Umwamikazi Elizabeth atanguye urugendo rwa nyuma, abanyagihugu baramwunamira

Urugendo rwa nyuma kandi rubabaje rw’Umwamikazi Queen Elizabeth II w’ubwongereza rwatanguye kuri uno wa Mungu, ikiziga ciwe kikaba kivanywe i Balmoral kijanwa ku kirimba c’umwami ca Holyroodhouse muri Edinburgh.

Ibihumbi n’ibihumbi baratonze ku mabarabara mu kwunamira ubwa nyuma umwamikazi.

Iyi niyo ntambwe ya mbere y’ibikorwa vyo kumushingura vyitezwe mu ndwi iza i Londres/London.

Ikiziga kigenda bukebuka n’imodoka gushika Edinburgh uburebure bw’ibirometero 280.

Gicishwa mu bibanza bitandukanye kuva Aberdeen, Dundee, na Perth, uru rukaba ari urugendo ruza kumara amasaha atandatu.

Kiza gushikanwa i Holyroodhouse – ingoro y’Umwami w’Ubwongereza ku mugwa mukuru wa Ecosse/Scotland – kikaza gushirwa mu cumba kidasanzwe.

Ku muhingamo w’ejo ku wa mbere, hazoba ikigandaro mw’Isengero nkuru yitiriwe Umweranda Giles, kizokwitabirwa n’umuryango w’i bwami.

Isandugu izohamara amasaha 24, kugira ngo abantu bashobore kumwunamira ubwa nyuma.

Umusi uzokurikira Umuganwakazi Anne azoherekeza ikiziga ca nyina wiwe mu gihe kizoba gitwawe n’indege i Londres. Isandugu y’ikiziga c’Umwamikazi kizovanwa ku kibuga c’indege ca Edinburgh ijanwe i Buckingham n’indege gigishijwe ku kibuga c’indege ca RAF Northolt.

Ku wa gatatu, ikiziga c’Umwamikazi kizojanwa mu ngoro ya Westminster (Westminster Hall) inyuma gatoya y’isaha umunani z’umuhingamo, urugeno ruzomara iminota yaba 40, abanyagihugu bakazoronka akaryo ko kumwunamira muri uru rugendo. Niho kizoguma imbere yo gushingurwa.

Umwamikazi azoshingurwa ryari?

Ibirori vyo gushingura umwamikazi Elizabeth bizoba ku wa mbere igenekerezo rya 19 Nyakanga (9), 2022 mw’isengero Westminster Abbey, nk’uko itangazo ryasohowe n’ikirimba ca Buckingham ribivuga.

Uru rusengero ni urusengero rudasanzwe kuko niho abami n’abamikazi bimikirwa, harimwo n’uyu Mwamikazi nyene mu 1953, rukaba ari narwo rwabereyemwo ubugeni bwiwe n’Umuganwa Philip mu 1947.

Nta birori vyo gufuba umwami vyari bwigere bibera muri uru rusengero kuva mu kinjana ca 18, n’aho ibirori vyo gushingura nyina w’uyu Mwamikazi ari ho vyabereye mu 2002.

Abakuru b’ibihugu bavuye mu bihugu bitandukanye vy’isi bazofata urugendo bagiye kwifatanya n’umuryango w’I bwami kwibuka ubuzima bw’umwamikazi n’ibikorwa vyiwe.

Abanyaporitike bakomakomeye n’abahoze ari abashikiranganji ba mbere b’Ubwongereza nabo nyene bazokwitabira ibi birori. Ibirori bizotangurwa no kuvana isandugu y’ikiziga c’umwamikazi mu cumba ca Westminster itwarwe mu Rusengero rwa Westminster mu modoka y’igisata ca gisirikare kirwanira mu mazi.

Inyuma y’ibi birori, ikiziga kizovanwa i Westminster Abbey kijanwe ahitwa Wellington Arch, ari naho kizovanwa kigatwarwa gushingurwa i Windsor.