China: Nyamugigima yahitanye abantu mu gisagara ca Chengdu kiri muri guma mu rugo

Habaye Nyamugigima y'igipimo ca 6.6 mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubushinwa, gihitana bantu boba bashika indwi.

Iyo Nyamugigima yadutse isaha 13:00 zo mu Bushinwa (05:00GMT) mu ntara ya Sichuan gushika ku birometero 10 uja mu kuzimu.

Yagize ingaruka ku mihora y'itumatumanako n'imisozi irabomoka yonona vyinshi nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.

Abantu imiliyoni 21 baba ku mugwa mukuru wa Sichuan, Chengdu baherukwa gutegekwa ku guma mu rugo kubera amategeko yo kwirinda Covid.

Imbizi y'iyo Nyamugigima yari i Luding, igisagara kiri ku musozi w'akarere ka kure, kari ku birometero 226 mu bumanuko bwa Chengdu, nk'uko bivugwa n'ikigo c'Ubushinwa kijejwe kugenzura Nyamugigima.

Nyamugigima yanyiganyije amagorofa a Chengdu no mu bindi bisagara bihegereye, bisiga bisambuye amabarabara, bica intsinga zo gutumatumanako mu turere tubamwo abantu 10.000, nk'uko bivugwa n'imboneshakure y'igihugu CCTV,

Umuhindo wayo wanatumye bimwe mu bigo bitanga umuyagankuba vyugara mu turere twa Garze na Ya'an, nk'uko vyamenyeshejwe na radio y'igihugu.

Abajejwe gutabara barenga 500 bakwiragijwe ahatanguriye iyo Nyamugigima, mu gihe abakozi bariko barakura ibivu vyavuye ku misozi yabomotse, nk'uko bivugwa na radio y'igihuku CGTN.

Ababa i Chengdu bavuga ko babonye abantu bariko barahunga bava mu mazu ari hejuru n'ubwoba bwinshi inyuma yo kugabishwa ku matelefone ngendanwa ko hagira habe Nyamugigima.

Laura Luo umuhinga yigenga muvya Nyamugigima yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ati:"Hari abntu benshi bari batekewe n'ubwoba baca batangura gukoma induro."

Igihe umutingito watangura, "mbwa zose zaciye zitangura gukuga. Vyari biteye ubwoba cane."

Chen, umunyagihugu w'i Chengdu yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya AFP ati:"Bamwe mu babanyi banje baba hasi ku magorofa bavuze ko bumvise umutingito cane."

"Ariko kubera Chengdu iri mu mategeko ya guma muhira kubera coronavirus, abantu ntibemerewe kuva mu mpangu zabo, benshi rero birukiye mu ngo z'amazu yabo."#

Chengdu ni co gisagara giherutse kugarwa n'abategetsi b'Ubushinwa ku musi wa gatanu, mu kugerageza gukumuri iyongerekana ry'abagwayi ba Covid.

Ibi bishitse inyuma y'aho iyindi Nyamugigima y'ibipimo vya 6.1 yadukiye i Sichuan mu kwezi kwa gatandatu. Sichuan n'akarere kagwiriyemwo Nyamugigima, kuko ako karere kari ku mpera y'inkengera y'ikiyaya ca Qinghai-Tibetan.

Ibi vyago kandi bije kwibutsa Nyamugigima y'igipimo ca 8.0 cabaye mu karere ka Wenchuan mu buraruko bushira uburengero bwa Sinchuan mu 2008, yahitanye abantu 70.000 isambura n'ibintu vyinshi.