Ibimaze kumenyekana kuri nyamugigima yadutse muri Afghanistan

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati y'ubutegetsi bw'aba Taliban, bumenyesha ko abantu batari munsi ya 800 ari bo bamaze kumenyekana ko basize ubuzima muri nyamugigima yadutse muri Afghanistan ku mugoroba wo kuw'Imana, abandi 2000 barakomereka, nayo abagera ku 12000 bikekwa ko bagizweko ingaruka n'iyo nyamugigima.

Imirindi y'iyo nyamugigima yaturutse ku km8 amaja kuzimu, yumvikana gushika kuri km400 muri Pakistan, aho yahereye kuri km27 vy'umuji wa Jalalabad, umuji ugira 5 muri ico gihugu.

Biracagoye kumenya ivyononekaye vyose uko bingana, canke abaguye muri iyo nyamugigima bose uko bangana, kubera aho yabereye hagoye gushika kandi na terefone zidashikayo neza.

Biravugwa ko intara ya Kunar ariyo yababaye gusumba ahandi.

Ibikorwa vyo gutabara biragoye, kubera ibice bigera ku 90% vyaho birimwo imisozi mire mire. Amabarabara ajana ahababaye kuruta ahandi ni matoya cane mu bwaguke, ayandi yazibiwe n'ibihomoka vyatewe n'iyo nyamugigima nyene, yari ifise ubukomezi bwa 6.0 ku rugero rwa ritchter.

Aka karere kakozweko na nyamugigima kari gasanzwe mu kaga k'imvura yadutse mu mpera z'indwi yaraye irangiye.

Ubutegetsi bw'aba Taliban burasaba amashirahamwe y'abanyamahanga n'abandi bose bashoboye gutabara, cane cane mu gutanga za kajugujugu zofasha gushika ahabereye iyo nyamugigima.

Ababa muri utwo turere bavuga ko bakomeje kwumva imirindi yisubiriza ahaciye iyo nyamugigima, umwe muri bo yabwiye BBC ko amaze guharura iyigera kuri 13, mu gihe abaharurwa mu majana baraye mu gahinga batinya kuguma mu mazu ngo ntabasenyukireko.

Uyo mugabo w'imyaka 28 yabwiye BBC ati: "Sinari bwabone nyamugigima ikaze kungana iyo mu buzima bwanje bwose".