, ashimika avuga ko ico yita ''intsinzi yuzuye'' muri Gaza kuri Hamas ari yo izogarukana umutekano wa Israel.

Nk'ibindi binyamakuru, Israel ntiyemerera BBC kujabuka muri Gaza kiretse rimwe rimwe cane, naho nyene mu ngendo ziba zicungerewe n'igisirikare.

Mu bisigarira vya Khan Yunis, amavukiro ya Sinwar, abanya-Palestina bavuganye na BBC iciye ku bo bakorana b'aho yizeye ntibakangwa. Bavuze ko intambara izobandanya.

''Iyi ntambara ntihagaze kuri Sinwar, Haniyeh, canke Mishal, canke umutegetsi uwo ari we wese,'' niko Dr Ramadan Faris yavuze.

''Ni intambara yo guhonya abanya-Palestina, nk'uko twese tubizi kandi tuvyumva. Ikibazo ni kinini kurusha Sinwar canke uwundi uwo ari we wese.''

Adnan Ashour avuga ko abantu bamwe bababaye, abandi nabo urupfu rwa Sinwar ataco rubabwiye.

''Si twebwe barondera gusa. Barondera ubuseruko bwo hagati bwose. Bariko baragwana muri Liban, Syria, na Yemen... Iyi ni intambara hagati yacu n'Abayahudi kuva mu 1919, imyaka irenga 100.''

Yabajijwe niba urupfu rwa Sinwar ruzogira ingaruka kuri Hamas.

''Nizeye ko bitazoba, Imana idufashe. Reka nsigure: Hamas ntigarukira kuri Sinwar...Ni ico igihugu cose kirondera.''

Intambara irabandanya muri Gaza.

Uretse umwe gusa, abandi bakuru bose ba Hamas kuva mu myaka ya 1990 bagiye baricwa na Israel ariko hagumye haboneka umusubirizi. Mu gihe Israel iriko irigina kuba yishe Sinwar, Hamas iracafise abanya Israel bagizwe imbohe kandi iracagwana.