Israel yibaza ko Hezbollah izosenyuka ariko ihanganye n'umwansi yiteguye kandi arakaye

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Jeremy Bowen
- Igikorwa, BBC News
- Yakoze inkuru ari, Jerusalem
Abategetsi ba Israel barishimiye intambwe bamaze gushikako mu gitero kuri Hezbollah catangujwe n’ibiturika ku bikoresho vy’itumatumanako vyayo, bikabandaniriza ku bitero vy’urutavanako vy'indege z'intambara biriko vyiha inkumbi.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi Yoav Gallant ntiyahishije umunezero wiwe inyuma y’ibitero vyo mu kirere vyo ku wa mbere.
“Uno musi wari umusi w’intsinzi ikomeye…iri ni ryo yinga rya mbere ribi kuri Hezbollah kuva ibayeho, kandi ibikorwa birivugira ubwavyo”.
Gallant avuga ko ibitero vyo mu kirere vyasambuye ibihumbi n’ibihumbi vy’ibisasu vya muzinga vyari kuba vyatikije abanyagihugu ba Israel.
Libani ivuga ko muri ibi bitero Israel yishe abanyagihugu bayo barenga 550, harimwo abana 50, hafi inusu y’Abanyalibani bishwe mu kwezi kwose mu ntambara hagati ya Israel na Hezbollah mu 2006.
Israel yemeza ko iki gitero rutura kizogondoza umuhari Hezbollah ukemera ivyo usabwa, mu kuwutera umubabaro gushika aho umukuru wawo Hassan Nasrallah n’incuti n’abagenzi biwe bo muri Irani bazoteba bakabona ko ikiguzi co guhangana na Israel kirenze urugero.
Abanyaporitike ba Israel n’abakuru ba gisirikare bakeneye intsinzi. Inyuma hafi y’umwaka w’intambara Gaza yabaye akajagari. Abarwanyi ba Hamas baracashobora kuva mu myobo no mu bihomoka bakica bakanakomeretsa ingabo za Israel kandi baracafise mu minwe yabo abanya-Israel banyuruje.
Hamas yateye Israel giturumbuka mu kw’icumi kw’umwaka uheze. Ico gihe abanya-Israel ntibabona ko Hamas yari gushobora kubateza amahano yogira ingaruka mbi zikomeye.
Libani iratandukanye. Igisirikare ca Israel (IDF) n’urwego rw’igendereza Mossad vyari bimaze igihe vyitegurira intambara izokurikira na Hezbollah inyuma y’aho iyo mu 2006 irangiye mu gipfungu.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yemeza ko igitero c’ubu kiriko kiratera intambwe ikomeye ku ntego yihaye yo gucuvya Hezbollah.
Akeneye ko Hezbollah ihagarika kurasa ibisasu vya muzinga hakurya y’umupaka muri Israel. Ni mu gihe igisirikare ca Israel kivuga ko intego ari uguhatira Hezbollah kuva ku rubibe no gusambura ibigo vya gisirikare bibangamiye Israel.
Iyindi Gaza?
Iyinga riheze muri Libani ryibutsa umwaka uheze w’intambara muri Gaza. Israel yaragabishije abasivire, nk’uko yabikoze muri Gaza, ko bova mu turere twari tugiye guterwa. Yagiriza Hezbollah, nk’uko yagiriza Hamas, ko ikoresha abasivire nk’inkinzo.
Bamwe mu bayinegura, co kimwe n’abansi bayo, bavuga ko ubutumwa bwa Israel bwo kugabisha bwarimwo igipfungu cinshi kandi ko itahaye imiryango umwanya ukwiye wo guhunga. Amategeko y’intambara ategeka ko abasivire bakingirwa, kandi akabuza gukoresha inguvu ata gutoranya kandi zirenze urugero.
Bimwe mu bitero vya Hezbollah kuri Israel vyarakubise ibibanza vya gisivire, maze bihonyanga amategeko akingira abasivire. Vyarakubise n’ibigo vya gisirikare vya Israel. Israel be n’incuti magara zayo, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’Ubwongereza, vyarashize Hezbollah ku rutonde rw’imihari y’iterabwoba.
