Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umushikiranganji wa mbere wa Tanzania yatangaje abantu mu gukinjura mu matora yimirije
- Umwanditsi, Wycliffe Muia & Alfred Lasteck
- Igikorwa, BBC News, Nairobi & Dar es Salaam
Umushikiranganji wa mbere wa Tanzaniya, Kassim Majaliwa, yatangaje ko atazosubira kwitoza mu matora y'abashingamateka yimirije, ibituma azoca atakaza uwo mwanya muri leta.
Majaliwa yari yavuze mbere ko azarondera kugumana intebe yiwe mu nama nshingamateka ku ncuro ya kane muri Gitugutu(10), imbere yo gutangaza muri ubu buryo butari bwitezwe ejo kuwa Gatatu, ko atazokwitoza.
Uyu mugabo w'imyaka 64 yagizwe umushikiranganji wa mbere mu 2015, kandi yagaragara nk'uwari gusubirira nyakwigendera Perezida John Magufuli inyuma y'urupfu rwiwe mu 2021.
Yabandanije akazi kiwe muri ico kibanza ku butegetsi bwa Perezida Samia Suluhu Hassan, ashaka kuzosubira kwitoza mu mwanya wa perezida kw'izina ry'umugambwe uri ku butegetsi Chama Cha Mapinduzi (CCM).
Majaliwa, ahagarariye akarere ka Ruangwa ku nkengera z'ibahari kuva mu mwaka wa 2010, yavuze ko arongowe n'Imana muri ico cemezo ciwe kandi ko yabikoze abitumwe "n'umutima mwiza".
Majaliwa ati: "Igihe kirageze co guha abandi amahirwe yo kuza bagaterera umuganda ku mushinge w'iterambere twashizeho."
Ibi bije inyuma y'indwi imwe Majaliwa avuze ko azorondera iyindi manda mu nama nshingamateka.
Yari yabwiye abanyagihugu ba Ruangwa muri Nyakanga ko azosubira kwitoza kandi, kuba yakuyemwo akarenge vyatumye haba ukunuganuga ko hoba hari ikibazo co kurwanira ubutegetsi imbere mu mugambwe uri ku butegetsi CCM.
Majaliwa yavuze ko azabandanya kuba mu burongozi bw'umugambwe CCM kandi ko ashigikiye icifuzo ca perezida Samia co kwongera kwitoza.
Muri Tanzaniya, umushikiranganji wa mbere ni we ayobora ibikorwa vya leta mu nama nshingamateka, kandi agenwa na perezida amukuye mu bashingamateka baba batowe.
Majaliwa abonwa nk'umuyobozi yitonda ariko ashikamye, ashimirwa ko yahinduye buhoro buhoro mu bwitonzi inzira ya politike inyuma y'urupfu rwa Magufuli.
Uyu yahoze ari umwarimu yahavuye aba umuntu akomeye mu mugambwe CCM wayoboye Tanzaniya kuva mu 1977. Yabaye icegera c'umushikiranganji ku butegetsi bwa Perezida Jakaya Kikwete.
Uku gukura meza kwiwe gukurikira uwari icegera c'umukuru w'igihugu Philip Mpango, muri Rusama(5) yatangaje ko avuye muri politiki.
Abihweza utuntu n'utundi bavuga ko ugukinjura kw'aba banyepolitike bompi bakuru biha Perezida Samia umwanya wo kurushaho kugenzura CCM no gutegura umurongo mushasha w'ubuyobozi bwa manda yiwe ya kabiri.
Umushakashatsi muri politike, Nicodemus Minde, yatangarije BBC ko iki cemezo gishobora kuba kiri mu mugambi wa Samia wo gushira mu gaciro ibijanye n'uburinganire kw'isonga rya leta yiwe, aramutse atsinze amatora kuko bompi ari Aba isilamu mu gihugu gifise abakristu benshi.
Uwundi musesenguzi, Ezekiyeli Kamwaga, yagize ati: "Hategerezwa kuba hari ikintu camuteye guhindura ivyiyumviro vyiwe vyo kwongera kwiyamamariza uwo mwanya. Amaze imyaka 10 ari umushikiranganji wa mbere, kumbure yumva ko bihagije".
Igihugu cimirije amatora y'abashingamateka na perezida, biritezwe ko CCM izogumana ubutegetsi. Umugambwe kizigenza mu yitavuga rumwe n'ubutegetsi, Chadema, wabujijwe kuja muri ayo matora kubera ko wanse gushira igikumu ku mabwirizwa ngenderwako kuko wifuza ko hari ibihinduka mu gutunganya amatora.
Agishikira ubutegetsi, perezida Samia yarashimagijwe kubera yakuyeho inzitizi zari zarashiriweho abatavuga rumwe n'ubutegetsi n'itangazamakuru, ku butegtsi bwa Magufuri, ariko Samia yaneguwe kuvyo amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu abona ko ari igitugu gishasha. Yagiye ku butegetsi mu 2021 inyuma y'urupfu rwa Magufuli, aho yabaye perezida wa Tanzania wa mbere w'umugore.
Abanyapolitike bakuru b'umugambwe Tchadema barahagaritswe abandi bantu benshi batavuga rumwe n'ubutegetsi baranyuruzwa baricwa.
Kuri uyu wa kane, leta yiyamirije amakuru y'umugambi wo kuroga umuyobozi wa Chadema, Tundu Lissu, aregwa icaha c'ubuhemu mu butungane.
Yakurikiranye impungenge zagaragajwe na Chadema ku bijanye n'umutekano wa Lissu igihe yari mu maboko y'igipolisi.
Ariko mw'itangazo ryayo, umuvugizi wa leta, Gerson Msigwa, yavuze ko abategetsi ba Tanzania "batigeze bagira umugambi wo kuroga umuntu uwo ari we wese apfunzwe, canke ko ata mugambi bafise wo kugirira nabi umuntu uwo ari we wese".
Msigwa yagabishije ko leta izofatira ibihano abagize uruhara mu gutangaza no gukwiragiza amakuru "y'ibinyoma".
Leta ya Samia irwanira guhasha abatavuga rumwe n'ubutegetsi mu ntumbero yo kubungabunga amahoro mu gihugu.