Tanzania: Samia Suluhu ati '2025 tuzotora umukuru w'igihugu w'umukenyezi'

Umukuru w'igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan avuga ko abagore bazoshira ku butegetsi umukenyezi mu matora yo mu 2025.

Samia ati: "Batanguye kudusotora bandika mu binyamakuru ngo Samia ntazokwitoza, ni nde yabibabwiye…?

Samia yarahiriye kuba umukuru w'ico gihugu ku wa 19 z'ukwa gatatu uno mwaka wa 2021 inyuma y'urupfu rw'uwari umukuru w'igihugu John Pombe Magufuli.

Mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe intwaro rusangi kw'isi vyabaye ejo kuwa gatatu mu gisagara ca Dar es Salaam, Perezida Samia yavuze ko kubona igihugu gitwarwa n'umukenyezi muri kino gihe yabaye integuro y'Imana hamwe hamwe n'ibitegekanywa n'ibwirizwashingiro.

Ati: "Ico twebwe, bashiki bacu na ba mama bacu twakoze kwabaye ugukora uko dushoboye kwose dushikana umugore mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu, iyi niyo ntererano nyamukuru twakoze, ariko rero gushika ubu iyo itaba integuro y'Imana, vyari kuba ibintu bigoye cane".

"Rero bagenzi nitwakora neza, tuzotora umukuru w'igihugu w'umukenyezi mu 2025. Ni twafatana mu nda, tugashiraho umukuru w'igihugu wacu, tuzohurira hano nyene turyohewe cane. Batanguye kudusotora, bandika ngo Samia ntazokwitoza, ni nde yabibabwiye".

"Niba ubuntu bw'Imana buje mu biganza vyawe ntubwirengagize, ubu ni ubuntu bw'Imana bagenzi. Abagore baritanze cane mu kurwanira ukwikukira kw'ibi bihugu, abagore twarakoze cane muri poritike z'ibi bihugu, twarikoreye abagabo muri poritike z'ibi bihugu, uno musi Imana yashize imihezagiro mu minwe yacu".

Nk'uko ibwirizwashingiro rya Tanzania ribitegekanya, iyo umukuru w'igihugu apfuye akiri ku butegetsi, icegera ciwe niwe aca amusubirira.

Bamwe mu bavuganye na BBC babona ko aya majambo yaraye ashikirijwe na Perezida Suluhu ahagaritse urunwarunwa rwari rumaze imisi ruvuga ko Samia Suluhu adashobora kwitoza, ariko hari abandi babibona ukundi.

Dick Balagasi wo mu ntara ya Mbeya iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzania, avuga ko ivyo Perezida Samia yaraye ashikirije ku bijanye no kwitoza vyashize ahabona integuro yiwe, kandi ko n'abo basangiye umugambwe bagiye kubaho bazi ko azokwitoza.

At: "Eka mbere no mu mugambwe wiwe, ivyo yavuze binumije abahora biyumvira ko atazokwitoza, bikazotuma atawusubira kumugora".

Na Dawudi Mayenge w'i Mwanza niko abibona, akavuga ko amahirwe ya Samia Suluhu ari uko ari umunyaporitike abifisemwo uburambe.

Hagati aho, uwundi atashatse ko izina ryiwe rimenyekana abona ko atari akwiye kwitoza kuko kubw'iwe, kuva ashitse ku butegetsi asubiriye uwari umukuru w'igihugu, hari ibintu vyinshi bitariko biragenda neza mu gihugu ugereranije n'ingene vyari bimeze ku butegetsi bwa Magufuli.

Ati: "Biraboneka neza ko hari ikintu co kurwanya ivyo yakora vyose".

Perezida Samia Suluhu Hassan yahawe udushimwe dutandukanye n'amashirahamwe atandukanye y'abakenyezi muri ico gihugu, nk'ukumushimira ku ntererano yiwe mu guhagararira inyungu z'abakenyezi.