Israel ishimangira ko ifise igisirikare kigendera ku buntu kandi cubahiriza amabwirizwa. Ariko ibihugu bitari bike vyo kw’isi biranegura inyifato yaco muri Gaza. Guteza intambara yagutse ku rubibe bizotuma ikinogo hagati y’impande zibiri zishamiranye cane caguka.
Reka dufatire ku gitero c'ibikoresho vy’itumatumanako.
Israel ivuga ko cari gitumbereye ba maneko ba Hezbollah bari bahawe ibi bikoresho vy’itumatumanako.
Ariko Israel ntiyashobora kumenya aho bari kuba bari igihe ituritsa amabombe yo muri vyo, ari co gituma abasivire n’abana mu mihana, mu maduka no mu bindi bibanza bihuriramwo abanyagihugu bakomeretse abandi bakicwa.
Iki, nk’uko bivugwa n’abanyamategeko bakuru bakuru, cerekana ko Israel yakoresheje inguvu ndenzarugero badatandukanije abarwanyi n’abasivire; ibi bikaba bihonyanga amategeko agenga intambara.
Intambara hagati ya Israel na Hezbollah yatanguye mu myaka ya 1980. Ariko iyi ntambara yo ku rubibe yatanguye umusi umwe inyuma y’igitero ca Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze wa 2023, igihe Hassan Nasrallah yategeka ingabo ziwe gutangura ibitero bito bito, ariko hafi buri musi hakurya y’urubibe mu ntumbero yo gufata mu mugogo Hamas.
Ibi vyatumye ingabo za Israel zitigera zigoheka binatuma abanyagihugu bababa 60.000 bo mu bisagara biri ku rubibe bata izabo.
Ivyibazwa bifatiwe ku bitero vyo muri kahise
Ibinyamakuru bikeya vyo muri Israel bigereranya ingaruka z’ibi bitero vyo mu kirere ku bushobozi bw’intambara bwa Hezbollah n’iciswe Operation Focus, igitero Israel yakoze giturumbuka kuri Misiri muri Ruheshi (6) 1967.
Cari igitero rurangiranwa casenyuye igisirikare ca Misiri kirwanira mu kirere igihe indege zaco zari zitonze ku butaka. Mu misi itandatu yakurikiye Israel yakubise hasi Misiri, Syria na Yorodaniya.
Iyo ntsinzi niyo yaciye inzira y'imishamirano ya kino gihe kuko Israel yigaruriye akarere ka Cisjordanie/West Bank, harimwo na Yeruzalemu y’ubuseruko, akarere ka Gaza, hamwe n’Imisozi ya Golan.
Iri gereranywa si ryiza. Libani, hamwe n’iyi ntambara hagati ya Israel na Hezbollah, biratandukanye. Israel irakubita bikomeye. Ariko gushika ubu ntirashobora guhagarika ubushobozi bwa Hezbollah canke ishaka ryayo ryo kurasa muri Israel.
Intambara z’imbere y’aha hagati ya Israel na Hezbollah zari izo kunanizanya no gusamburana, kandi ntizigeze zishikana uruhande na rumwe ku ntsinzi nyayo.
Ibi bishobora kuba nk’uku muri kino gihe, nubwo iyinga riheze ry’ibitero ryabaye ryiza kuri Israel, ku nzego zayo z’igendereza no ku gisirikare cayo.
Igitero ca Israel gihagaze ku ciyumviro c’uko hazogera igihe Hezbollah igasenyuka, ikava ku mupaka kandi igahagarika kurasa muri Israel.
Abihweza ibintu n’ibindi hafi bose babona ko Hezbollah idashobora guhagarika. Intego nyamukuru yo kubaho kwa Hezbollah ni ukurwanya Israel.
Ibi bisigura ko Israel, kimwe no kwanka gutsindwa, bizoba ngombwa ko ishikana iyi ntambara kure.
