Kugabisha Uburengero ni kimwe mu vyaranze ibirori vy’Umusi w’Intsinzi mu Burusiya

Idefire ya gisirikare yitiriwe Umusi w’Intsinzi uno mwaka yari itandukanye n’iyisanzwe imenyerewe mu Burusiya.

Umuntu yohava yibaza ko ari ukubera igihe c’ubukonje budasanzwe.

Hari abasirikare 9.000 bonyene bari kuri yo muri iki kibanza. Vyari ibirori bikomeye, ni vyo, ariko mu myaka y’imbere y’aha, ibitigiri vyari hejuru cane.

Nta birwanisho vyerekanywe, uretse ubwoko bumwe gusa, ubu nabwo ni ubwa ca kimodoka kitamenwa n’amasasu, co mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti, kizwi nka T-34.

Ariko gusa, hari ibintu vyinshi vyari bishingiye ku ntambara y’Uburusiya muri Ukraine. Mu bari bahari, hari abasirikare bahoze barwana muri ico gihugu.

Mw’ijambo ryiwe muri ivyo birori, Perezida Vladimir Putin yagize ati: “Duhimbaje uno musi w’intsinzi mu gihe turi mu gikorwa kidasanzwe ca gisirikare. Abari muri iki gikorwa ku rugamba ni incungu zacu”.

Mu misi iheze, Uburusiya bwaragirije ibihugu vy’Uburengero, harimwo Ubwongereza n’Ubufaransa, gutera ubwoba Uburusiya. Perezida Emmanuel Macron ntashira inyuma irungikwa ry’ingabo zirwanira hasi muri Ukraine.

Mu birori vy’ejo, Vladimir Putin yaragabishije Uburengero. Yashizeko nayandi majambo yo kugabisha ko n’ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara bidashobora gushirwa ku ruhande.

Ati: “Uburusiya buzokora ibishoboka vyose kugira ngo ntihaduke intambara y’isi yose. Ariko aho nyene, ntituzokwigera twemerera uwo ari we wese kudutera ubwoba. Ingabo zacu zikoresha ibirwanisho vy’ubumara ziryamiye amajanja”.

Ku butegetsi bwa Vladimir Putin, Umusi w’Intsinzi ni umusi nyamukuru ku Burusiya uhuza bose.

Hampande yo kwibuka intsinzi y’Abasoviyeti ku ba Nazi b’Ubudagi, ni akanya kwo kwibuka abanyagihugu b’abasoviyeti barenga imiriyoni 27 bishwe muri iyo ntambara yiswe Intambara nkuru yo kurwanira agateka k’igihugu.

Ariko mu nzira nyinshi, Umusi w’Intsinzi si umusi ujanye na kahise gusa. Ni umusi werekeye Uburusiya ubu.

Nimba iki gihugu uno musi gifise iciyumviro ico ari co cose gishira imbere y’abanyagihugu, ni iciyumviro c’intsinzi. Abarusiya ntibahengeshanya kubwirwa ko kuva muri kahise igihugu cabo camye giterwa n’abansi bava hanze – nka Napoleon and Hitler – ari ko ko camye gitsinda intambara zose.

Ubu, abategetsi b’Uburusiya ntibibuka kahise gusa. Baragakoresha nk’ikirwanisho mu kugerageza gusigura ibiba muri kubu.

Bashaka ko abanyagihugu b’Uburusiya bafata ko intambara yo muri Ukraine ari intambara ya kabiri y’isi yose ibandanya, kugira ngo Abarusiya batahure ko abansi bo hanze basubiye gutera igihugu cabo kugira ngo bagisambure. Abansi ba kino gihe – Ukraine n’Uburengero.

Ariko, ukuri badashaka ko kumenyekana ni uko mu 2014 Uburusiya ari bwo bwihagiye akarere ka Crimée/Crimea kegukira Ukraine bwongera bwinjira gufasha inyeshamba za Ukraine zarwanira mu karere ka Donbas. Ni Perezida Putin kandi yagomoreye ingabo kuri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.