Ari nka hamwe Hezbollah yobandanya ibangamira akarere k’uburaruko bwa Israel bikanka ko abasivire basubira mu vyabo, vyoba ngombwa ko Israel yihweza nimba yokora igitero co ku butaka, kumbure mu ntumbero yo kwigarurira agace muri Libani kovamwo kakaba akatagenzurwa n’uruhande na rumwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Si bwo bwa mbere Israel itera Libani. Mu 1982 ingabo zayo zarashwaye Beirut mu ntumbero yo kugerageza guhagarika ibitero vy’Abanyapalestina muri Israel.
Vyabaye ngombwa ko zisubira inyuma zimaramara kubera uburakari hagati mu gihugu no hanze, inyuma y’aho ingabo za Israel zihagarariye incuti zayo z’Abakristu/Abakristo ba Libani zatikiza abasivire b’Abanyapalestina mu makambi y’impunzi ya Sabra na Shatila muri Beirut.
Gushika mu myaka ya 1990 Israel yari icihagiye akarere katari gato ka Libani ku rubibe. Ico gihe, abajenerali ba Israel ba kino gihe bari intwazangabo nto nto, zarwanye mu mishamirano no kurasana bidahera na Hezbollah yatera ikomera mu rugamba rwayo rwo kwirukana Israel.
Ehud Barak yari umushikiranganji wa mbere wa Israel ico gihe, yahoze kandi ari umukuru w’igisirikare cayo, yaravuye mu citwa “akarere k’umutekano” mu 2000. Yavuze ko katatumye Israel igira umutekano kandi ko kahitana ubuzima bw’ingabo nyinshi za Israel.
Mu 2006, igitero cakozwe na Hezbollah ikoreye ku biharuro bibi, hakurya y’urubibe rwarangwa n’icuka kibi cinshi kandi rucungerewe gisirikare bikomeye, cahitanye ingabo za Israel izindi nazo zirafatwa.
Intambara imaze kurangira, Hassan Nasrallah yavuze ko atari kurekura iki gitero iyo akaba yaramenye ingene Israel yari gukora mu kwihora. Ehud Olmert, ico gihe yari umushikiranganji wa mbere wa Israel, yinjiye mu ntambara.
Mu ntango, Israel yari yizeye ko ibitero vyo mu kirere vyari guhagarika ibitero vy’ibisasu vya muzinga muri Israel.
Ibonye vyanse, ingabo zayo zirwanira ku butaka n’ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe vyaciye bisubira kujabuka umupaka.
Iyo ntambara yabaye amahano ku basivire ba Libani. Ariko gushika ku musi wa nyuma w’intambara, Hezbollah yari ikirekura urukurikirane rw’ibisasu vya muzinga muri Israel.
Intambara za kino ihe n'iziri imbere
Abakuru b’igisirikare ca Israel barazi ko kwinjira muri Libani mu ntambara bizoba ari ikibazo ca gisirikare gikomeye gusumba kurwanya Hamas muri Gaza.
Hezbollah kandi yamye mu myiteguro kuva intambara ya 2006 irangiye, kandi ikazorwanira ku butaka bwayo, mu bumanuko bwa Libani burangwamwo uturere twinshi tw’ibibuye n’imisozi tworoshe guteguriramwo intambara ya kanyeshamba.
Gushika ubu, Israel ntirashobora gusambura imiyoboro yo mu kuzimu yose yimbwe na Hamas mu butaka bw’umusenyi muri Gaza.
Mu turere two mu bumanuko bwa Libani, Hezbollah imaze imyaka 18 itegura imiyoboro yo mu kuzimu n’ibirindiro vyo mu rutare rw’amabuye. Ifise ibirwanisho karuhariwe yahawe na Irani. Vyongeye, biroroshe kubandanya ironswa n’ibindi biciye ku butaka bikinjirira muri Syria, ibi bikaba atari ko bimeze kuri Hamas muri Gaza.
Ikigo c’abahinga Center for Strategic and International Studies, c’i Washington DC, kivuga ko Hezbollah ifise abarwanyi bababa 30.000 hamwe n’abandi b’integabizoza bagera ku 20.000, abenshi muri bo bigishijwe kurwanira mu turwi duto duto mu bitero vya tera twiruke vyo ku butaka.
Benshi mu barwanyi babo baramenyereye intambara kuko barwanye ku ruhande rw’ubutegetsi bwa Bashar al-Assad muri Syria.
Ibiharuro hafi vyose vyerekana ko Hezbollah itunze ibisasu vya misire n’ivya muzinga biri hagati ya 120.000 na 200.000, birimwo ibirwanisho bishobora kurasa ku ntera iciriritse no ku ntera ndende, bishobora gukubita ibisagara vya Israel.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Israel ishobora kuba yibaza ko Hezbollah itazobikoresha vyose, kubera yoba itinya ko igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere kizoca gikora muri Libani nk’ivyo cakoze muri Gaza, ibisagara bizima bigacika umunyota ibihumbi n’ibihumbi vy’abasivire bakicwa.
Ikindi Israel yibaza ni uko Irani ishobora kuba idashaka ko Hezbollah ikoresha ibirwanisho ishaka kuziganya nk’ubwishingizi mu kwikingira igitero ca Israel ku bigo vyayo vya nikleyeri.
Hagati aho, Hezbollah ishobora gufata ingingo yo gukoresha vyinshi mu birwanisho ifise mu bubiko bwayo imbere y’uko Israel ibusambura.
Mu gihe intambara ibandanya muri Gaza, kandi imishamirano ikaba igenda yiyongera mu karere ka Cisjordanie yigaruriye, Israel ishobora kandi kwitega uruhande rugira gatatu mu ntambara ari nka hamwe yoramuka iteye Libani.
Abasirikare bayo bafise ishaka, inyigisho zihagije n’ibikoresho bihagije, ariko ingabo zayo z’integabizoza ari nazo ziriko zirarwanira Israel zimaze kuruha inyuma y’umwaka zimaze mu ntambara.
Ibiganiro ataco bishikako
Incuti za Israel zirongowe na Amerika, ntizashaka ko intambara ya Israel na Hezbollah ishika kure, kandi ntizishaka ko Israel itera Libani.
Zishimangira ko inzira y’ibiganiro ari yo yonyene ishobora gutuma ku rubibe haboneka umutekano kugira ngo abasivire basubire mu vyabo ku mpande zompi.
Intumwa ya Amerika irabandanya itegura amasezerano, ku gice kimwe ashingiye ku cemezo ca 1701 c’Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi, ari naco cahagaritse intambara ya 2006.
Ariko abahagarariye ibi biganiro ntiborohewe mu gihe ata masezerano yo guhagarika intambara arashikwako muri Gaza.
Hassan Nasrallah avuga ko Hezbollah izohagarika ibitero vyayo kuri Israel igihe intambara yo muri Gaza izoba ihagaze. Muri iki gihe, yaba Israel canke Hamas, nta ruhande na rumwe rwiteguye kugira ico ruhevye kugira ngo habe amasezerano yo guhagarika intambara no kuguranya abanya-Israel bafashwe bugwati n’impfungwa z’Abanyapalestina.
Mu gihe ibitero vyo mu kirere vya Israel bibandanya kuri Libani, abasivire bari basanzwe bari mu kibazo co gutunga imiryango yabo bari mu makuba atagira izina.
Hari ubwoba no ku rundi ruhande rw’intambara. Abanya-Israel barazi ko Hezbollah ishobora kubakorera amabi asumba ayo imaze umwaka wose ibakorera.
Israel ifata ko hageze gukaza akagozi no gutinyuka, mu gutuza Hezbollah kugira iyisunikire kure y’urubibe rwayo.
Ariko ihanganye n’umwansi atagugumwa, afise ibirwanisho bikwiye kandi yuzuye uburakari.
Iki ni co gihe gikomeye gusumba Israel igezemwo inyuma y’umwaka wose imaze mu ntambara kuva Hamas iyiteye, kandi gushika ubu nta kintu na kimwe kiriko kirabuza ko ibintu biyangara.











